Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 20)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
IDOMINIKA YA 23 YO MU MWAKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (9, 13-19)
Ni Imana itanga ubwenge nya bwenge
Ni nde yoshobora kumenya imigabo y’Imana ? Ni nde yoshobora gutegera ico Umukama ashaka ? Ivyo abagenewe gupfa bahora biyumvira bigarukira hafi, ivyo bahora bipfuza birahindagurika ; nkako nyene, umubiri wagenewe kubora uraremera umutima, ya nzu y’ibumba ikaremereza ubwenge ivyiyumviro vyinshi. Biratugora gutegera ibiri hano kw’isi, ibiri hafi turiruhisha cane ngo tubibone ; none, ni nde uwoshobora guhishura ibiri mw’ijuru ?
Bisubiye kandi, ni nde uwari kumenya ico ushaka, utabanje kumuha ubwenge n’ukumurungikira, uvuye mw’ijuru Umutima wawe Mweranda ? Uko niko inzira z’abantu bo kw’isi zagorowe, uko niko abantu bigishijwe ivyo ushima, ubwenge wabahaye bukabashikiriza urukiza.
IZABURI 89 (90) 3-4, 12-13, 14. 17
Icit : Mukama, wamye uri amahungiro yacu, kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo. »
mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.
Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bakamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.
N’utwigishe guharura iminsi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo
no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire :
n’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Filemo (9b-10. 12-17)
Uwari umushumba wawe yarabaye mwenewanyu
Mwananje nkunda cane,
Jewe Paulo, n’aho nabaye umutama nkaba n’ubu ndi imbohe kubera Kristu Yezu, hari ico nshaka kugusaba cerekeye Onezimo, wa mwana wanje nivyariye mu ngoyi. Ni we rero nkurungikiye kandi uwo ameze nk’umushaha wanje.
Nari n’iciyumviro c’ukumuzigama hafi yanje ngo ankorere mu kibanza cawe mu ngoyi ndimwo kubera Injili ; ariko, ntavyo nashatse gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikive ku gahato, ariko kive ku gushaka kwawe.
Kumbure icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nk’umushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, nawe urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. Ni uko rero, niwaba wemera ubucuti dufitaniye, n’umwakire nk’uko yoba ari jewe wakiriye.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe,
unyigishe ivyo ushaka.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (14, 25-33)
Uguca ubwenge n’ukwiyambura ivy’isi ugakurikira Yezu
Isinzi ry’abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati : « Umuntu niyaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n’abana, bene nyina na bashikiwe, mbere n’amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi.
Ni nde muri mwebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje ? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati : ‘Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza.’ adashobora guheba ivyo atunze vyose, ntashobora kumbera umugendanyi. »
Idominika ya 22 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Mwene Siraki (3, 19-21. 30-31) ; (grec 17-18.20.28-29)
Ishimagizwa ry’ugucisha make
Mwananje, rangurana ubwitonzi ivyo ukora vyose, ni ho bazogukunda kurusha amasabo meza. Uko ubukuru bwawe bungana, niko utegerezwa kwicisha bugufi : ni ho uzoshimwa mu nyonga z’Umukama. Nkako, inganji y’Umukama ni agaheta, ariko abifata ruto ni bo bamuninahaza. Uwishima abura uko yogira, kuko inyanduruko y’akabi imubamwo. Umwitonzi we yama yibuka mu muzirikanyi wiwe amajambo y’ubwitonzi ; ico incabwenge ishaka, ni ukugira amatwi akunda kwumviriza.
IZABURI 67 (68), 4-5ac. 6-7b. 10-11
Icit : Kubw’imbabazi zawe, Mukama,
warateguriye urugo umworo.
Aberanda baravugiriza impundu Imana,
baratamba, baratarika. (suite…)
Idominika ya 21 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 66, 18-21
Imana ni Umukama w’ibihugu vyose
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
« Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose ; bazoheza babone ubuninahazwa bwanje. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi bamwe bamwe bo mu bavuye muri bo nzobarungika mu ntara za kure no mu mazinga ya kure nyene, aho batarumva ivyo bayaga kuri jewe kandi aho batarabona ubuninahazwa bwanje. Izo ntumwa z’igihugu canje zizomenyesha ubuninahazwa banje muri ivyo bihugu. Maze muri za ntara za kure bazogarukana benewanyu bose, babere Umukama ishikanwa rizima, bazoza bagendera ku mafarasi, ku bitwazi, ku nderuzo no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje mweranda, i Yeruzalemu, bamere nk’abana b’Israeli bahora bahereza amashikanwa mu nzavya nyeranda (suite…)






