Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 9)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

Indwi Nyērānda: ku musi wa gatanu

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (52, 13-53, 12)

Ibicumuro vyacu ni vyo vyatumye asogotwa

Umusuku wanje azotera imbere,
ashimagizwe, abe indanga y’agatangaza!
nk’uko isinzi ry’abantu bǎmubonye bakagwa mu gahundwe,
kuko yari yayoberanye mu maso,
atǎri agisa n’umuntu,
ni ko azotangaza n’amakungu:
imbere yiwe abami ntibazokura ururimi mu kanwa,
kuko bazoba babonye ibitaraboneka,
bagatamarira ikitari bwavugwe kw’isi.

Ni nde yokwemera ivyo twumvise bavuga? (suite…)

Ku wa 4 Mweranda. Ku mugoroba.

IMISA YO KU MUGOROBA ARI YO IY’AMABANGA Y’UKARISTIYA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (12, 1-8. 11-14)

Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika

JeudiSaintMuri irya misi, Umukama yabwiye Musa na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati: «Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba ari kwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israyeli ko ku musi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi.  Aho ishengero ryose ry’Israyeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso (suite…)

Ku wa 4 Mweranda. Mu gitondo.

IMISA BAHEZAGIRIRAMWO AMAVUTA MERANDA.
Mu Burundi, iyi misa ihora iherezwa ku wa gatatu Mweranda,mu masengero Mvyeyi (Ctahédrales) kugira ngo vyorohere abasaserdoti gutunganya neza imigirwa itangura ku wa 4 Mweranda ku mugoroba.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (61, 1-3a. 6a. 8b-9)

Umukama yansize amavuta, kandi yantumye kuburira Inkuru nziza aboro n’ukuremesha imitima y’abashegeshwe.

Umutima w’Umukama uri kuri jewe,
kuko Umukama yansize amavuta;
yantumye kuburira Inkuru nziza aboro,
kwunga imitima yavunitse,
kumenyesha ababoshwe ko babohowe
n’imbohe ko zugururiwe,
no kumenyesha abantu umwaka mwiza w’Umukama
n’umusi wo kwihora kw’Imana yacu. (suite…)