Évangéliser les aréopages contemporains

Le Blog et l’Admin.

Twese tubayeho kubw’ikigongwe c’Imana.

Abbé Jean Claude MANARIYO

Abbé Jean Claude MANARIYO

Bavukanyi, ni ikigongwe c’Imana kidutunze, ahandi ho twese tuba twarahonye. Iryo ni ryo jambo twabwiwe uyu musi. Ingo rero tubirabire hamwe muri ibi bikurirkira :

– Moshe (Musa) yarasabiye Bene Israeli ikigongwe, Imana iramwumvira
– Umutumwa Paulo arashimira Imana kuko yamugiriye ikigongwe
– Imana yama ifise akanyamuneza k’ukwakira uwuyigarutseko
– None tweho dutumiriwe iki ?
Mu gisomwa ca mbere, twumvise ko Bene Israeli bahemukiye Imana. Nka kumwe Adamu yacumura ata n’iminsi irahera aremwe, ni ko na Bene Israeli bahemukiye Imana, ata n’iminsi na mikeyi baramara kuva baronse Itegeko ryayo. Ntibishimira Imana kuko babona umengo irabagora, na cane cane ko yabasaba kuja mu ndwano ngo bashikire igihugu bemerewe, ari naho baca bashaka kw’isubirira mw’idini ryabo ryo hambere, aho ata kindi basabwa atari ukugira iminsi mikuru n’ibirori vyinshi, bakagira imana yama ibahumuriza mu bwoba bwabo. Baraheza rero bakora ibicumuro bibiri : ico gushushanya Imana kandi itavyemera (Ihunguka 20, 4) n’ico kuyiha ishusho bashaka bo nyene. Ni ibicumuro koko, kuko Imana ntitegerezwa gufata ishusho tuyihaye canke ngo imere nk’uko twebwe dushaka, ah’ubwo ni twebwe dutegerezwa gushushanywa n’Imana kandi tukamera nk’uko ishaka… Ntidushobora kugira ukwemera kutadusaba kwigora, kandi ntidushobora kugira ubuzima bw’umutima butagira utwigoro : rwa rukundo itwigisha rwoba ruri hehe ? Tuze turasaba ngo iturinde ivyo kwama twironderera ivyoroshe gusa nka Bene israeli.
Imana rero yarapanze umugambi wo kubahana, Moshe arabasabira ikigongwe arumvirwa.Turaheza tukabona ubwiza bw’Imana Yo yemeye kuganira na Moshe, ikamwumviriza aho abasabira. Erega, kuba yaramuhishutse ububabare buri mu mutima wayo, bakaganira ikamwumviriza, ni ho nyene hahagaze urukundo n’ikigongwe. Ubu turafise Moshe mushasha ari We Yezu Kristu, muri we ni ho turekuririrwa ibicumuro vyacu. Dushimire Imana.

Iryo jambo ry’ugushimira Imana niturigarukeko twisubirize, kuko ni ryo na Paulo mweranda adutumirira kuzirikana. Twumvise mu gisomwa ca kabiri ukuntu aheza agashimira Yezu Kristu, kuko yamugiriye imbabazi, akamwizera akamugira n’umutumwa wiwe. Yabitomoye ati : « Igituma nagiriwe ikigongwe ni ukugira ngo mbe uwa mbere Yezu Kristu yerekanamwo ubwitonzi bwiwe bw’agahebuza, maze bibere akarorero abazomwemera ngo bashikire ubuzima budahera. » (1 Tm 1, 16). Ivyashikiye Paulo mweranda, ni vyo vyama vyadushikiye natwe. Ivyiza vyose duhabwa n’Umukama, si uko tuba turi beza gusumvya abandi, ni uko atugirira ikigongwe. Yoraba akabi kacu, nta nkeka, yotumara twese !
Mu Nkuru Nziza, Yezu atwereka ko Imana yama ifise akanyamuneza ko kwakira uwo wese ayigarutseko, mbere ko inamurondera ishimitse nka kurya umwungere arondera intama yatakaye, nka kurya uwatakaje ifranga arirondera canke nk’umuvyeyi yama arindiriye ko umwana wiwe agaruka. Muri iyo migani uko ari itatu, haguma hagaruka ijambo ryo kugira akanyamuneza, ryo kugira umusi mukuru. Abakunzi b’Imana baraheza bakanezerwa hamwe na Yo, kuko umwana wayo yagarutse. Mu mugani wa gatatu, se ntiyarindiriye ko umuhungu wiwe arinda kumushikira : ngo yamubonye akiri kure, aca ariruka kumusanganira. Niko Imana igira, iyo tuyigarutseko, iraza tugahurira mu nzira, igaheza ikadutwara iwayo. Na none ni Yo iduha Mutima Mweranda tukamwakira, tukabona kwigaya. Se ntiyarindiriye kandi ko arinda guheza kuvuga ivyo yari yategekanije vyose : amaze kuvuga ko yacumuye, ataravuga ko asaba kuja mu bashumba ba se, se yari yamaze gutegeka ko bamwambika ivyambarwa vyiza, impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Yari yamaze kumusubiza ka gateka ko kuba umwana wiwe, kamwe yari afise imbere y’uko azimira. Ni ko Imana itugirira, na twebwe yama iduha n’ivyo tutubahutse gusaba canke tutibutse gusaba.
Twumvise ko umuhungu mukuru kaciye kaziriringa, ngo akanka kwinjira. Na twebwe vyama bidushikira, ntitunezerwe n’uko umuntu akize, tukipfuza ko yobanza kugorwa, kuko twamwita “inkozi y’ikibi”. Imana uyu musi itweretse ko umugambi wayo atari uwo : urupfu rw’uwacumuye si rwo ishaka, imushakira gukira, natwe ikadutumirira kwinjira muri uyo mugambi nyene. Tutemeye kwinjira muri uwo mugambi, tudahindutse, tuzohava dusanga ari twebwe nyene twikumiriye, tukanka kwinjira mu Bwami bwayo, ngo ntitwobusangira n’abanyakabi twita uko, kumbure tutabanje kuraba neza ko tutoba turi abanyakabi kubasumvya, tukishinga gukomanya insya z’amenyo. Dusabe Imana ibiturinde, ntibikabe !
Ivyo vyose rero turiko turazirikana bijanye n’ukurekurirwa n’ugukira, muri twebwe vyama birangukira mw’isakramentu ry’ikigongwe. None rero, turumvise ko Imana ituremesheje. Ntitugasubire kwama twijiriwe twibaza ngo tuzokira gute, Imana yaratwugururiye irembo ry’ijuru. Turemerewe n’ibicumuro, nitugende kwa Data, dusabe ikigongwe. Kandi ubu ho biroroshe ko yashimye kubicisha ku basaserdoti mu muryango wacu w’Ekleziya. Ico tutogira gusa ni kimwe : ntitwopanga umugambi wo gucumura, ngo hinge ngire ibi canke biriya ndazi ko Imana izorekura ! Ico ni agacamutwe ! Ariko bishitse ugasanga waguye, genda usabe ikigongwe uzokironka. Niwamara kwakira ikigonwe c’Imana, ugire umusi mukuru w’akanyamuneza musangiye na Yo hamwe na benewanyu.
Gire amahoro ya Kristu !

Sauver les relations entre parents et enfants: une urgence.

Un père et un fils

Un père et un fils

Un jour, un homme revenant du travail très tard, fatigué et agacé trouva son fils de 5 ans, à l’entrée de la porte.
« Papa, je peux te poser une question ? »
« Qu’est-ce que c’est ? » répondit l’homme.
« Papa, combien tu gagnes par heure ?  »
« Ce n’est pas ton problème … Pourquoi une question pareille ? » répondit l’homme, d’une façon agressive.
« Je veux juste savoir. S’il te plaît combien tu gagnes par heure ? »
« Tu sais quoi ? .. Je gagne 12 € par heure ! »
« Ah ! … » répondit le garçon, avec sa tête vers le bas. « Papa, prête-moi seulement 6 € … »
Le père était furieux, « C ’est pour cette raison que tu demandais cela ? …. Penses-tu que c’est comme ça que tu peux obtenir de l’argent pour acheter des jouets ? Vite au lit dans ta chambre.
Je travaille durement chaque jour pour de tels enfantillages ? »
Le garçon restant silencieux, entre dans sa chambre et ferme la porte..
L’homme assis devient de plus en plus nerveux sur les questions de l’enfant.
Comment ose-t-il poser ce genre de questions juste pour gagner de l’argent ?
Une heure plus tard, l’homme se ressaisit et se dit : Peut-être qu’il avait vraiment besoin d’acheter quelque chose avec ces 6 € et après tout ce n’est pas dans ses habitudes. L’homme alla à la chambre du gamin et ouvrit la porte.
« Tu dors, mon fils ? » demanda l’homme …
« Non papa, je suis éveillé » , répondit le gamin …
« Je pense que j ’ai été trop dur avec toi mon fils…
J ’ai eu une journée très dure, à tel enseigne que je me suis déchargé sur toi. Voici les 6 € que tu as demandé. »
Le petit tout souriant s’écria … « Oh, merci papa ! »
L’homme a vu que le gamin avait déjà de l’argent, et commença à se fâcher de nouveau.
Le garçon comptait son argent doucement, puis regarda son père.
« Pourquoi voulais-tu plus d’argent si tu en avais déjà ? »
« Papa, c’est parce que je n’en avais pas assez. », répondit le gamin.
« Papa, maintenant j’ai 12 €. Puis-je acheter une heure de ton temps ? … S’il te plaît, arrive demain une heure avant à la maison .. J ’aimerais dîner avec toi. »
Le père a été brisé. Il a mis ses bras autour de l’enfant et a demandé pardon…

C’est juste un petit rappel à tous ceux qui travaillent dur dans la vie. Nous ne devons pas la laisser filer entre les doigts sans avoir passé un temps, ou une partie de ce temps avec ceux qui en ont vraiment le besoin, ceux qui sont proches de notre cœur.

Si on meurt demain, la société pour laquelle nous travaillons, pourrait facilement nous remplacer dans les prochaines heures.
Mais la famille et les amis que nous avons laissés derrière sentiront la perte pour le reste de leur vie ….

NB: J’ai trouvé cette histoire dans une page Facebook de KongoLisolo et je me la suis conservée ici.

Nous vivons grâce à la miséricorde de Dieu

Abbé Jean Claude MANARIYO

Abbé Jean Claude MANARIYO

C’est la miséricorde de Dieu qui nous fait vivre. C’est ce que nous constatons en lisant la Parole qui nous est proposée aujourd’hui, méditons-y !
– Moïse a intercédé pour le peuple d’Israël et sa prière a été exaucée
– L’apôtre Paul rend grâce à Dieu pour être pardonné
– Dieu a toujours la joie de retrouver l’homme égaré
– Qu’en est-il pour chacun de nous et que devons-nous faire ?
Dans la première lecture, on nous dit que le peuple d’Israël s’est corrompu. De même qu’Adam désobéit dès le début, Israël désobéit aussitôt après avoir reçu la Loi. N’acceptant pas Dieu qui leur semblait être exigeant, les Israélites voulaient revenir à leur ancienne religion qui ne leur demandait que des fêtes et des rites, avec l’image d’un Dieu bonasse qui rassure les croyants peureux. Ils ont ainsi commis deux péchés : celui de se fabriquer une image de Dieu et celui de se faire un dieu qui leur convient. Dieu ne peut pas être fabriqué, il doit être accueilli tel qu’il se révèle ! Ayant prévu de punir le peuple, Moïse intercède pour celui-ci et obtient le pardon. Il y a ici une part de bonté du serviteur de Dieu qui, même si selon le plan de Dieu il n’aurait subi rien de mauvais, a osé demander pardon pour ses frères humains. Mais surtout, contemplons la bonté de Dieu, qui a daigné écouter Moïse : Il n’a pas voulu lui cacher la douleur de son cœur et il a accepté le dialogue entre Lui et son serviteur : Il était prêt à pardonner. Ce qui s’est passé entre Dieu et Moïse, se passe encore aujourd’hui entre Dieu et ses serviteurs. Nous aussi, osons intercéder pour les pécheurs et Dieu saura comment nous sauver tous ensemble. Nous ne devons pas souhaiter la mort du pécheur, parce que Dieu continue à l’aimer comme Il nous aime nous, pécheurs comme celui que nous jugeons le plus souvent ! Prions les uns pour les autres, nous en avons besoin.
Dans la deuxième lecture, nous voyons l’apôtre Paul qui reconnait la miséricorde que Dieu lui a faite. Il lui rend grâce mais aussi nous invite à reconnaitre nous aussi la générosité de Dieu : « J’ai eu droit à sa miséricorde, parce que le Christ a voulu qu’on voie en moi, le premier, toute sa générosité, et que ce soit un exemple dans le futur pour ceux qui croiront en lui et auront ainsi la vie éternelle. » (1Tm 1, 16). Nous recevons tous le pardon dans le Christ, Nouveau Moïse qui intercède toujours pour nous. Nous devons lui rendre grâce à notre tour.
Dans l’évangile, c’est le même thème du pardon qui revient. Jésus nous l’enseigne par trois paraboles : celle de la brebis perdue, celle de la pièce perdue et celle du fils prodigue. Par toutes ces paraboles, Jésus nous montre que Dieu a la joie de pardonner. Il invite même ses amis à partager sa joie. Qui sont les amis de Dieu qui doivent partager sa joie ? Dans l’évangile, il est dit que ce sont les anges du ciel, mais aussi c’est nous qui devons partager la joie avec Dieu. Dans la parabole de l’enfant prodigue, Il nous dit qu’on l’a habillé la plus belle tunique, qu’on lui a mis l’anneau au doigt et des chaussures au pied, et la fête commença. Le pécheur pardonné doit partager sa joie avec Dieu et ses amis. De l’autre côté, on nous montre le fils aîné, qui s’est mis en colère, refusant d’entrer, etc. Ne le jugeons pas, la plupart de fois, il reflète notre image. La plupart de fois, nous voudrions que le pécheur reste ainsi jusqu’à la fin du monde. La plupart de fois, nous aimons mettre des étiquettes sur les gens. Nous ne disons pas : « Celui qui a volé », mais nous disons : « Le voleur ». Nous pensons qu’il ne se convertira pas ! La plupart de fois, nous ne sommes pas contents d’un pécheur converti, nous souhaiterions qu’il subisse les conséquences du péché et que nous les voyions ! Convertissons-nous donc ! Si nous ne nous convertissons pas, c’est nous qui risquerons de rester dehors comme ce fils aîné, jugeant les autres que Dieu a déjà pardonnés, nous donnant le pouvoir (de Juge) que nous n’avons pas. Osons demander le pardon à Dieu, pour nous-mêmes et pour les autres qui en ont besoin. C’est par la miséricorde de Dieu que nous vivons, rendons-lui grâces en tous moments.

Sinogenda ntashimye

Ndarengutse, ntuma

UMVIRIZA. RIRIMBA

Prier l’Office divin