IMISA YO KU MUGOROBA ARI YO IY’AMABANGA Y’UKARISTIYA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (12, 1-8. 11-14)
Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika
Muri irya misi, Umukama yabwiye Musa na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati: «Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba ari kwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israyeli ko ku musi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi. Aho ishengero ryose ry’Israyeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso (suite…)
12 avril 2017 10 h 17 min / Poster un commentaire