Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps Ordinaire (Page 6)

Archives de Catégorie: Temps Ordinaire

Idominika ya 5 yo mu mwaka. Umwaka C.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (6, 1-2a.3-8)

Ndi hano, ntuma

Mu mwaka umwami Oziyasi yatanga, jewe nariboneye Umukama Imana avyagiye ku ntebe ihagurutse, umutamana wiwe wari ukwiye mu gisengero. Abaserafini bari bahagaze hejuru yiwe. Barahanirana bavuga bati:
«Umukama Imana y’ingabo, ni nyeranda, nyeranda, nyeranda. Ubuninahazwa bwiwe bukwiye kw’isi yose.»
Urwamo rwabo rwaranyiganyiza ibishimaryango, hanyuma igisengero kikuzura umwotsi. Nja rero mu vyo kwiganyira nti: «Karabaye, ndapfuye, ko amaso yanje abonye Umwami, Umukama Imana y’ingabo, kandi ndi umuntu w’akanwa kabi nkaba mu gihugu c’abanyakabi.» Umuserafini umwe arahaguruka aza iyo ndi afise ikara mu minwe, yokoje umunengo kw’ibuye ry’uruhimbi rw’Imana. Arinkoza mu kanwa avuga ati: «Iri kara ko ryakoze ku munwa wawe, icaha case kirahanaguwe, akabi kawe karishuwe.» Ndaheza numva ijwi ry’Umukama rivuga riti: «Ni nde nzorungika? Ni nde azotubera intumwa?» Nanje nti: «Ndi hano, ntuma.»

IZABURI 137 (138) 1-2a, 2bc-3, 4-5, 7c-8

Icit.: Ngira nkuririmbire imbere y’Abamarayika, Mukama.

Ngira ngukengurukire n’umutima wanje wose,
amajambo yanje yashitse mu nyumviro zawe;
ngira nkuririmbire imbere y’abamarayika,
nunamire ingoro yawe nyeranda.

Ndagukengurukiye kubera urukundo rwawe, (suite…)

IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-5. 17-19)

Nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu

JeremieMu gihe c’umwami Yoziyasi, Umukama yambwiye aya majambo, ati : « Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu. Kenyera rero zigume ; va hasi uje kubashikiriza ivyo jewe ubwanje nzogutegeka. Ntugire ubwoba imbere yabo, ahandi ho nzogutera ubwoba imbere yabo. Jewe nyene, imbere y’iki gihugu, uyu musi, ndagushinze nk’igisagara gikomeye, nk’inkingi y’icuma, nk’urugo rw’ifeza : abami ba Yuda, abategetsi, abaherezankuka n’igihugu cose bazokurwanya, ariko ntibazoshobora kugutsinda, kuko ndi kumwe nawe nkaba umuvunyi wawe. »
Iryo ni ijambo ry’Umukama.

IZABURI 70 (71) 1-2, 3-4a, 5-6ab, 15ab.17

Icit. : Mpoza mu kanwa urukiza rwawe, Mukama.

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera uteterwa ;
unkize ku bw’ubutungane bwawe,
ntega ugutwi, kandi unkize.

Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigiriye inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye kuva nkiri muto. (suite…)

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (Umwâka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Nehemiya (8, 2-4a.5-6.8-10)

Ishengero ry’Imana ritegera ijambo ryiwe

esdrasUmusi umwe, umuherezankuka Esidarasi yazanye igitabu c’amabwirizwa imbere y’ishengero, ryarimwo abagabo, abagore n’abana bari bamaze guca ubwenge. Hari ku mubarwa wa mbere w’ukwezi kw’indwi. Esidarasi aja ku nama, asomera ca gitabu imbere y’urugi rw’amazi, kuva bugica gushika ku mashōka, imbere y’abagabo, abagore n’abana bamaze guca ubwenge bose ; abantu bose baramutega amatwi, barumviriza ivyo asoma muri ca gitabu c’amabwirizwa. Umwanditsi Esidarasi yari ahagaze ahakirurutse hateguriwe urwo rubanza. Araheza arugurura igitabu bose babona, kuko yari ahantu hakirurutse.

Ahejeje kucugurura, abantu bose barahaguruka. Esidarasi aca arahezagira Umukama, Imana nkuru, abantu bose bashira amaboko hejuru bishura bati : « Amen ! Amen ! » Hanyuma baca barunama bakubita ibipfukamiro hasi basenga Umukama. Esidarasi arasoma igitabu c’amabwirizwa y’Imana, Abalevi bakayabasigurira ; abantu na bo baca barategera ivyo basomye.

Umutware Nehemiya, na Esidarasi umwanditsi akongera akaba umuherezankuka, (suite…)