KU MUGOROBA URONGORA UYO MUNSI MUKURU IGISOMWA CA MBERE Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (1, 4-10) Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati : “Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ; utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”Nanje ngira nti : “None ga … Lire la suite
29 RUHESHI UMUSI MUKURU W’ABATUMWA PETERO NA PAULO BERANDA
Ku mugoroba urongora uwo musi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 3, 1-10
Ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu, va hasi utambuke
Umusi umwe, Petero na Yohani baraduze mw’isengero mu gihe c’ugusenga kw’isaha y’icenda. Ikimuga cavutse gicumbagira bari bazanye ku muryango w’isengero witwa “Mwiza” nk’uko bahora babigira kugira ngo gisege abinjira, kibonye Petero na Yohani binjiye mw’isengero, kirabatega iminwe ngo barabe ico bogitabaza.
Petero na Yohani bati : “N’utwihweze!”
We rero yabahanga amaso ategereje ico bomuha.
Petero yongera kumubarira ati : “Nta nzahabu n’ifeza mfise, ariko ico mfise ndakiguha : kw’izina rya Yezu Kristu w’i Nazareti, va hasi utambuke.” Amufashe ukuboko kw’iburyo, aramuhagurutsa ; buno nyene imitsi n’ibirenge vya nya kimuga bica birakomera biba inaga. Atangura n’ukugenda, atambuka neza mbere barinjirana mw’isengero, agenda aratamba (suite…)
IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 16b. 19-21) Elize arahaguruka, akurikira Eliya Muri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati : “Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.” Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize … Lire la suite







