Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 17)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

KUWA GATANU MWERANDA: Ugushemeza ukubabara kw’Umukama.

La Passion de Jésus-Christ

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 52, 13-53, 12

(Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa)

Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza !
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
niko azotangaza n’amakungu :
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa,
kuko bazoba babonye ibitaraboneka,
bagatamarira ikitari bwavugwe kw’isi.

Ni nde yokwemera ivyo twumvise bavuga ?
Ububasha bw’Umukama ni nde yabuhishuriwe ?
Mu maso y’Imana, uwo musuku yakuze nk’imbuto yanse,
yashinze imizi mw’isi yagadutse ;
nta bwiza, nta marabwa twǎmubonyeko,
nta kintu twǎmusanzeko kidutuma tumutangarira.
Bose bǎramugaya, nta wamuha nirwere,
yaremeye amagorwa,
ameze nk’umunyamibembe bakubita ijisho bagaca bamuhunga ;
twaramumenye, tumufata nk’uwutaco amaze.

Ariko yari amagorwa yacu yikoreye,
yari amaganya yacu amurembeje.
Natwe tukagira ngo ni Imana yamuhanye,
ngo ni Yo yamukubise, yamutetereje ;
ariko ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa,
akabi kacu ni ko kamuvunaguye.
Igihano caduciriye amahoro ni we caguyeko,
inguma ziwe ni zo zadukijije.

Twese twari twasanzaye nk’intama zitagira umwungere,
umw’umwe wese yaca mu nzira yisangije ;
ariko Umukama yamurunzeko amabi yacu,
ibicumuro vya twese uko tungana.
Baramugiriye nabi,
na we yicisha bugufi, arihorera ;
kurya kw’umwagazi bashoye mw’ibagiro,
kurya kw’intama umengo ni ikiragi imbere y’abayikura ubwoya,
ntiyakûye ururimi mu kanwa.

Baramufashe, bamukwega mu rubanza ;
ni nde ababaye kumuburanira ?
Baramukuye kuri iyi si y’abazima,
baramukubita gushika apfe,
azira ibicumuro vy’igihugu ciwe.
Bamuhamvye hamwe n’inkozi z’ikibi,
uruhafu rwiwe barwimba iruhande y’urw’abakire ;
ariko nt ana rimwe yari bwigere arenganya umuntu,
nta kinyoma cari bwigere kimuva mu kanwa.

Umukama yashatse kumuvunaguza amagorwa.
Ariko niyitanga akabera abandi incungu,
azoramutswa n’abuzukuruza, azoramba :
kubera we, ishaka ry’Umukama rizoranguka.
Ayo magorwa yose yabonye azohinduka akanyamuneza,
azohimbarwa, aronke ivyo yipfuza vyose.

Kubera ko yemeye akababara,
iyo ntungane, uwo musavyi wanje azokiza abantu isinzi,
azokwiremeka ibicumuro vyabo.
Nico gituma nzomugabira amakungu,
azotorana amatungo y’abafise ububasha,
kuko yitanze we nyene atiziganya gushika apfe,
agaharurwa mu banyakabi,
naho kwari ukwiremeka ibicumuro vya benshi,
naho yariko aratakambira imbabazi abanyakabi.

Izaburi 30 (31), 2. 6. 12-13. 15-16. 17. 25

Icit : Dawe, ndaguhereje umutima wanje.

Mukama, ni Wewe mahungiro yanje :
urankiza kubera ubutungane bwawe.
Mu minwe yawe, niho nshize umutima wanje ;
ni Wewe Mucunguzi wanje, Mukama.

Nacitse nk’agahabwa kubera abampama,
abagenzi bandǎba bagatinya ;
bambonye mu nzira,
bagata bagahunga.
Nsigaye ncuzwa nk’uwapfuye,
ndi ikintu c’igihûmé.

Nanje nizeye Wewe, Mukama,
naravuze nti : « Ni Wewe Mana mfise !
iminsi yanje iri mu kuboko kwawe,
n’unkize ukuboko kw’abansi bampama. »

inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe,
unkize kubera urukundo rwawe !
Mwese, abizigiye Umukama,
nimuhumure, musubize umutima mu nda.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebreyi : 4, 14-16 ; 5, 7-9

(Yaragamburutse kandi yarabereye abamugamburukira bose isôko ry’ubukiriro)

Ncuti zanje,
Ko dufise Umusaserdoti mukuru amaze kwinjira mw’ijuru, ariwe Yezu Mwana w’Imana, ntidutezure kw’ibanga twemeye. Erega, ntidufise Umusaserdoti mukuru adashobora kutubabarira kubera intege nke zacu, na we nyene yarageragijwe nkatwe muri vyose ndetse igicumuro. Nitwegere rero ya ntebe y’inema ataco twinona, kugira ngo turonke ikigongwe n’inema zidufasha mu gihe gikwiye.

Kristu, mu gihe yari akiri kw’isi, amaze guhereza ibisabisho n’amarira menshi ataka atakambira Uwashobora kumukiza urupfu, yarumviwe kubera ubweranda bwiwe. Vyongeye, n’aho yari umwana w’Imana, kubera ayo makuba, yamenyeyeho kugamburuka. Amaze gushika mu bigero, yarabereye abamwumvira bose isôko ry’ubukiriro budahera.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Kubwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
Gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira Izina rirengeye amazina yose.

Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwanditswe na Yohani : 18, 1-19, 42

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Sedroni

(S)Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Sedroni ;
hari umurima, aba ariho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Yuda rero azanye igico n’abarinzi
Barungitswe n’abakuru b’abasaserdoti be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’intwaro.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose ;
arabasanganira, ababwira ati :

(Y) « Murondera nde ? »
(S) Bamwishura bati :
(Ab) « Yezu w’i Nazareti. »
(S) Ababwira ati :
(Y) « Ni Jewe »
(S) Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati : ‘Ni Jewe’,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati :

(Y) « Murondera nde ? »
(S) Bishura bati :
(Ab) « Yezu w’i Nazareti. »
(S) Yezu abishura ati :
(Y) « Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire. »

(S) Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo :
‘Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye’.

Simoni Petero yari afise inkota ;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umusaserdoti mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Markusi.

Yezu yamara abwira Petero ati :
(Y) « Subiza inkota mu rwubati.
Bite ! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye ! »

(S) Ca gico rero, intwaza n’abarinzi b’Abayahudi
Bafata Yezu baramuboha.

Yezu kwa Anna na Kayifa

Babanza kumujana kwa Anna,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umusaserdoti mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayahudi ati :
Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu’.

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakwirikira Yezu.
Uyo mwigishwa umusaserdoti mukuru yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umusaserdoti mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umusaserdoti mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti :

(Ab) « Aho uri aho,
weho nturoi mu bigishwa b’uyo muntu ? »

(S) Ayishura ati :
(Ab) « Sindi muri bo. »
(S) Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Umusaserdoti mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati :

(Y) « Nǐgishije abantu icese ;
nǎmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayahudi bakoraniye ;
ntaco navugiye mu mpisho.
Umbariza iki ?
Baza abavyumvise ; ico navuze bo barakizi. »

(S) Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati :

(Ab) « Uko niko wishura umusaserdoti mukuru ! »
(S) Yezu amwishura ati :

(Y) « Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri ;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki ? »

(S) Anna amurungika uko yakaboshwe
Ku musaserdoti mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati :

(Ab) « Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe ? »
(S) Arabihakana ati :
(Ab) « Sindi muri bo. »
(S) Umwe mu basuku b’umusaserdoti mukuru,

Incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati :
(Ab) « Sinakubonye muri kumwe mw’itongo ? »
(S) Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.

Yezu kwa Pilato

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati :

(Ab) « Uyo muntu mumurega iki ? »
(S) Baramwishura bati :
(Ab) « Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira. »
(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukwirikize itegeko ryanyu. »
(S) Abayahudi baramwishura bati :
(Ab) « Ntitwarekuriwe kugira uwo twica. »
(S) Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati :

(Ab) « Uri umwami w’Abayahudi ? »
(S) Yezu aramwishura ati :

(Y) « Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga ? »

(S) Pilato amwishura ati :
(Ab) « Mbega jewe ndi Umuyahudi ?
Abo mu gihugu cawe n’abakuru b’abasaserdoti ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki ?»

(S) Yezu asubiza ati :
(Y) « Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari uubwo kuri iyi si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayahudi ;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi. »

(S) Pilato amubwira ati :
(Ab) « None ga, uri umwami ? »

(S) Yezu aramwishura ati :
(Y) « Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi :
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri ;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje. »

(S) Pilato aramubwira ati :
(Ab) « Ukuri ni iki ? »

(S) Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayahudi,
araheza arababwira ati :

(Ab) « Ntaco namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayahudi ? »
(S) Biha induru rero bati :

(Ab) « Ntumuduhe, duhe Baraba ! »
(S) Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati :

(Ab) « Mwaramutse, ga mwami w’Abayahudi ! »
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayahudi ati :
(Ab) « Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica. »

(S) Yezu arasohoka rero uko yakambaye
Rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura ;
araheza Pilato ababwira ati :
(Ab) « Ng’uyo wa muntu ! »
(S) Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati :

(Ab) « Ku musaraba ! Ku musaraba ! »
(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Ng’uyo nimumwibambire mwebwe nyene,
jewe ntaco namusanzeko gikwiye guhanwa. »

(S) Abayahudi baramwishura bati :

(Ab) « Turi n’itegeko,
kandi tutikwirikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana. »
(S) Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati :
(Ab) « Uva he ? »

(S) Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati :

(Ab) « Ntunyishura jewe !
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba ? »

(S) Yezu aramwishura ati :
(Y) « Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Nico gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe. »

(S) Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura ;
Abayahudi yamara baja mu vyo kuyogora bati :

(Ab) « Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari ;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari. »
(S) Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Lithostrotos-mu gihebreyi : Gabatha.-
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayahudi ati :
(Ab) « Ng’uyo umwami wanyu ! »

(S) Bo bavuza induru bati :
(Ab) « N’apfe ! N’apfe ! Mubambe ! »

(S) Pilato ababwira ati :
(Ab) « Mbame umwami wanyu ! »

(S) Abakuru b’abasaserdoti basubizayo bati :
(Ab) « Atari Sezari, nta wundi mwami dufise. »
(S) Araheza aramubaha ngo bamubambe.

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, -mu gihebreyi : Golgotha.-
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.

Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya :

‘Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayahudi’.

Abayahudi benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebreyi, mu kilatini no mu kigreki.
Abakuru b’abasaserdoti n’Abayahudi babwira rero Pilato bati :

(Ab) « Ntiwandike ngo : Umwami w’Abayahudi, andika uti :
Uyo muntu yavuze ati : Ndi umwami w’Abayahudi. »
(S) Pilato arabishura ati :
(Ab) « Ico nanditse canditswe. »

(S) Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro ;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati :

(Ab) « Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka. »
(S) Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo :
‘Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo’.
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Kleofasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
Iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati :

(Y) « Wa mukenyezi we, ng’uyo umwana wawe. »
(S) Abwira wa mwigishwa na we ati :
(Y) « Ng’uyo nyoko wawe. »

(S) Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,
Kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati :

(Y) « Ndanyotewe. »
(S) Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
Baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati :

(Y) « Vyose birarangiye. »
(S) Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
– nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, –
Abayahudi rero basaba Pilato
Ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho
Boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
Y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
Muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
Kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
Kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe :
‘Nta gufa ryiwe bazovuna’ ;
ahandi na ho ngo :
‘Bazokwihweza uwo basogose’.

Itongo bahamvyemwo Yezu

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimati, umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayahudi,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro ;
azana ikivange c’imira na aloes c’ingero nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayahudi babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima ;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayahudi,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.

INDWI NYERANDA : IDOMINIKA Y’IBISANDASANDA N’IY’UKUBABARA KW’UMUKAMA

Aha tuhasanga ibisomwa vyo mu mwaka A vyonyene. Ivyo mu yindi myaka tuzobishirako nitwatangura kwandika Ijambo ry’Imana riyerekeye.

UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU (Umwaka A)
INKURU NZIZA

(Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama)

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 21, 1-11

Iminsi mikeyi imbere y’uko umusi mukuru wa Pasika ushika, Yezu n’abigishwa biwe begera Yeruzalemu, bashika i Betaniya, amarora ku musozi wa Oliveti, Yezu arungika abigishwa babiri, ababwira ati : « Nimugende mu mihana imbere yanyu, muca muhasanga indogobwe iziritse hamwe n’umwana wayo. Muziziture, muheze muzinzanire. Nihagira ico bababwira, mubasubize muti : Umukama ni we azishaka, aca azibarungikira adatevye. »

Biba gurtyo nyene, ngo ivyavuzwe n’umuhanuzi biseruke ngo : « Barira Abanyayeruzalemu uti : Ng’uyu umwami wanyu aje iwanyu, arangwa n’ubutekereji, yicaye ku ndogobwe no ku mukurira w’igitwazi. » Abigishwa baragenda rero, bagira ico Yezu yababwirije. Bazana ya ndogobwe n’umwana wayo, bayirenzako ibikwemu vyabo Yezu na we ayicarako. Hanyuma abantu benshi barashikuka, basasa impuzu mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayakwiragiza mu nzira. Ishengero ryari imbere n’inyuma yiwe ryaza rirahogora riti :

« Hozana mwana wa Dawidi !
Aragahezagirwa uwuje kw’izina ry’Umukama !
Hozana no mw’ijuru ry’intashikirwa ! »
Yinjiye i Yeruzalemu, igisagara cose kirumirwa ; bavuga ngo : « Mbega, uyo ni nde ? » Ishengero rigasubiza riti : « Ni Yezu, Umuhanuzi ava i Nazareti, mu Bugalile. »

IMISA Y’UKUBABARA KW’UMUKAMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya 50, 4-7

(Abancira amate mu maso sinayabahishije, ariko ndazi ko ntazoteterwa)

Umukama Imana yanje yarampaye ururimi rw’umwigishwa, kugira ngo nshobore kuremesha uwaruhijwe. Uko bukeye niko ankebura, kugira ngo ndamutege ugutwi nk’uwigishwa. Umukama yarazibuye amatwi yanje, nanje sinamwankiye, sinamuzibukiriye. Narateze ibitugu abankubita, abanshikura ubwanwa ndabatega imisaya, abankubita be n’abancira amate sinabahishije amaso. Umukama Imana yanje arantabara, nico gituma ivyo bitutsi ataco bingira ; nico gituma mu maso nahakomeje hakadadarara nk’ibuye, ndazi ko ntazoteterwa.

Izaburi 21 (22), 8-9. 17-18a. 19-20. 23-24

Icit : Mana yanje, Mana yanje,
       Wampebeshejwe n’iki ?

Abambona bose barantwenga,
Barampfunira, bakazunguza umutwe,
bati : « Hamwe yizera Imana, n’imukize !
ugasangwa ari yo mugenzi afise, nimurekure !»

Ibipfizi indiri birankikiza,
ibinyamaswa amahanga vyo mw’ishamba bikanca iruhande ;
vyamboshe amaguru n’amaboko :
noshobora n’uguharura amagufa yanje yose.

Baragabangana ivyambarwa vyanje,
bagapfindanira ku mutamana wanje.
Ariko Weho, Mukama, ntunje kure,
Wewe nzeyeko amagara, tebuka untabare.

Nzoheza nirahire izina ryawe mu muvukano,
nkuyage hagati y’ishengero.
Mwebwe mwubaha Imana, nimuyihaye,
muyishemeze mwese uko mungana !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi : 2, 6-11

(Yarigize ubusa, nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose)

Umukama Yezu,
Naho yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Kubwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi
Gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba.
Nico catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
ikamugabira izina rirengeye amazina yose.

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.


Mu kubabara kw’Umukama kwanditswe na Matayo, barashobora kubisoma ari batatu : Umusomyi (S), Abantu (Ab) na Yezu (Y), Umusomyi agasoma inyigano, Abantu bagasoma amajambo yavuzwe n’abantu nyene, Umusaserdoti canke (Y) agasoma amajambo yavuzwe n’Umukama.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwanditswe na Matayo : 26, 14-27, 66

Igisomwa kigufi : 27, 11-54

Yuda agura Yezu

(S) Umwe muri bamwe cumi na babiri yitwa Yuda Iskariyoti aja ku bakuru b’abasaserdoti, ababarira ati:
(Ab) « Mugomba kumpa iki kugira ngo ndamubahe ? »
(S) Bamuharurira amafeza mirongo itatu. Kuva ubwo, yama ahiga uburyo bwo kumubaha.

Abigishwa bategura Pasika

(S) Ku musi wa mbere wa Azima, abigishwa begera Yezu bati :
(Ab) « Ugomba ngo dutegurire Pasika hehe ? »
(S) Yezu arabishura ati :
(Y) « Nimugende mu gisagara kwa ntuze, mumubarire muti : Umukama atumyeko ngo : Umusi wanje washitse, ngomba kurira Pasika iwawe hamwe n’abigishwa banje. »

(S) Abigishwa bagira nk’uko Yezu yabategereje, bategura Pasika.

Yezu ababarira yuko umwe muri bo azomugura

Ngo buze kugoroba, aja gufungura, be n’abigishwa biwe uko bari cumi na babiri. Bariko barafungura arababarira ati :
(Y) « Ni ivy’ukuri ndababariye, umwe wo muri mwebwe aza kungura. »
(S) Biraheza bibatera umwikomo mwinshi, batangura kumubaza umwe umwe ngo :
(Ab) « Mbega, Mukama, ni jewe ? »
(S) Na we arabishura ati :
(Y) « Uwo twasangiye ku nkoko imwe, ni we aza kungura. Umwana w’umuntu we arigiriye, nk’uko vyanditswe kuri we ; yamara aragowe uyo muntu aza kugura Umwana w’umuntu ! Iyo apfuma areka kuvuka, niho vyari kumubera vyo ! »

(S) Yuda nyen’ukumugura aramubaza ati :
(Ab) « Mbega, Muhanyi, ni jewe ? »
(S) Aramwishura ati :
(Y) « Urabvuze »

Yezu agira Ukaristiya

(S) Bariko barafungura, Yezu afata umukate, arawuhezagira yongera arawumanyura, awuhereza abigishwa biwe, ati :
(Y) « Nimwakire murye : iki ni umubiri wanje. »
(S) Afashe ikalisi, arakenguruka, arabaha ati :
(Y) « Nimunywe mwese : iki ni amaraso yanje, amaraso y’Isezerano rishasha, aza guseseka kugira ngo benshi bakire ibicumuro. Ariko ndababariye, singisubira kunywa iki kinyobwa c’umuzabibu, gushika umusi nzosubira kukinywa hamwe namwe mu Bwami bwa Data. »

Yezu abwira Petero yuko aza kumwihakana

(S) Bamaze gukenguruka, bagenda ku musozi wa Oliveti. Araheza Yezu arababarira ati :

(Y) « Muri iri joro nyene, mwese muza gutsitara kubera izina ryanje, kuko handitswe ngo : ‘Nzokubita umwungere, ubushio busanzare.’ Yamara maze kuzuka, nzobatanga i Bugalile. »
(S) Petero aramwishura ati :
(Ab) « N’aho bose boguheba, jeho nzokugwa inyuma. »
(S) Yezu aramubarira ati :
(Y) « Ni ukuri, muri iri joro nyene, inkoko itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu. »
(S) Petero ati :
(Ab) « N’aho bonyica hamwe nawe, sinoguhakana. »
(S) N’abigishwa bose bavuga bartyo.

Yezu asengana amaganya menshi i Getsemani

(S) Yezu ajanye n’abigishwa biwe mw’itongo ryitwa Getsemani, araheza ababarira ati :
(Y) « Nimwicare hano, nigire harya imbere guenga »
(S) Ajana Petero na bene Zebede babiri, araheza atangura kuganya n’ugutinya, ati :
(Y) « Numva ndi n’amaganya menshi nk’uwushaka gupfa. Nimugume ngaha duteramane. »
(S) Yigiye imbere, yubika amaso hasi asenga ati :
(Y) « Dawe, nivyaba bishoboka, nkurako aya magorwa ; yamara ntibibe nk’uko nshaka, ni bibe nk’uko wewe ubishaka. »
(S) Agarutse aho abigishwa bari basigaye, asanga barasinziriye. Abwira Petero ati :
(Y) « Ntushobora kumara n’isaha n’imwe uteramye hamwe nanje ! Nimube maso kandi musabe, mwoye gutsindwa n’inyosha mbi : kuko umutima ufise ingoga, mugabo umubiri wo ni ntamagara. »
(S) Araheza asubira gusenga ubwa kabiri, avuga ati :
(Y) « Dawe, aya magorwa niyaba atari bumveko ntabashije kuyarinda, ni bibe nk’uko ubishaka. »
(S) Ngo agaruke iyo bari, yongera gusanga basinziriye, amaso yabo yari yaremerewe n’itiro. Arabareka, asubira gusenga ubwa gatatu nka kwa kundi nyene. Hanyuma agarutse agarutse kandi iyo abigishwa biwe bari, ababwira ati :
(Y) « Ubu nimwisinzirire muruhuke ; isaha y’uko Umwana w’umuntu atabwa mu minwe y’abayobe iriko irashika. Nimuve hasi tugende, uwuza kungura ng’uyo araje, ntakiri kure. »

Yezu afatwa

(S) Akiriko aravuga ayo majambo, Yuda umwe wo muri bamwe cumi na babiri arashika, ari kumwe n’abandi benshi bazanye inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abasaserdoti be n’abashingantahe b’igihugu. Nyen’ukumugura yari yabagenkereje ati :
(Ab) « Uwo nza kuramutsa azoba ari we, muraca mumufata. »
(S) Buno nyene, Yuda yegera Yezu ati :
(Ab) « Mwaramutse, ga Muhanyi ! »
(S) Aramusoma. Yezu amwishura ati :
(Y) « Mugenzi, uzanywe n’iki ? »

(S) Abandi baca begera Yezu, bamuta mu minwe. Muri ico gihe, umwe wo mu bari kumwe na Yezu asokorora inkota, agetura ugutwi kw’umusuku w’umusaserdoti mukuru. Yezu aca aramubarira ati :

(Y) « Subiza inkota yawe mu rwubati, kuko abishinga inkota bazokwicwa n’inkota nyene. Ntuzi ko nari gushobora gusaba Data akandungikira ubwo nyene Abamarayika ibihumbi n’ibihumbi b’ukuntabara ? None, ivyanditswe vyoheza bikaranguka bite ? »
(S) Hanyuma araba ba bantu, ati :
(Y) « Muje nk’abahiga igisuma, muzanye inkota n’amahiri ngo mumfate ! Ariko mbona ntasiba kwigishiriza mu gisengero, yamara ntimwamfashe. »
(S) Ivyo vyose vyabaye ngo ivyavuzwe n’abahanuzi bitahe. Hanyuma abigishwa baramuta bose barahunga.

Urubanza kwa Kayifa

Bano rero bari bafashe Yezu, baca bamujana kwa Kayifa, umusaserdoti mukuru, niho abigisha n’abashingantahe bari bakoraniye. Petero yari yamukurikiye, yamara agendera kure, gushika ku kirimba c’umusaserdoti mukuru, ashika imbere aja mu basuku araba amaherezo. Abakuru b’abasaserdoti n’abari mu nama nkuru bose baja kurondera abagirizi babeshera Yezu ngo babone kumwica. Barazana isinzi ry’ababeshi, mugabo nta n’umwe yaronse ico amwagiriza. Hararuha haza ababeshi babiri bati :

(Ab) « Yagize ngo yoshobora gusambura ingoro y’Imana, agaheza agasubira kuyubaka mu misi itatu. »
(S) Araheza umusaserdoti mukuru ava hasi, ati :
(Ab) « Ntaco wishuye ? Ivyo bakwagiriza ni ibiki ? »
(S) Yezu na we arinumira. Umusaserdoti mukuru aramubwira ati :
(Ab) « Ndakurahiye kw’izina ry’Imana nzima, tubarire ko uri Kristu, Umwana w’Imana. »
(S) Yezu na we ati :
(Y) « Ni wewe ubivuze. Kandi ndakubariye, ni ivy’ukuri, kuva uyu munsi, muza kubona Umwana w’umuntu yicaye iburyo bw’Umushobora vyose ; muzobona kandi agaruka ku bicu vy’ijuru. »
(S) Araheza umusaserdoti mukuru atabura ivyambarwa vyiwe, ati :
(Ab) « Aratutse Imana ! Abagirizi turacabaronderera iki ? Muravyiyumviye noneho ! None kubwanyu, bite ? »
(S) Na bo bati :
(Ab) « Ni uw’ugupfa. »
(S) Baraheza baucira amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi bamukubita amakofe mu kumurtyekeza bati :
(Ab) « N’udupfindurire noneho, Kristu ! Uwagukubise ni nde ? »

Petero yihakana Yezu gatatu

(S) Muri ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Umusukukazi aramwegera, ati :
(Ab) « Nawe nyene wari kumwe na Yezu w’I Bugalile ? »
(S) Petero arahakana mu maso ya bose, ati :
(Ab) « Sinzi n’ico uvuga. »
(S) N’uwuwndi musukukazi amubone aja kw’irembo, abwira abari aho ati :
(Ab) « N’uwu yari kumwe na Yezu w’i Nazareti. »
(S) Arahakana agerekako n’indahiro ati :
(Ab) « Uyu muntu sindamuzi. »
(S) Hanyuma abari aho bamujako :
(Ab) « Ni ivy’ukuri, uri uwo muri bo ; n’ivuga ryawe riraguhinyuza. »
(S) Na we aca aja mu vyo guhakana rwose, arahira ko atazi uyo muntu. Buno nyene inkoko ica irabika. Petero aca yibika ijambo Yezu yari yamubariye ati : Inkoko iza kubika umaze kunyihakana gatatu. Aca rero arasohoka agenda arazimagirika, yiyuha iryosozi.

Yuda yihebura

Bukeye mu gatondo, abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu baja inama bose ngo bice Yezu. Bajana Yezu bamuboshe, bamuhereza Pilato icegera ca Sezari. Yuda yari yamuguze, ngo abone bagiye kumwica, arigaya, agarukanira abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ya mafeza mirongo itatu, ababarira ati :
(Ab) « Nacumuye, jewe naguze amaraso y’umweranda. »
(S) Na bo bati :
(Ab) « Bidutwaye iki ? Biragusha. »
(S) Yuda rero aterera nya mafeza mirongo mu gisengero, arigira aja kwiyahura. Abakuru b’abasaserdoti barakira ya mafaranga, bati :
(Ab) « Ntawuyashira mw’ishinguriro ry’amaturo, kuko yaguze amaraso. »
(S) Niko kuja inama rero ngo bayagure umurima w’umubumvyi ngo baze bawuhambemwo abantu b’akavantara, batagira aho batabwa. Nico gituma uwo murima bawise Haceldama, ni ukuvuga umurima w’amaraso ; n’ubu niko ucitwa. Iryo umuhanuzi Yeremiya yari yaravuze rirataha ngo : ‘Bafashe ya mafeza mirongo itatu, ikiguzi c’uwaguzwe n’abana b’Israeli ; hanyuma bayagura umurima w’umubumvyi, nk’uko Umukama yabitegetse.’

(Igisomwa kigufi gitangurira aha)

Urubanza kwa Pilato

Yezu rero ahagarara imbere ya ca cegera ca Sezari, ico cegera kiramubaza giti :
(Ab) « Uri umwami w’Abayahudi ? »
(S) Yezu arishura ati :
(Y) « Ni wewe ubivuze. »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe babandanya kumurega, na we ntiyagira ico abishura. Pilato rero aramubwira ati :
(Ab) « Wewe ntiwumva ivyo bakwagiriza vyose ? »
(S) Yezu arinumira ; biranatangaza cane ca cegera ca Sezari. Ico cegera ca Sezari cahora gihengera ku musi mukuru wa Pasika kikabohora umuntu umwe mu baboshwe, uwo igihugu gisavye. Muri ico gihe, mu baboshwe harimwo inkozi y’ikibi yitwa Baraba. Pilato rero ahengera abantu bakoranye, ababwira ati :
(Ab) « Uwo mushaka ni nde : Baraba canke Yezu yitwa Kristu ? »
(S) Pilato yari azi ko Yezu yazize inzigo y’Abayahudi. Hano yicaye mw’iciro ry’imanza, umugore wiwe amutumako ati :
(Ab) « Ntihagire ico mupfa n’uwo muntu mweranda ; naraye ndose ibintu vyinshi bimwerekeye. »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe bosha igihugu ngo gisabe Baraba, Yezu na we yicwe. Icegera ca Sezari na co kibabwira giti :
(Ab) « Muri abo babiri, uwo mushaka ko ndabarekurira ni nde ? »
(S) Na bo barasemerera bati :
(Ab) « Baraba. »
(S) Pilato asubizayo ati :
(Ab) « Na we Yezu yitwa Kristu nza kumugira nte ? »
(S) Bose bishurira rimwe bati :
(Ab) « N’abambwe ! »
(S) Pilato abishura ati :
(Ab ) « Ikibi yakoze ni igiki ? »
(S) Na bo barushirizaho gukoma induru bati :
(Ab) « N’abambwe ! »
(S) Pilato abonye bibaye ivy’ubusa, ariko umugumuko uguma wongerekana, yakira amazi, akarabira imbere y’ishengero, avuga ati :
(Ab) « Amaraso y’uyu muntu atagira icaha ntangweko, muravyifashe ! »
(S) Igihugu cose cishurira rimwe giti :
(Ab) « Amaraso yiwe arakaduhama twebwe n’abana bacu ! »
(S) Araheza Pilato abarekurira Baraba ; Yezu na we ahejeje kumukubitisha, aramubaha ngo bamubambe.

Yezu akubitwa

Abasirikare b’ico cegera bafata Yezu, bamujana mu kirimba, bahamagara umugwi wose w’abasirikare ; baraheza bamwambura ivyambarwa vyiwe, bamutererako ikindi gikwemu gitukura, bajisha urugori rw’amahwa barumwambika ku mutwe, bongera bamufumbatisha ikibingobingo mu kuboko kw’iburyo, bakaza barapfukama imbere yiwe bamutwenga, bavuga bati :

(Ab) « Turakuramukije, mwami w’Abayahudi ! »
(S) Baza baramucirako amate, bagafata nya mubingobingo, bawumukubita ku mutwe. Abasirikare rero bahejeje kumutetagiza, bamwambura ca gikwemu gitukura, baramusubiza ivyambarwa vyiwe, bamujana kumubamba.

Yezu abambwa ku musaraba

Bashitse mu nzira, bahura n’umuntu w’Umunyasireni yitwa Simoni, baramugobera ngo atware umusaraba wa Yezu. Bashitse ku musozi witwa Golgota, ni ukuvuga umusozi w’agahanga, bamuhereza umuvinyu uvanze n’umururazi ngo anywe ; ngo awumvirize, aca arawureka. Bahejeje kumubamba, bagabangana ivyambarwa vyiwe, babipfindanirako ; baca baricara baramurinda. Hejuru y’umutwe wiwe, ku musaraba, hari handitswe ico azize ngo : ‘Uyu ni Yezu, umwami w’Abayahudi’. Baraheza bamubambana n’ibisuma bibiri, kimwe iburyo, ikindi ibubamfu.

Abahita na bo baramutuka, banega umutwe, bati :
(Ab) « Wewe usambura ingoro y’Imana, hanyuma ukayubaka mu misi itatu, niwikize ga natwe turabe ; niwaba uri Mwene Mana, niwikure ku musaraba ! »
(S) Abakuru b’abasaserdoti n’abigisha n’abashingantahe na bo nyene baramutwenga, bati :
(Ab) « Yakijije abandi, none na we biranse ko yikiza ; niyaba ari umwami w’Israeli, n’ave ku musaraba tumwemere ! Yizigiye Imana, none n’imukize, niyaba imukunda, kuko yagize ngo ndi Umwana w’Imana. »

(S) Na vya bisuma vyari bibambwe hamwe na we bimutuka gurtyo nyene.

Yezu apfa ku musaraba

Kuva kw’isaha ya gatandatu gushika kw’isaha y’icenda, umukorane ukwira isi yose. Kw’isaha y’icenda, Yezu ashira ijwi hejuru, avuga ati :

(Y) « Eli, Eli, lamma sabachtani »,
(S) ni ukuvuga ngo :
(Y) « Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki ? »
(S) Bamwe mu bari bahagaze aho ngo bavyumve, bavugana bati :
(Ab) « Wa wundi ariko aratabaza Eliya ! »
(S) Umwe muri bo yiruka gukoza ipampa mw’isiki, arishira kw’isunwa ry’umubingobingo, aramuhereza ngo anunuze. Abandi na bo bati :
(Ab) « Reka, tugube ko Eliya aza kumutabara ! »
(S) Yezu yongera aratura akamo, aca aracikana.

****Aha barapfukama bakavuga agasabisho gatoyi banumye****

Buno nyene, impuzu yari mu gisengero yicamwo kubiri kuva ruguru gushika epfo ; isi iranyiganyiga, ibitandara vy’amabuye birasatagurika. Imva ziriyugurura n’imibiri myinshi y’aberanda irazuka ; Yezu amaze kuzuka, nya beranda bavuye mu mva, baja mu gisagara babonekera abantu benshi.

Umutware w’abasirikare n’abandi bari kumwe barinda Yezu, babonye ingene isi inyiganyize n’ivyo vyose vyari bibaye, baca bagira ubwoba bwinshi, bavuga bati :
(Ab) « Ni ivy’ukuri, uyu yari Umwana w’Imana ! »

(Igisomwa kigufi giherera aha)

Hari n’abagore benshi bari bahagaze kure baraba, bari bakwirikiye Yezu kuva i Bugalile, bamufasha ; muri bo, hari Mariya Magdalena, na Mariya nyina wa Yakobo na Yozefu, be na nyina wa bene Zebede.

Yezu ahambwa

Ku mugoroba, haza umuntu atunze aturuka i Arimati, akitwa Yozefu, na we nyene yari umwigishwa wa Yezu. Aja kwa Pilato kumusaba ikiziga ca Yezu. Pilato atumako ngo bakimuhe. Yozefu yakira ca kiziga ca Yezu, agipfukisha impuzu yera, agishira mu ruhafu rushasha yari yiyimbishirije mu gitandara c’ibuye, araheza ahindika ku muryango ikibuye amahanga, arigira. Mariya Magdalena n’uwundi mugore Mariya, niho bari bicaye, berekeye ku ruhafu. Bukeye, umusi wo kwitegura uheze, abakuru b’abasaserdoti n’abafarizayo baja kwa Pilato baramubwira bati :

(Ab) « Muhanyi, twibutse ko wa muhumvyi akiri muzima yavuze ngo : ‘Iminsi itatu iheze, nzozuka.’ Tegeka rero barinde uruhafu gushika ku munsi ugira gatatu, abigishwa biwe ntibahave baza kumwiba, hanyuma ngo babwire igihugu ko yazutse mu bapfuye : ico kinyoma cohava gisumba ica mbere. »

(S) Pilato arabishura ati :
(Ab) « Namwe ntimubuze abarinda : gende murinde, murabizi. »
(S) Baragenda barihweza uruhafu, bashira ikimenyetso kw’ibuye, be n’abarinzi.

IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 37, 12-14

(Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima)

Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana : Ngiye gufurura imva zanyu, ndabakureyo, ndabasubize mu gihugu canyu c’Israeli. Muzoheza mumenye ko arije Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize mu gihugu canyu. Niho muzomenya ko arije Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. Ng’iryo iryo Umukama avumereye.

Izaburi 129 (130), 1-2. 3-4b. 4c-6. 7-8

Icit :Urukiza ruva ku Mukama
Benshi bakaba ariho bakirira rwose.

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.

Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka ?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
nico gituma bakwubaha kandi bakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe, ni ryo nizeye ;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.

Israeli na yo niyitege Umukama,
kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ariho bakirira rwose ;
ni We azobohora Israeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 8, 8-11

(Umutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye ubagerereyemwo)

Ncuti zanje,
Abaguma bagenzwa n’umubiri ntibashobora kunezereza Imana. Mweho rero, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo. Umuntu atagira umutima wa Kristu, si uw’Imana. Ariko, Kristu niyaba ari muri mwebwe, n’aho umubiri ukwiye gupfa kubera igicumuro, umutima wo ni muzima kubera ubutungane. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye niyaba yabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Umukama yavuze ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ;
uwunyemeye ntazokwigera apfa. »

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

 Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 1-45

 Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki

 (Jewe ndi izuka n’ubuzima)

Muri irya misi,
Hari umurwayi yitwa Lazaro, w’i Betaniya, ku mutumba wabako Mariya na Marita mwenewabo. (Uwo Mariya, ni umwe yasiga Umukama amavuta amoga, akongera agahanaguza imishatsi ibbirenge vyiwe. Uyo Lazaro yari arwaye, ni musazawe). Bashiki ba Lazaro batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu asubizayo ati : « Iyo ndwara si urujanyi ni uburyo bwo kuninahaza Imana, izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. »

Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi dusubire mu Buyudeha. »

Abigishwa biwe baramwishura bati : « Mukama, ejo bundi, Abayahudi bashatse kukwicisha amabuye, none usubireyo ! » Yezu arababwira ati : « Ntihari amasaha cumi n’abiri ku musi ? Uwugendagenda ku mutaga ntatsitara, kuko abona umuco wo kw’isi ; ariko uwugenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco abona. » Avuze artyo, arungikanya ati : « Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye ; ngirango ngende kumukangura. » Abigishwa biwe bati : « Mukama, niyaba asinziriye, azokira. » Yezu we yavuga urupfu, bo yamara bakagira ngo ni akaruhuko k’itiro risanzwe. Yezu noneho arabafoborera ati : « Lazaro yapfuye, kandi ndanezerewe kubwanyu ko atariho nari ndi, kugira ngo mushobore kwemera. Hogi rero tuje kumuraba. » Toma, umwe bita Didimo, ngo avyumve, abwira abandi bigishwa ati : « Hogi tujane, tuje kumgwa inyuma ! »

Yezu ngo ashike i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Betaniya yari hafi ya Yeruzalemu, hari nk’istadi cumi na zitanu. Abayahudi benshi bari baje kugandara kwa Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha. » Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ; uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. » Avuze ivyo, aca agenda guhamagara mwanewabo Mariya, amwongorera ati : « Umwigisha yaje, araguhamagaye. » Ngo avyumve, Mariya arahaguruka ningoga, aratebuka kumusanganira. Yezu ntiyari bwashike mu gisagara, yari akiri aho bahwaniye na Marita. Abayahudi bari kumwe na Mariya mu nzu bamuhoza, bamubonye ahagurutse ningoga, agasohoka, baciye bamukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.

Mariya, ngo ashike aho Yezu ari, amubonye, yikubita hasi ku nyundo ziwe, ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa ! » Yezu abonye Mariya ariragurika, n’Abayahudi bamuherekeje biyuha iryosozi, na we bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » Bamwe muri bo yamara bati : « Uwahumuya uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »

Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu yakoze, baramwemera.

Igisomwa kigufi :

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 3-7. 17. 20-27. 33b-45

Muri irya misi,
Marita na Mariya, ari bo bashiki ba Lazaro, batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu ati : « Iyo ndwara si urujanyi, ni uburyo bwo kuninahaza Imana ; izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. » Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi, dusubire mu Buyudeha. »

Yezu ngo ashike, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha.» Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima : uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego, Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »

Na we Yezu bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » BAmwe muri bo yamara bati : « Uwahumuye uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »

Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baramwemera.