UMUSI MUKURU W’UBUTATU BWERANDA
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 34, 4b-6.8-9
(Umukama, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu)
Muri irya misi, Moshe yazindutse kare mu gatondo, aduga ku musozi wa Sinayi, nk’uko Umukama yari yamutegetse, atwaye vya bisate bibiri vy’amabuye. Umukama amanuka muri ca gicu, ahagararana na we aho hantu ; Moshe araheza yambaza izina ry’Umukama. Umukama aca imbere yiwe, aravumera ati : « Ndi Umukama, ndi Umukama, ndi Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, sinkaza ishavu, ndi ikigongwe cinshi, nzira guhemuka. »
Ako kanya, Moshe aca akubita ibipfukamiro hasi, arasenga. Hanyuma avuga ati : « Mukama, niwaba unkunda, ndagusavye utuje imbere. Ndazi, Mukama, ko iki gihugu gifise umutima ugumye nk’ibuye ; ariko, turekurire ibicumuro vyacu n’ubugaba bwacu, tugire ba samuragwa bawe. »
URURIRIMBO : Dn 3, 52-56
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa, Mukama, Mana y’abasokuru
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Izina ryawe rininahaye kandi ryeranda nirihezagirwe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa mu ngoro nyeranda y’ubuninahazwa bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa ku ntebe y’ubwami bwawe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa, Wewe,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Wewe uhangamye hejuru y’abamarayika,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
Uragahezagirwa mu kirere co mw’ijuru,
Icit : Uragahezagirwa kandi uragashemezwa imyaka yose !
IGISOMWA CA KABIRI
(Muragahorana inema ya Yezu Kristu,
urukundo rw’Imana
n’ingabirano ya Mutima Mweranda)
Ncuti zanje
Nimunezerwe, murondere ubweranda, muremeshanye ; muhuze imitima, mwamane amahoro : niho Imana y’urukundo n’amahoro izobana namwe. Nimuramukanye namwe mu kugwana mu nda nk’aberanda. Aberanda bose barabatasha. Muragahorana mwese inema y’Umukama Yezu Kristu, urukundo rw’Imana, mwuzure na Mutima Mweranda !
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 3, 16-18
(Imana yarungitse Umwana wayo ngo akize isi)
Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we, yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
Comment votre smartphone peut ruiner votre vie sociale – Aleteia
La désagréable habitude de tapoter hystériquement sur son smartphone tout en conversant face à face avec quelqu’un, a déjà un nom : le phubbing.
L’univers des « connected people » (des personnes connectées), a encore inventé un nouveau mot cette semaine : le “phubbing”, contraction de deux mots anglais, « snubbing (ignorer, snober) et phone (téléphone). Le « phubbing » désigne l’attitude qui consiste à ignorer, snober, les personnes qui sont en votre compagnie tout en communiquant avec votre téléphone portable. Le phénomène, qui dénote une mauvaise éducation et un manque de respect, fait des ravages dans les relations interpersonnelles; un exemple probant de ce qui arrive quand la technologie supplante les relations humaines. Et encore n’en a-t-on pas encore vu toutes les conséquences.
Le phénomène prend de l’ampleur. Le phubbing a même son monument, immortalisé dans le bronze par le sculpteur Paul Day à la gare Saint-Pancras, à Londres. Qu’est-ce que le “phubbing”? Il est né de l’initiative d’une jeune «victime» de ce phénomène. Alex Haugh, un Australien de 23 ans, a décidé de mener une campagne « Stop phubbing » destinée à freiner l’abus récurrent de l’utilisation du téléphone portable aux moments où une personne est en compagnie d’une autre : « Bon nombre d’entre nous en font souvent l’expérience : les gens prêtent plus d’attention à leurs téléphones qu’à vous. Il s’agit d’un problème mondial qui doit être discuté avant qu’il ne s’aggrave », avertit Alex Haugh.
Le jeune Alex a déjà des milliers d’adeptes qui soutiennent son mouvement, sur sa page Facebook, comme sur le site internet officiel de la campagne (plus de 18000 votes), où il présente des chiffres alarmants. Ainsi, près de 92% des adolescents préfèreraient communiquer par SMS plutôt que face à face, tandis que les restaurants connaissent 36 cas de « phubbing » à chaque service. Un nouveau jeu a fait son apparition sur les tables de bistrots. Le principe : chacun met son portable au centre de la table. Le premier qui craque paye la facture.
Les chiffres montrent aussi que ce phénomène peut finir par réduire les échanges sociaux à un échange de messages virtuels. Le phubbing a déjà été dénoncé comme « la fin de la civilisation ». La campagne, explique son jeune leader, ne cherche pas à faire la guerre à la technologie, mais plutôt à faire cesser l’utilisation de téléphones portables quand nous sommes en présence de prisonniers de la technologie. La technologie est merveilleuse quand on en fait un bon usage, mais elle n’est pas aussi positive quand elle devient une dépendance qui affecte les relations sociales.
Lire la suite en cliquant sur ce lien
Comment votre smartphone peut ruiner votre vie sociale – Aleteia.
Ya Bibiliya Nyeranda twari tunyotewe yabonetse. Dushimire Imana!
Ijambo ryawe ni Urumuri rw’ibirenge vyanje, ni umuco w’inzira yanje ( Z. 119, 105)
Bakristu dusangiye ukwemera, namwe mwese mukunda ijambo ry’Imana,
Twebwe Abungere banyu, turabaramukije amahoro y’Imnana. Muri uku kwezi kwa Ruheshi kugenewe ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda, turi n’akanyamuneza ntangere ko kubamenyesha inkuru nziza dukesha ubuntu bw’Imana : Ya Bibiliya Nyeranda twari tunyotewe yabonetse. Dushimire Imana!
Nkako, hari haciye imyaka n’iyindi, Ekleziya Gatorika y’i Burundi isenga, yongera iherekeza mu buryo bwinshi igikorwa gihambaye, c’ugushira mu rurimi rwacu rw’ikirundi igitabu ceranda ca Bibiliya yose. Mwese mwari musanzwe muzi ko, iruhande y’ibisomwa dusanganywe, bisabwa mu Nkuka z’Imisa ari ibicebice, twari dufise igitabu cuzuye c’ubwuzure bushasha gusa. Muri yo myaka yose rero, duherekejwe n’inema y’Imana, tukamurikirwa na Mutima mwerada yamye ayobora Ekleziya y’Imana kuva kera na rindi, umuryango wacu wagiye urakutsa ikivi, uriko uratunganya igitabu c’ijambo ry’Imana cuzuye, kigizwe n’ubwuzure bwa Kera hamwe na Bushasha, ico gikorwa rero kikaba caratunganye. Mugabo ntimutangare, abahora basoma Bibiliya Nyeranda mu gifaransa canke muzindi ndimi, barazi ko twebwe abagatorika dufise Bibiliya Nyeranda irimwo ibitabu 73. Ni ukuvuga 46 mu Bwuzure bwa kera na 27 mu bwuzure bushasha. Iyo ni yo BibiliyaNyeranda yuzuye.
Turashimira rero abo bose baterereye agacumu k’ubumwe, ku buryo butandukanye, kugira ngo ico gikorwa ceranda gitungane. Ubwa mbere na mbere, turashimiye abo Inama y’Abepiskopi yagiye irashinga ubwo butumwa muri iyo myaka yose. Turashimiye kandi abakristu mweese ku gisabisho mwahereje no ku ntererano mwagiye muratanga. Abandi dushimira ni ababaserukiye mu nama y’Umuryango wa Diyoseze ku nyota y’Ijambo ry’Imana mu rurimi rwacu berekanye hose. Umwitwarariko berekanye w’uko Ijambo ry’Imana ryo murikira ubuzima n’imigenzo yacu, vyarakabuye mu muryango wose ishaka ry’uko ico gitabu ca Bibiliya Nyeranda coboneka vuba. Ntitwokwibagira gukengurukira dushimitse abantu n’amashirahamwe nk’Ishirahamwe rya Bibiliya mu Burundi, ku buryo baduterereye bwo kurangura ico gikorwa. Turakengurukiye rero ku buryo budasanzwe abakristu do muri Diyoseze ya Seoul mu gihugu ca Koreya y’epfo bagiwe imbere n’Umwungere wa bo, batwunganiye cane kugira ngo ico gitabu ca Bibiliya candikwe neza kandi kidushikire. Tuzokwame tubibuka mu gisabisho cacu.
Bakristu dukunda, Ijambo ry’Imana ni kirumara kandi ni ntasubirirwa mu buzima bwacu. Umukama Yezu ni we agira ati : “Umuntu ntabeshwaho n’indya gusa, abeshwaho kandi n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana” (Matayo 4,4), ahandi na ho ati : “Amajambo nababwiye ni umutima akaba n’ubuzima” (Yohani 6, 63). Umweranda Yohani Krizostome na we ati : “Ukutamenya ivyanditswe vyeranda ni inkwezi y’amabi atagira uko angina. Ni ho hava akaranda k’ubuhakanyi imigenzo itaroranye n’ibikorwa bitagira mvura. Nkako, kurya impumyi zidashobora kugendera mu nzira igororotse, ni ko n’abatagendera mu muco w’ivyanditse mu bitabu vyeranda baruhira kurwa mu gicumuro no kuzimira kenshi, kuko bagendera mu mukorane” Yoronimu Mweranda we mbere agira ati : “Ukutamenya ivyanditswe vyeranda, ni ko kutamenya Kristu”. Uwo kristu na we, ni ijambo w’Imana, bisubiye, “Uko yari ari ejo ni ko akiri n’ubu, kandi ni ko azokwama ari no mu myaka yose” (Heb. 13,8).
Mu nomero iheruka twabashikirije igice ca mbere c’ijambo ry’inama y’Abepisikopi Gatorika ku vyerekeye ukwezi kwa Bibiliya hamwe na Bibiliya mu Kirundi yabonetse. Ni musome igice ca kabiri arico canyuma.
Ni co gituma Ijambo ry’Imana ridasaza kandi ridata igihe. Uko rirengeye ibihe ni ko rirengeye n’ubwenge bw’abantu. Igitabu ca Bibiliya Nyerandasi igitabi nk’ibindi, kuko kirimwo Ijambo rihambaye ryuzuye ububasha bw’Imana, rigenewe guhindura ubuzima bwacu. Kugira ngo ivyo biranguke, birakenewe ko turitegera. Ariko rero, uretse ko ivy’Imana vyama biturengeye, ibiri muri ico gitabu ceranda vyanditswe kera cane, kandi vyandikirwa mu mico itandukanye n’iyacu. Ivyo rero biratuma dusigwa n’imvugo dusangamwo, bimwe ntidushoke tubitegera n’ubwenge bwacu gusa. Ni vyiza rero ko Ijambo ry’Imana, turizirikana canecane dusenga, kugira ngo turonke umuco ukwiye wo kuritegera. Kubera ko Imana yaturemanye ubwenge, birakenewe ko tubukoresha mu gutohoza, kugira ngo tumenye ico Imana yashatse kuduhishurira iciye ku banditsi beranda. Nico gituma rero tubahamagariye kwitwararika kurisoma no kurondera kurimenya neza, murizirikanire mu gisabisho, mugabiye gukundira Mutima Mweranda ngo abafashe kuritegera n’ukurigendera.
Ariko, bakristu dukunda, nk’uko Paulo Mweranda avyigisha, iryo Jambo ry’Imana ryabikijwe umuryango w’abemera nk’itunga ry’agaciro ntangere (raba 2 Timote 1, 14). Uwo muryango nyene, umurikiwe na Mutima Mweranda, ni wo ufise ijambo rya nyuma ku ntumbero yaryo, iroresha abarisoma ku kwemera gushitse, kutagira amahinyu. Ni ko, umukristu wese arasabwa kwisomera n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana. Arashobora kuja hamwe n’abandi ngo bunganiranire mu kurizirikana. Ariko rero, bose basabwa kuritegera bisunze ico Abungere b’Ekleziya bigisha. Kuva na kera, abihaye abihaye kwisigurira iryo jambo mu ntumberoiciye kubiri n’iy’abashinzwe kuyobora uyo muryango, bama babiba amacakubiri, aruhira kuvyara utugwi tudasangiye ukwemera.
Nico gituma, aho abakristu batoba bategereye bobaza Abungere babo, bakirindaz cane kwibaza ko bashobora gutegera Ijambo ry’Imana uko umwumwe yishakiye, umuryango w’Ekleziya utabahaye intumbero kandi ariwo waribikijwe. Ni na co gituma; ikibanza kibereye kandi kiruta ibindi bokwakiriramwo insiguro y’ukuri y’Ijambo ry’Imana, ari aho hose umuryango w’abemera uba ukoraniye icese, kuko ni ho Umukama Yezu, We Jambo rikuru riduhishurira Imana y’ukuri, aba ari ‘raba Matayo 18, 20), na canecane mu masabamana, na yo akaza ahetwa n’inkuka y’Imisa.
None rero, bakristu dukunda; namwe mwese bakunzi b’Ijambo ry’Imana, turabashikirije icese igitabu ca Bibiliyha Nyeranda mu ruirimi rwacu rw’Ikirundi. Nimucakirane icubahiro n’ubukengurutsi mufitiye Imana, mugikunde, mugitunge mu ngo zanyu, mu mibano rukristu, mu mihari no mu mirwi y’ubutumwa. Nimwihatire kandi kugisoma neza, mugikundishe abandi. Nimuzirikane Ijambo ry’Imana musangamwo, mugab*mburukire Mutima Mweranda, abayobore mu rugendo rwo kurushirizaho gutegera ico Imana ibayagira, mu gihe cose muba mugezemwo. Nko muri ibi bihe twijukiye ingendo y’amahoro n’ugusubiza hamwe, ribabere umuco n’urumuri (aba Izaburi 119, 105). Natwe Abungere banyu, kubw’ubutumwa dushinzwe bwo kuragira igihugu c’Imana, turabemereye kutazohengeshanya kugamburuka ico Mutima Mweranda azotwongorera, mu kubashikiriza inyigisho zzose nkenerwa, zizofasha umuryango kurushirizaho kumenya ico Imana ishaka kuwushikanako, ibicishije mw’Ijambo ryayo.
Ni co gituma mbere, ku rwego rw’Inama yacu, tugiye gukomeza Ibiro bishinzwe ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda. Gurtyo, ababishinzwe, bifatanije n’abo tuzoba twagenye ku rwego rw’amadiyoseze n’amaparuwase ngo bunganire muri ico gikorwa, bafashe gushira mu ngiro inyigisho ngenderwako tuzoza turapfundika mu Nama yacu, mu bijanye n’ubutumwa bwa Bibiliya Nyeranda. Muri iyo ntumbero nyene, namwe bakristu, turabateye akamo, ngo muze dufashanye gushiraho no gushigikira imigwi y’ugusoma n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana ku rwego rw’amadiyoseze n’amaparuwase. Birakenewe kandi ko mu madiyoseze no mu maparuwase yose, haboneka abemera kugira imigwi y’indemeshabutumwabwa Bibiliya Nyeranda, yishinga gusabira n’uguterera ubwo butumwa.
Tubaye turabashimira ku mutima muzokwakirana ako kamo tubatye. Ariko rero nk’uko namwe muzovyibonera, n’aho hitanze benshi, hashobor akuboneka ibitabu ibihumbi cumi gusa: ni dukeyi cane ku madiyoseze umunani. Ni co gituma intererano yanyu igikenewe, kugira ngo tuze dushobore kwandikisha ibindi vuba.
Imana Data yaturungikiye Umwana wayo, we Jambo yigize umuntu akabana natwe, ngo aduhishurire Imana y’ukuri, na Mutima Mweranda atumurikira muri vyose, nibahezagire mwese, kandi ihezagire n’Ekleziya yose y’I Burundi, ivyiza vyayo bibandanye bidusaga, Ijambo ryayo ribandanye ritumurikira. Bikira Mariya Nyina wa Jambo, we yamye azirikana vyose mu mutima wiwe, nadusabire. Amen.
Bigiriwe I Roma, ku wa 9 Rusama 2014.
Abungere banyu.









