Évangéliser les aréopages contemporains

Le Blog et l’Admin.

IGIHE C’UBUSHIKIRO: IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka C)

Umukama n’abagwirize kandi n’abasasagarize urukundo mufitaniye kandi mufitiye bose, nk’urwo tubafitiye na twebwe nyene ; maze n’aremeshe imishaha yanyu mu bweranda butagira amahinyu imbere y’Imana Dawe wa twese, gushika umusi Umukama wacu Yezu azoseruka azananye n’aberanda biwe bose.

Mu bisigaye, benewacu, turabinginga tubahanura mu Mukama Yezu : nk’uko mwigishijwe natwe ingene mutegerezwa kwigenza n’ukunezereza Imana, ni ko mwigenza ubu noneho, n’abe ari ko mubirushirizaho. Ni ko, musanzwe muzi ya mabwirizwa twabahaye kubw’Umukama Yezu uko ameze. Lire la suite

« Ng’uyo Yezu araje. Musanganire ». Igihe c’Ubushikiro.

Ico ari co igihe c’Ubushikiro

Joannes Claudius MANARIYO

Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa y’Abanyaroma (Église Catholique Romaine), ni ikiringo kimara indwi zine, cugurura, uko umwaka utashe, urukurikirane rw’ukuntu bahimbaza ikinyegezwa ca Kristu. Muri Ekleziya Gatolika ikurikiza imigirwa yarazwe n’umweranda Ambruwaze (Église Catholique de rite ambroisien), ico kiringo kimara indwi zitandatu. Nk’uko n’ibindi biringo bisanzwe bifise umusi mukuru bigenda bitwerekezako, n’ikiringo c’Ubushikiro kirafise uwo kitwerekezako : kitwerekeza ku musi mukuru wa Noheli, ari wo musi mukuru w’ivuka rya Yezu Kristu. Uwo musi mukuru (Noheli), twovuga ko watanguye guhimbazwa mu gice ca mbere c’ikinjana ca kane inyuma y’ivuka rya Yezu Kristu. Ariko mu kinjana ca gatandatu, ni ho hashirwaho ikiringo c’ukuwitegurira, ubwa mbere ntacari kihari. Muri ico kiringo rero bǎrisonzesha bakongera bakibabaza. Ico kiringo kimaze kujaho, mu nyuma cafashe intumbero ya Liturujiya.

Ukuntu ico kiringo catanguye gushirwaho

Ico kiringo nticamye kiringanijwe muri Ekleziya. Catanguye guhimbazwa mu kinjana ca gatanu. Umwepiskopi Perpet w’i Tours twovuga ko ari we yatanguje ihimbazwa ry’ico kiringo. Mw’ikete yanditse yasavye abakristu ko kuva ku musi mukuru w’umweranda Maritino w’i Tours (uhimbazwa itariki 11 Munyonyo) gushika ku musi mukuru wa Noheli, boza barisonzesha gatatu mu ndwi. Hari abaciye batangura (suite…)

Seigneur, aidez-moi à être ton instrument de paix, et ainsi, faire briller ta lumière.

LES QUATRE BOUGIES.

Quatre bougies étaient allumées (brûlaient) et se consumaient lentement.
Le lieu était si silencieux qu’on eût pu écouter leur conversation.

La première bougie dit : « Moi, je suis la Paix.
Le monde est plein de haine et de guerres. Personne ne réussit à me garder allumée. »
Puis la flamme de la Paix s’éteignit complètement.

La deuxième bougie dit : « Moi, je suis la Foi.
Malheureusement, je ne sers plus à rien.
Les hommes ne veulent plus rien connaître de moi ;
Pour cela, il est insensé que je reste allumée ».
En ce même moment,

(suite…)

Sinogenda ntashimye

Ndarengutse, ntuma

UMVIRIZA. RIRIMBA

Prier l’Office divin