Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 133)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

IMPEREZWA N’IC’ICUMI MU MURYANGO W’EKLEZIYA.

obole-de-la-veuveIyo umwaka uriko urarangira, uwundi wimirije gutangura, abantu bararimbura ivyaranze uwo mwaka, bakagira n’ingingo bigiriye kugira ngo bashobore gutera intambwe m mwaka baba bimirije gutangura.  Dufatiye ku kuntu dushigikira umuryango wacu w’Ekleziya, mu vyo ikenera ngo urangure ubutumwa ishinzwe, twibukanye canke twigishanye ibijanye n’imperezwa n’ic’icumi.

Uburyo bumwe kandi burashe bwo kwubaka uwo muryango, ni imperezwa dusabwa gushikanira Umukama, ukaba ari wo muganda w’umw’umwe, ukenewe mu kugabanya ubukene buri kwinshi muri Ekleziya. Kukaba nkako, Ekleziya ni umuryango w’abemera, ubutumwa bwawo butwega twese. Ubwo butumwa tuburangura mu gusamiriza hose Inkuru Nziza, mu kwubaka ingoro z’Imana, no mu gushigikira mu bikorwa vy’iterambere rya bose.

Ufatiye kw’ijambo ry’Imana, mu nyigisho no mu mategeko y’Ekleziya.
1.    Imperezwa yagenewe kwitwararika gutunga abasaseredoti n’ukubafasha kurangura ubutumwa bwabo.
2.    Imperezwa yagenewe gufasha abo bose bihebera ubutumwa bw’umuryango wa paruwasi canke wa Diyoseze, cane cane abamenyeshamana,  n’abihebeyimana barangura ubutumwa bwa paruwasi.
3.    Imperezwa yagenewe kuvamwo ivyo vyose bikenewe mu vyerekeye amasabamana no mu bundi butumwa bw’umuryango, ayandi mashikanwa adashobora ;
4.    Imperezwa ibwirijwe gusahiriza rya sandugu rya Caritasi ryagenewe ingenzi, abakene n’abagowe, ikunganira amashikanwa yo mw’isengero atangwa kw’ihereza ;
5.    Imperezwa ibwirizwa gufasha kugira ngo paruwasi yose ishobore kwiteza imbere mu migambi yayo yategekanije, kuko urugo rutezwa imbere na bene rwo.
6.    Imperezwa ibwirizwa kuja mu matunga y’umuryango, paruwasi yose ikuramwo intererano itanga mw’isandugu rusangi rya Diyoseze, kugira ngo n’abadakora mu maparuwasi, baronke ikibatunga, kandi ubutumwa bwa Diyoseze buranguke.
7.    Imperezwa ija mu matunga   avamwo ivy’uguterera Ekleziya iri kw’isi yose, kugira ngo ubutumwa bwayo bwose bushobore kuranguka.

Bimwe bimwe mu vyo Ijambo ry’Imana rivuga.

« uzogerura ic’icumi ku vyimburwa vy’imbuto wabivye mu murima wawe, ku mwaka ku mwaka, (…) kugira ngo umenye kwubaha Umukama   Imana yawe imisi yose » (Amategeko 14, 22-23). Duca mutegera ko imperezwa canke ic’icumi, ari ishikanwa ritangwa n’umukristu, kugira ngo agaragaze
ko yubaha Imana, kuko yemera ko ari Yo itanga vyose.

« nimuzane ic’icumi kitagabanije mu nzu y’ububiko, kugira ngo habe ivyokurya mu ngoro yanje…. Nzobamirira icononyi, ntikibatikirize ivyamwa vyo mw’itongo, ntikibateshereze umuzabibu kwama mu murima. » (Raba Malakiya, 3, 10-11). Mu gusaba ko hatangwa « ic’icumi kitagabanije », Imana ishaka ko atawotanga imperezwa yikurayo gusa, kuko mu nzu y’Umukama habwirizwa kuboneka imfungurwa.

« Ehe, bene Levi ndabahaye ic’icumi cose gitozwa muri Isarayeli, ni intoranwa ku bikorwa vyabo bakora mw’lhema ry’lbonaniro » (Uguharura 18, 21).

« Haciye imyaka itatu, uzosohora icicumi c’ivyo wimbuye vyose muri uwo mwaka urimwo, ubishire mu marembo yawe. Hazoza rero Umwene-Levi kubera ko ata mutagi oanke intoranwa musangiye, haze inyambukira, impfuvyi n’umupfakazi baba mu marembo yawe, barye bahage, kugira ngo Umukama Imana yawe aguhunde imigisha mu bikorwa ukora vyose » (Amategeko 14, 28-29. Soma kandi Amategeko 15, 1-11)

« ni muze batoni ba Data, muronke ivyiza yabateguriye isi itararemwa » (Matayo 25,35) kuko : « ico cose mwagirìye umw’umwe muri abo bato bato mu bo tuvukana, nije mwakigiriye » (Matayo 25,40). Abo   batobato   Imana   igomba   ko   ari   bo twogaragarizamwo umutima wo kuyakira no kuyifasha, ni abo bose   b’abarushwa,   abapfakazi,   abatama   n’abatamakazi, udupfuvyi tw’intambara canke twa SIDA, abarwaye bihebuye, impunzi zitagira iyo ziva n’iyo zija. Ni abo kandi bataye ukwemera, n’aho boba batunze, kuko uwudatunze Imana ngo amenye ko ari Yo yamuremye kandi ikwiye kwubahwa, ni umukene. Nkako adahindutse, amaherezo yiwe ahava aba amarushwa, nkamwe ya wa mutunzi yabaho yirengagiza gufasha Lazaro umworo (Luka18, 19ss)

« Nimwabigira,  muzoraba ko ntaca ndabugururira amariba y’ijuru, nkabashungururirako imihezagiro itagira uko ingana » (Malakiya 3,11)
« Bitegere namwe : uwubiba bike azokwimbura bike. Uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi ; umwe wese n’atange ico yiyumviriye ku mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe » (2 Kor. 9,6-7).

Mu mabwirizwa y’Ekleziya.

« Wunganire umuryango w’Ekleziya mu kuwuteza imbere, mu gutanga imperezwa n’ibindi ».
Mu gitabu c’Amategeko y’Ekleziya gatolika (Droit canonique) dusoma ko : Abakristu babwirizwa  gutanga ibikenewe, kugira ngo   Ekleziya ironke uburyo bwo kurangura imigambi yayo : iy’uguhimbaza amasabamana, kurangura ibikorwa vy’ubutumwa n’ivy’ikigongwe, no kubeshaho abakozi bayo (Canons : 222, §1 ; 1254, §2 ; 1260).

Dutegere rero ko mperezwa rero ishimikiye   ku gukunda ibanga ryacu ry’ukwemera, n’ugukunda umuryango mushasha twinjiramwo ku bw’ibatisimu duhabwa. Iyo    umuntu    amenye    ko    ari    igisabisho c’ugukenguruka  gishimikiye  ku  kwemera  kwacu   kandi kikugaragaza, aca yumva bimuteye isoni, kubona   kenshi yama yirengagiza gukengurukira neza iyo Mana azeyeko vyose. Kuko naho umuntu yogira ati uyu mwaka ntaco nimbuye none sindibukengurukire Imana, yoba yiyobewe y’uko yoba yibagiye ko   iyo Mana yamuhaye vyinshi mu kumubungabungira ubuzima n’amagara, ryo tunga   rikuru, riseseka ntibayore. None uwu mwaka wawubayemwo gute ufatiye kuri iryo jambo?

Dans les déserts de nos vies : « Préparons le chemin du Seigneur, rendons droits ses sentiers. »

jn-baptisteLes grandes traditions religieuses s’exposent tôt ou tard à la tentation de l’autosatisfaction et de l’immobilisme. Voilà pourquoi l’histoire biblique fut sans cesse secouée par les interventions des prophètes, ces fougueux interprètes de la Parole de Dieu. C’est ainsi qu’Isaïe, rebuté par l’incurie aventureuse des dirigeants de son peuple, annonce l’avènement d’un roi selon le cœur de Dieu, qui fera régner la paix et la justice. L’évocation paradisiaque de cet avenir espéré souligne sa nouveauté proprement incroyable. Sept siècles plus tard, Jean Baptiste stigmatise le conformisme de ses auditeurs : leur qualité de fils d’Abraham ne les dispense pas de la rude conversion qu’exige la venue du Royaume. C’est à cette condition que peut naître un monde où « le loup habitera avec l’agneau », un monde où le désert peut refleurir, surtout le désert d’un cœur stérile qui n’espère plus en rien, n’a plus confiance en celui que Dieu met nos chemins.

«…préparons le chemin du Seigneur », dans les déserts de nos vies.

Le désert est un lieu sans références, où l’on se perd facilement. Pourtant, c’est dans le même désert (celui de nos inquiétudes et nos incertitudes, nos peurs du lendemain, …) que crie la voie du Baptiste : une voix qui crie dans le désert, dans nos désert. Et c’est la raison pour laquelle Jean le Baptiste reçoit des foules qui l’écoutent. Il ne crie pas dans un désert vide, j’allais dire « un désert qui est désertique », mais s’adresse à un désert qui a sa vie concrète, son histoire, ses peurs et angoisses, ses joies,…

C’est ici alors que nous réussissons à cueillir le message d’Isaïe. Il ne dit pas que c’est « une voie qui crie dans le désert », mais il invite à préparer le chemin du Seigneur « dans le désert ». Il n’est pas dit que cette voie parle dans le désert ! C’est pourquoi le Baptiste, même s’il parle dans le désert, ce dernier n’est plus désert puisqu’il est affolé de personnes qui y reconnaissent le désert aride de leurs vies. Autrement dit, ce désert est le leur, c’est leur vie qui est touchée, qu’ils confessent leurs péchés et se font baptiser. «Viens Seigneur, et nos déserts refleuriront », les déserts de nos vies ne resteront plus désertiques, mais pourront porter du fruit.

Le désert est en train de se couvrir de foules ! Il revit ! Non seulement le désert des bords du Jourdain qui devient comme un centre, provoquant un mouvement de partout : de la région urbaine (Jérusalem !) à l’ouest… de la région rurale (le Jourdain !) à l’Est… mais aussi et surtout le «désert du cœur» qui se met soudain à revivre… dans l’humilité et la pénitence. Il ne suffit pas de changer là société» (mais il le faut aussi),
il faut «se changer soi-même», irriguer le désert de notre vie. Ce désert peut se transformer en un lieu de relations des uns avec les autres, et non seulement un lieu de solitudes et d’égarement.

Faire refleurir nos déserts, c’est «être accueillant, savoir se faire tout à tous».

L’ère messianique décrite dans la première lecture se concrétise avec le rétablissement des relations entre les hommes et la création, entre les hommes entre eux, dans un monde qui est toujours en proie aux divisions et exclusions. Paul le rappelle à la communauté chrétienne de Rome, carrefour de races et de mentalités, comme toutes nos grandes villes. Il y avait dans cette Église des fervents et des tièdes, des juifs et des païens convertis. Il était difficile de réaliser l’unanimité des cœurs et des esprits, même dans la prière. Pourtant le Christ n’avait-il pas donne la preuve de son amour pour tous ? Aux juifs qui attendaient le Sauveur promis, comme aux païens, qui apprirent avec joie que le Christ venait aussi pour eux. En implantant l’Eglise au milieu des peuples, n’avait-il pas fait confiance aux hommes ? Est-ce que nous sommes de cette nouvelle mentalité qui voit dans notre prochain, quelqu’un qui a été sauvé par le Christ, pardonné comme moi-même? Suis-je ouvert aux autres, ou bien mon coeur demeure un désert où n’habite personne, où je vis seul, dans la solitude? La conversion est principalement « metanoia », (meta= au-delà, changement, et noia=mentalité). Voici alors le moment favorable pour faire refleurir nos déserts arides, et les irriguer avec des nouvelles mentalités ouvertes aux autres comme Paul le recommande aux Romains: « Accueillez-vous donc les uns les autres, comme le Christ vous a accueillis pour la gloire de Dieu. »

Nous sommes tous investis précurseurs et témoins de Celui qui vient.

Du sein de Marie, Jésus est allé visiter son cousin Jean-Baptiste et l’a investi précurseur bien avant sa naissance. Il en a été tout joyeux, comme le témoigne sa mère Elisabeth : « l’enfant tressaille d’allégresse dans mon sein ». Nous avons aussi été investis de cette mission dès notre baptême. Pour cela, l’attente du jour du Messie ne peut être inactivité, nous devons travailler pour qu’advienne ce règne de paix et de confiance entre nous et auquel nous aspirons. Comment ? Jean-Baptiste nous sert d’exemple. Notre action doit commencer par nous-mêmes avant de s’étendre aux autres. Il s’est converti lui-même, dans son style de vie avant de crier aux autres, comme un témoin crédible qui savait toucher les déserts des cœurs de ses contemporains. Sa joie la plus grande a été celle de rencontrer Celui dont il était le précurseur, quand il a dit : « Voici l’Agneau de Dieu, voici Celui qui enlève le péché du monde ». Ces mots peuvent sonner familiers dans nos oreilles habituées à les entendre avant la communion. Et pourtant, bien au contraire. Sommes-nous convaincus que nous sommes investis de cette mission, chaque fois qu’au renvoi de la Sainte Messe, après avoir rencontre l’Agneau de Dieu, le prêtre nous bénit et nous envoie en mission ?

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO. Umwaka A

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 11, 1-10

(Umurushwa azomucira urw’ukuri akurikije ubutungane)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana :
Ng’iyo ingundu yamutse ku gishitsi ca Yese,
ng’iryo iremba rije riva mu mizi yiwe.
Ng’uwo yuzuwe n’umutima w’Umukama :
agize ugutekereza n’ubwenge bwinshi,
afise ubwitonzi n’ubukomezi,
maze umwuzurira ukaba ubumenyi n’ukwubaha Umukama, (suite…)