Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 149)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

Idominika ya 20 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya : 38, 4-6. 8-10
Umuhanuzi azira ico yatumwe

Jérémie, ProphèteMu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati : « Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n’igihugu cose, mu kuvuga ben’ayo majambo. Oya namba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira. » Umwami Sedesiyasi arabishura ati :« Ng’uyo mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha ! » Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c’umuganwa Malkiyahu. Bămukororeyeyo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurungu c’ivyondo ; Yeremiya agikorokeramwo. Intwazangabo y’ingoro y’umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami, ati : « Mwami wanje nyen’ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane ! » Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n’inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati : « Tora hano abagabo batatu, (suite…)

Ku wa 10 Myandagaro: Lawurenti Mweranda, Umudiyakoni yapfiriye Umukama. (Umusi Mukuru)

Ivyo dusoma mw’Ikete rya 2 Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti ( 2 Kor 9, 6-10)

SAINT-LAURENTNcuti zanje,
Bitegere namwe, uwubiba bike azokwimbura bike, uwubiba vyinshi azokwimbura vyinshi. Umwe wese natange ico yiyumviriye mu mutima, ntabitangane amarira canke agahato, kuko Imana ikunda utangana akamwemwe. Erega Imana ishobora kubahunda ivyiza vyinshi, mukamana imisi yose muri vyose ivyo mukeneye vyose, maze mugasagarara mu bikorwa vyiza vyose,  nk’uko vyanditse ngo: «Yatanze atitangiriye itama, aha aboro, ubutungane bwiwe bwamaho imyaka yose.»  Uwutabaza umubivyi imbuto n’umukate wo gufungura azobatabaza namwe imbuto agireko ayisesekaze, kandi azogwiza ivyavuye ku butungane bwanyu.

IZABULI : Ubuhirwe bw’intungane 111 (112)
Icitabirizo: Harahiriwe umuntu yubaha Umukama

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama, (suite…)

Dans une attente persévérante et fidèle de sa venue, n’ayez pas peur.

Veillez et priezDepuis quelques dimanches (c’est-à-dire depuis la fin du chapitre 9 de Saint Luc qui parle de la montée de Jésus à Jérusalem), nous accompagnons Jésus et celui-ci nous enseigne ce qui fait l’identité du disciple : se conformant à l’enseignement de son Maitre, il se fait proche de celui qui en a besoin, écoute la Parole qu’il s’efforce de mettre en pratique, prie, ne fait pas des biens matériels le centre ultime de son existence.

La liturgie du 19ème dimanche du Temps Ordinaire nous fait méditer sur deux autres caractéristiques de cette identikit, liées entre elles: la capacité de persévérer dans une attente vigilante et la foi courageuse. Ces deux vertus sont possibles si et seulement si (suite…)