Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 21)
Archives de Catégorie: Temps Ordinaire
Idominika ya 19 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 18, 6-9
Imana izanwa n’ugukiza igihugu cayo
Iryo joro ryari ryaburiwe basokuruza,
niko kugumya umutima kuko bari bazi indagano bemerewe
niho igihugu cawe citega ko intungane zorokoka,
abansi bagatikira.
Mu gihe wanena abansi bacu,
niho natwe wadutera iteka mu kutwitorera.
Nico gituma abana b’intungane bagiye ahiherereye
Bakaguhereza inkuka,
bakarahirira icarimwe bivuye inyuma
ko aberanda bazosangira akabisi n’agahiye ;
muri kino kiringo nyene,
batera indirimbo z’abasokuru.
Izaburi 32 (33), 1.12, 18-19, 20.22
Icit : Hahiriwe intara Umukama yironkeyeko iragi.
Tera impundu Umukama, mwa bantu b’intungane : (suite…)
Idominika ya 18 yo mu mwaka (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Qo 1, 2 ; 2, 21-23
Umwitwarariko w’amaronko ntaco umarira umutima
Koheleti yavuze ati: Vyose ni ivy’ubusa, ntaco bimaze ! Umuntu yakoranye ubwitonzi n’ubukerebutsi kandi agatunganirwa, araheza akabisangira n’uwutabikoreye : n’ivyo ni ubusa kandi ni akamaramaza. None ivyo yakoze vyose, uwo mwitwarariko w’imyaka yose wamumariye iki ? Iminsi yose y’amakuba, umwina w’amaronko, ukurara kw’ijoro, n’ivyo vyose ntco bimaze.
Izaburi 89 (90), 3-4, 5-6, 12-13, 14.17
Icit : Mukama, wamye uri amahungiro yacu kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo.»
Mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise, (suite…)
IDOMINIKA YA 17 YO MU MWAKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 18, 20-32
(Ibrahimu aserukira abanyasodoma ku Mana)
Abo bagabo batatu barahaguruka, baragenda, bafata inzira ija i Sodoma, Ibrahimu arabaherekeza. Umukama avuga ati : « Induru y’abidogera Sodoma na Gomora yakoze kw’ijuru ; ibicumuro vyabo vyerenze ihaniro. Ndamanutse nje kuraba ko ivyo babitwarira ari ivy’ukuri. Ni vyaba atari vyo, na ho nyene ndabimenye. » Nya bantu bava hano baja i Sodoma, Ibrahimu na we yari agihagaze imbere y’Umukama. Araheza amubaza ati : « Mbega, ugomba kujaniranya intungane n’umubisha ? Kumbure mu gisagara harimwo intungane zishika mirongo itanu. Na bo urabatikiza ? » Mbe uhasanze nk’abo mirongo itanu, igisagara cose ntiwokigirira ikigongwe kubera bo ? Eka data, ntiwogira gurtyo ! Intungane ntiyorabwa nk’umucumuzi : ntirikabe ! Nyen’intahe kw’isi yose, ni we atokurikiza ubutungane ? »
Umukama aramwishura ati : « Nsanze abantu b’intungane mirongo itanu mu bantu ba Sodoma, noca ngirira ikigongwe igisagara cose kubera abo. » Ibrahimu ntiyashirwa, asubizayo ati : « Ariko ndubahuka, jewe mvugisha Umukama, kandi ndi ivu, ndi umunyota. » Ati : « Kumbure muri abo mirongo itanu (suite…)






