Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 16)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

INDWI NYERANDA: Ukwinjira kw’Umukama i Yeruzalemu

Ivyo basoma mu mwaka «A» twaravynditse mu gihimba cagenewe umwaka «A» nyene. Aha tugira tuhandike ivyagenewe umwaka «B». iyi Nkuru Nziza tugira ngo dutangurireko, murazi ko ari iyisomwa imbere y’Ukwinjira mw’isengero.

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (11, 1-10)

Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama

RameauxImisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu n’abigishwa biwe bari begereye Yeruzalemu, hafi ya Betifage na Betaniya, amaja ku Gasozi k’Imizeti. Yezu arungika babiri bo mu bigishwa biwe, ababwira ati : « Nimugende mu kigwati kiri aho imbere yanyu, mupfa kuhagera, muhasanga indogobwe ikiri nto, iziritse, ata muntu n’umwe arigera agenderako. Muyiziture, muyinzanire. Na ho nihagira uwubabaza ati : « Muyiziturira iki ? », muramwishura muti : « Umukama ni we ayikeneye, kandi ntateba kuyibarungikira aho nyene. »

Baragenda rero, basanga indogobwe iziritse iruhande y’urugi, hanze ku kayira, barayizitura. Hanyuma bamwe mu bari aho bababwira bati : « Muzituriye iki iyo ndogobwe ? » Babishura uko Yezu yari yavuze, na bo barabareka barayizitura. Bazanira rero nya ndogobwe Yezu, bayisasako imitamana yabo, Yezu na we ayicarako. Ni uko rero, abantu benshi basasa imitamana yabo mu nzira, abandi na bo basezera mu nzira bakoresheje amashami baca mu mirima. Abari imbere n’abari inyuma barahanirana bati : « Hozana ! Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama ! Iragahezagirwa ingoma ya sogokuru Dawudi ishitse ! Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa ! »

CANKE

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (12, 12-16)

Imisi mikeyi imbere y’umusi mukuru wa Pasika, ishengero ryinshi cane ry’abari baje ku misi mikuru, ryumvise ko Yezu yaje i Yeruzalemu, rifata udushami tw’ibisanda, rirashwabaduka ngo rimusanganire, riza rirasemerera riti : « Hozana ! N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama, ari we Mwami w’Israyeli ! »

Yezu na we aronse umukurira w’indogobwe, arawicarako, nk’uko vyanditswe ngo :
« Ntutinye, mwigeme wa Siyoni,
ng’uwo umwami wawe araje
yicaye ku mukurira w’indogobwe. »
Abigishwa biwe ntibashoka babitegera, yamara aho Yezu amariye kuninahazwa, baributse ko vyari vyaranditswe, kandi ko ari vyo bamugiriye.

IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwâka B)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 5 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 31-34)

Nzoshinga isezerano rishasha kandi sinzoba ncibuka igicumuro cabo

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Hagiye kuza imisi nzogiranira isezerano rishasha n’umuryango wa Israeli n’uwa Yuda. Iryo sezerano ntirizosa n’iryo nagize hamwe na ba sokuru babo wa musi nabafata ukuboko kugira ngo ndabakure mu gihugu ca Misiri. Iryo sezerano ryanje ni bo batarikurikije, n’aho ari je mbagaba.

Ng’iri isezerano nzogiriranira n’inzu ya Israeli iyo misi irangiye : – ni iryavumerewe n’Umukama.
Nzobashiramwo itegeko ryanje, ndaryandike mu mutima wabo. Nzoheza rero mbe Imana yabo, na bo babe igihugu canje. Ntibazoba bacirirwa barigishanya babwirana ngo : « Menya ubuhinga bw’Umukama ! » Bazomenya bose kuva ku bato gushika ku bakuru ko ari Umukama yabitangaje : kuko nza kubarekurira ubuyobe bwabo, nongere simbe ncibuka igicumuro cabo.

IZABURI 50 (51), 3-4. 12-13. 14-15

Icit : Duhe, Mukama, umutima mushasha.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Abandi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebereyi (5, 7-9)

Ubugamburutsi bwiwe bwabaye isôko ry’ubukiriro budahera

Kristu, mu gihe yari akiri kw’isi, amaze guhereza ibisabisho n’amarira menshi, ataka atakambira Uwashobora kumukiza urupfu, yarumviwe kubera ubweranda bwiwe. Vyongeye, n’aho yari Umwana w’Imana, kubera ayo makuba, yamenyeyeho kugamburuka. Amaze gushika mu bigero, yarabereye abamwumvira bose isôko ry’ubukiriro budahera.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Uwushaka kunkorera n’ankurikire ;
bitayeko, aho ndi ni ho n’uwunkorera azoba. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (13, 20-33)

Urutete rw’ingano rugwa mw’ivu ngo rupfe, ni ho rwera vyinshi

Abari baduze i Yeruzalemu gusenga ku misi mikuru, harimwo Abagereki bamwe. Begera Filipo yari Umunyabetsayida mu Bugalile, bamubwira bati : « Mugenzi, turashobora kubona Yezu ? » Filipo aragenda kubibwira Andreya, hanyuma Andreya na Filipo bagenda kubibwira Yezu. Yezu arabishura ati : « Isaha yageze, aho Umwana w’umuntu aza kuninahazwa. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, na ho iyo rupfuye rwama vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba abutaye, na we uwubwanka kuri iyi si, aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire ; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera, Dawe azomutera iteka. Ubu, umutima wanje urahugumbwa ; mvuge ngw’iki ? Nti : ‘Dawe, nkiza iki gihe’ ; kandi ari co gituma ndagishikiriye ! Dawe, ninahaza izina ryawe ! »

Haza rero ijwi mw’ijuru riti : « Nararininahaje, mbere nzokwongera kurininahaza. » Igihugu cari aho kivyumvise, giti : « Ni umuturagaro ! » Abandi bati : « Ni umumarayika amuyagiye ! » Yezu arabishura ati : « Iryo jwi mwumvise ntiryagenewe jewe, ryagenewe mwebwe. Ubu, iyi si ni ho iciriwe urubanza ; ubu niho umwami w’iyi si aza gutabwa hanze. Nanje ninamara kumanikwa, abantu bose nzobiyegereza.»
Ivyo yabivuga ngo arange uruzomwica.

IDOMINIKA YA 4 YO MU KAREMA (Umwâka B)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vyIdominika ya 4 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Ukwibutsa ivyabaye (36, 14-16. 19-23)

Ishavu n’imbabazi Umukama afitiye igihugu ciwe

Ku ngoma y’umwami Sedesiyasi, abakuru bose b’abasaserdoti be n’ishengero ry’abantu bagize ububegito bwinshi, bakaja mu bizira vyose vy’ubuyobe bw’abapagani, bakanduza igisengero ca Yeruzalemu Umukama yari yigiriye ceranda. Umukama Imana ya ba Sokuruza, abatumako intumwa ziwe, akama azindurwa uko bukeye n’ukubatuma, kuko yatewe ikigongwe n’abantu biwe be n’ingoro yiwe. Ariko, bagashinyaguriza izo ntumwa z’Imana, bagakengera amajambo yayo, bagatwenga abahanuzi bayo, gushika aho ishavu ry’Umukama ryaguye ku bantu biwe, ritagishobora kugarurwa. Maze, Abanyababiloni baturira ingoro y’Imana, basenyura n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yeruzalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bahonya n’ivyiza vyaho vyose. Abacitse bagakira inkota, umwami Nabukodonosori abajana i Babiloni, abagira abaja biwe n’ab’abahungu biwe, gushika igihe Abapersi bashikiriye ingoma : kwari ukugira ngo ijambo Umukama yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike : « Igihugu cose kizoba amatongo imyaka mirongo indwi yose, gushika aho kizoba cishuye amasabato yose bari bononye. »

Hanyuma, mu mwaka wa mbere Siro umwami w’Ubupersi agiye ku ngoma, Umukama akabura umutima wiwe, kugira ngo ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Ni uko rero, Siro ashinga iri tangazo mu gihugu ciwe cose, aranaryandika ngo : « Ng’iri irivuzwe na Siro, umwami w’Ubupersi : Umukama Imana Nyenijuru yangabiye ibihugu vyose vyo kw’isi, kandi yanshinze kumwubakira ingoro i Yeruzalemu mu Buyudeha. None umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Umukama Imana yiwe n’abane na we, yongere uwo muntu aduge i Yeruzalemu. »

IZABURI 136 (137), 1-2. 3. 4-5. 6

Icit : Ninaramuka ntakwibutse,
         ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !

Iruhande y’inzuzi za Babiloni twari twicaye,
turira mu kwibuka Yeruzalemu ;
inanga zacu twari twazimanitse
ku biti bitonze kuri izo nzuzi.

Abandi bari baducungiye hano batwinginga
Ngo tubaririmbire uturirimbo turora ku Mana ;
abatugenza nabi badusaba kunezerwa,
bati : « Duterere utuvyino turora kuri Siyoni. »

Mwumva twari gutera utuvyino tw’Umukama,
turi kw’isi itari rwacu !
Ninaramuka ndakwibagiye, Yeruzalemu,
ukuboko kwanje kw’iburyo kuragaca kwuma buhehe !

Ninaramuka ntakwibutse,
kandi ineza ngufitiye ntisumbe izindi,
ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi (2, 4-10)

Inema y’Imana ni yo yadukijije

Ncuti zanje,
Imana ni Nyenikigongwe. Kubera rwa rukundo rwinshi yadukunze, aho twari tukiri abapfu bishwe n’ibicumuro, – muba mukize noneho kubera ubuntu bwayo gusa, – kandi yatuzuranye na we, itwicarika na we mw’ijuru turi muri Kristu Yezu, kugira ngo yerekane mu myaka izoza itunga ry’agahebuza ry’inema yayo mu kutugirira imbabazi muri Kristu Yezu. Koko, ubuntu bwayo ni bwo bwatumye mukira kubera ukwemera ; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana ; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n’umwe yishimagiza. Na none, turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristu Yezu, ngo dukore vya bikorwa vyiza Imana yaduteguriye ngo tubigenderemwo.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege,
uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (3, 14-21)

Imana yaratumye Umwana wayo gukiza isi

Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Moshe yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.

Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi.

Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
Urwo rubanza ni uru : Umuco waraje kw’isi, maze abantu bikundira umuzimagiza ha gukunda Umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Na none, uwukora akabi wese yanka Umuco, kandi ntiyegera Umuco, kugira ngo ibikorwa vyiwe vyoye guseruka ; uwukora ukuri we aregera Umuco, kugira ngo kabe akarangabwami k’uko ibikorwa vyiwe ari ivyakorewe mu Mana. »