Ariko kandi ruraririmbwa no mu mpera y’igisabisho c’Amashemezo co mu mutwenzi (Office des Lectures) ku misi y’Imana yose (kiretse mw’Ikarema) hamwe no ku misi mikuru. Bararuririmba kandi iyo batoye Umupāpa mushasha, imbere y’ugusozera ikoraniro ry’abari mu matora. Ikindi gihe baririmba Te Deum, ni igihe haba harangiye Inama Nkuru y’Ekleziya (Concile) nk’imwe yabera i Vatikano ubugira kabiri (1962-65)
Urwo ruririmbo rugizwe n’ibice bikuru bikuru bitatu:
- Igice ca mbere giherera ku majambo « …hamwe na Mutima we Mushingangingo abushitse ». Ni ininahazwa ry’Ubutatu Bweranda ariko ryerekejwe cane cane kuri Mana Data.
- Igice ca kabiri gica gihera kuri « Ewe Yezu Kristu uri Umwami w’Ubuninahazwa » gushika kuri « wacunguje amaraso yawe y’igiciro ntangere »: iki gice gishemeza Yezu Kristu Umucunguzi.
- Igice ca nyuma naco kigizwe n’amajambo ava canke yisunga ibisabisho vyo mu gitabu c’Amazaburi.
Urwo ruririmbo, naho tutazi neza nyene kwandika amajambo arugize, benshi bahuriza ko yoba ari Sipriano Mweranda w’i Kartaje yoba yararwanditse mu kinjana ca 4. Haravugwa kandi ko Ambrosi Mweranda yaruririmvye ahejeje kubatiza Agostino Mweranda, bamwe bagafatira aho mu kurumwitirira.

Bavukanyi, uyu musi duhimbaje Ibatisimu y’Umukama, Umusi mukuru usozera igihe ca Noheli, ariko ugaca utubera intângo y’ukugenda kuba mu vyo twungutse muri uru rukurikirane rw’imisi mikuru ya Noheli.
Uyu musi rero, Yezu atugiye imbere, aramanutse muri Yordani, rwa rûzi ba Sêkúru bajabuka ngo bashobore gushika mu gihugu c’isezerano, igihugu c’amata n’ubuki, igihugu c’amahoro, bavuye mu buja mu Misiri, mu gihugu carangwa n’ukubahonyangira agateka, abāhó bacinyiza ab’Imana. None ubwo twesse turiteguriye kujabukana na Musa mushasha, (ashira amakanda yiwe mu makanda ya Yozuwe yajabukanye Yordani igihugu c’Imana) we Ndongozi y’ukwemera kwacu?
Le premier jour de chaque année est dédié à la solennité de Marie Mère de Dieu. Il est aussi la Journée Mondiale de prière pour la paix et nous sommes habitués à méditer les messages que les Souverains Pontifes adressent aux fidèles catholiques et à toutes les personnes de bonne volonté. Cela ne saurait être séparé de Noël où nous chantons avec les anges, la gloire de Dieu et la paix qui se déverse sur le monde. Oui, l’incarnation signe le temps de la paix, malgré la simplicité des récits de la naissance de Jésus, Prince de la paix. A travers cette simplicité même, descendent sur l’humanité et la création entière les bénédictions de Dieu, les grâces de Dieu, la paix de Dieu.




