UKWINJIRA KW’UMUKAMA I YERUZALEMU
Ivyo basoma mu mwaka «A» na «B» twaravyanditse mu bihimba vyagenewe umwaka «A» na «B» nyene. Aha tugira tuhandike ivyagenewe umwaka «C». Iyi Nkuru Nziza tugira ngo dutangurireko, murazi ko ari iyisomwa imbere y’Ukwinjira mw’isengero.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (19, 28-40)
Yezu aja imbere, ararōngōra abigishwa biwe baduga i Yeruzalemu. Ngo yegere i Betifage na Betaniya, hafi y’agasozi kitwa ak’Imizeti, arungika babiri bo mu bigishwa biwe ati : « Gende mu gisagara kiri harya imbere, muza kuhasanga indogobwe y’umukurira iziritse, itarigera igenderwako ; muyiziture muyinzanire. Hakagira uwubabaza igituma muyizituye, muramwishura muti : Umukama ni we ayitumyeko ».
Abatumwe rero baragenda, basanga vyose bimeze nk’uko Yezu yabibabwiye. Mu gihe bariko barazitura nya ndogobwe, beneyo bati : « lyo ndogobwe muyiziturira iki ? » Bati : « Umukama arayikeneye. » Baraheza bazanira Yezu ino ndogobwe, maze bayisasako imitamana yabo, aca bicarikako Yezu. Ngo batangure kugenda, abantu bakaza barasasa imitamana yabo mu nzira. Bari mu gishikira akamanuko ko ku Gasozi k’Imizeti, abigishwa biwe bose batereza ijwi, baninahaza Imana n’agahimbare ku bitangaro vyose bari babonye, bavuga bati : « Haninahazwe uyo Mwami aje kw’izina ry’Umukama ! Amahoro mw’ijuru, n’ishimagizwa rirengere (suite…)










