Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 132)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
IDOMINIKA YA 4 Y’UBUSHIKIRO (Umwaka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 7, 10-14
(Umwigeme azokwibungenga)
Muri irya minsi, Umukama yasubiriye kubwira Akăzi ati : « Saba Umukama Imana yawe akurungikire ikimenyetso kivuye hasi mu kuzimu canke hejuru mu kirere. » Akăzi yishura ati : « Haba namba, sinoshobora kugerageza Umukama. » Niho Izaya yavuga ati : « Tega amatwi, muryango wa Dawudi ! ntimurarambirwa n’ukuruhisha abantu, none mushaka kuruhisha Imana yanje ! Umukama rero we nyene ubwiwe ni we azobihera ikimenyetso : Umwigeme aribungenze azokwibaruka umwana w’umuhungu, amwite Emanueli. »
Izaburi 23 (24), 1-2. 3-4ab. 5-6
Icit : Arakaza Umukama, Umwami w’inganji !
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,
intara n’ibihaba vyose ;
kuko ari We yayiteretse ku mayaga,
akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,
akaguma mu kibanza ciwe ceranda ?
Ni umuntu mweranda, w’iminwe idahumanye, (suite…)
IDOMINIKA YA 3 Y’UBUSHIKIRO (A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 35, 1-6a. 10
(Imana ni Yo ije kubakiza)
Intara yagadutse n’inezerwe,
ibisaka nibihimbarwe, bitotahare,
bishurike nk’amashurwe,
nibitambe bitarike !
Yagabanye ubuninahazwa bwa Libani
N’ubutore bwa Karmeli na Sharoni ;
bazobona ubuninahazwa bw’Umukama,
n’ubutore bw’Imana yacu.
Komeza amaboko yarushe,
mugorore intege zacitse,
humuriza abo imitima yatuntuye muti :
« Rye umutima amenyo, mureke kugira ubwoba !
Ng’uyo Umukama Imana yanyu : igihe co guhorwa kirashitse,
Imana yabibutse,
ni Yo ije kubakiza. »
Amaso y’impumyi azoca akanura, (suite…)






