Évangéliser les aréopages contemporains

Le Blog et l’Admin.

Igiti gitegerezwa kugwa iyo gihengamiye? Amapfungo y’Ikarema y’2017

Abasaserdoti, Abihebey’Imana n’abari muri iyo nzira barangurira ubutumwa bwabo i Roma no mu micungararo yaho baragize Umwiherero w’Ikarema ubategurira guhimbaza Pasika y’2017. Inyigisho yatanzwe na Patiri Yohani-Bosiko Habarugira, Umusaserdoti yegukira Diyoseze ya Ngozi, Umurezi mw’Iseminari Nkuru y’i Burasira akaba ari mu butumwa i Roma muri iyi misi. Mu nyuma y’inyigisho, ukuzirikana inyigisho n’uguhabwa Isakaramentu ry’ikigongwe … Lire la suite →

IDOMINIKA YA 2 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 12, 1-4a

Ihamagarwa rya Ibrahimu, se w’Igihugu c’Imana

Umukama yabwiye Abrami ati : « Va mu gihugu c’amavukiro yawe, uhebe umuryango n’itongo rya so, uheze ugende mu ntara nzokwereka. Nzokugira sekuru w’abantu benshi cane, nzoguhezagira nongere nubahirize izina ryawe kuko rizobera bose isôko ry’umugisha. Nzohezagira abo bose bazoguhezagira, nzocinyiza abazokuvuma. Imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa kubwawe. »
Abrami rero araheza agira nk’uko Umukama yari yabimutegetse, yimukana na Loti. (suite…)

Idominika ya 1 y’Ikarema, umwaka A

Sinogenda ntashimye

Ndarengutse, ntuma

UMVIRIZA. RIRIMBA

Prier l’Office divin