Accueil » Posts tagged 'Prise de possession canonique'
Archives de Tag: Prise de possession canonique
Ijambo rishikirijwe n’Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura mu gihe c’ugushikirizwa ubutumwa bwiwe i Bujumbura ku wa 5 Rusama 2018
Banyenicubahiro, Banyakwubahwa, namwe bakunzi mwese,
- Mw’ijambo ry’uyu munsi uri hejuru, nta kindi numva noshikiriza atari ijambo, ahakuru ry’ubukengurutsi, kumbure nkongerako intumbero n’indoto nerekeza ku butumwa Nyenubweranda Papa Fransisko yampaye muri iyi Diyoseze nkuru ya Bujumbura.
- Narakengurutse, ndakenguruka, kandi nzobandanya nkengurukira Imana, Yo kuva mu mwaka w’i 2000, yashimye kunsangiza kw’ibanga no ku butumwa bw’Abasubirizi b’Abatumwa, mu kundungika muri Diyoseze nziza ntazibagira ya Ngozi. None uyu munsi naho iruhiriye, yongeye kunyizigira mu kunshinga ubutumwa muri iyi Diyoseze nkuru ya Bujumbura, iri ku mugwa mukuru w’igihugu. Ndakengurukiye cane Nyenubweranda Papa Fransisko yanshikirije ubwo butuma bujanye n’ishaka ry’Imana. Nkibwumva, nkiraba inda n’indesho, n’imyaka ngezemwo, vyaranteye akoba, mugabo kubera ko ndi umukristu yemera, yizigira kandi agakunda Imana, narabwakiranye urweze, nka rya shaka ry’Imana; ya Mana batubwira ko itanga akazi no kw’isaha y’icumi y’umuhingamo, hanyuma uwuyikundiye akaba mbere ari we ica iherako mu guhemba neza (raba Matayo 20, 1-16) !
- Ndakengurukiye kandi Intumwa ya Papa mu Burundi, yo yanshikirije ubwo butumwa kandi ikandemesha. Ngakengurukira n’Abepiskopi bagenzanje, eka abasaseredoti, abihebeyimana n’abakristu balayike, ku ruhara bamwe bamwe bose bagize kugira ngo ntorerwe ubu butumwa, haba mu gisabisho bahereje Imana basaba Umwungere w’iyi Diyoseze (suite…)






