Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 204)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

GUSHEMEZA YOZEFU MWERANDA

Ibi twanditse ngaha twabikuye mu Gitabu c’Abakristu, pp. 148-152.

imagesYozefu yarabungabunze Umuryango mweranda w’i Nazareti.
Ubu yama ashigikira umuryango w’abantu b’Imana
ari wo Ekleziya.

Ni we kandi Karorero k’abashinzwe ibikorwa,
abigisha kwifatanya na Yezu mu kubirangura.


AMAZINA YA YOZEFU MWERANDA

Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.

Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.

Mariya Mweranda, dusabire .
Yozefu Mweranda,
Mvukira nyayo ya Dawudi,
Munyangingo mu Basokuru,
Mukunzi w’Umuvyeyi w’Imana,
Murinzi mweranda w’Umubikira,
Murezi w’Umwana w’Imana,
Muzigamyi nyakuri wa Yezu,
Senaka w’Umuryango Mweranda,
Yozefu ntungane ishitse,
Yozefu ntwari ishitse,
Yozefu mugamburutsi wa rwose,
Yozefu rudatana mu ndagano,
Karorero k’abitonda,
Rutinuba ubworo,
Kororero k’abakenuzi,
Rugero rw’ababiranye,
Murinzi w’Ababikira,
Shimikiro ry’abubatse,
Muhoza w’abagowe,
Mizero y’abarwaye,
Muhagarikizi w’abacikana,
Kīza mu mashetani,
Murinzi w’Ekleziya Nyeranda,

Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.

V/ Yamugize Umukuru w’Umuryango wiwe.
R/ Amushinga n’ivyiwe vyose.

Dusabe :

Mana, Wewe uyobora bose iyo uzi ugashikana, waratiye Yozefu Mweranda, ngo abe Umukunzi w’Umuvyeyi wawe nyaguhimbazwa ; dutabare rero, turabikuzamvye mudutungeko twe twamutoyeko umurinzi mu rugendo turimwo, ngo atubere umukunzi mw’ijuru. Wewe wama uri Umwami ubu no mu myaka itazoshira. Amen.

IBINDI BISABISHO

Yozefu Mweranda, ni Wewe wabaye Se w’abihebeye Imana, ukabazigama. Ni wewe Imana yizigiye ikubitsa Yezu We Bweranda nyene na Mariya wa Mubikira akura abandi. Ntabara nanje ntakamba: ku bw’izi mbitso nyagukundwa, Yezu na Mariya, dagusavye, unkize umwanda wose, ubwenge bwanje bwoye gushima ibiterasoni. Ngire rero umushaha wirinda, ngenze neza umubiri wanje, name nkorera mu bweranda Yezu na Mariya. Amen.

Turakwirukira mu magorwa yacu, wewe Yozefu mweranda, naho dutabaje Mariya wa munywanyi wawe mweranda, turakwishimiye na wewe, turagusaba. Mwarakundanye na wa Mubikira yasamwe ata gicumuro, we Nyina w’Imana, warakunze n’Umwana Yezu nk’aho womubereye Se, nico gituma tugutakambira: turabe neza twebwe Yezu-Kristu yahawe n amaraso yiwe, wibuke n’ubukuru bwawe, tuburane,duhagarikire mu magorwa yacu. Waratunze Yezu na Mariya, tunga n’umuryango Yezu-Kristu yakunze; dukize, Data w’umukondo, dukize umwanda wose, ububeshi bwose; n’aho uri mw’ijuru, duhangaze mu ntambara, wewe Muvunyi wacu utananirwa, turwanire dushobore gutsinda amashetani y’umwijima. Nk’uko kera wakuye mu rupfu Umwana Yezu, tabara n’ubu Ekleziya nyeranda y’Imana, yoye guhendwa n’umwansi, uyikize ababisha. Dawe, duheke ku mutima imisi yose, tube tukwigana, duhagarikiwe na wewe, dushobore kumara urugendo rwaeu neza, dupfe turi beranda, turonke ubuhirwe budazoshira mw’ijuru. Amen.

Ewe Yozefu, Muvyeyi uninahaye : wewe uzira kwifata runini ukuzura n’ubutungane, watunze umuryango mweranda i Nazareti n’umwuga ubayabaye, warahaye abakristu cane cane abanyamyuga akarorero k’ubweranda mu muruho w’ibikorwa no mu bwuzure bwa mwe na Mariya na Yezu.
Dushigikire mu buruhe bwacu bwa misi yose kugira butubere uburyo nyabwo bwo kuninahaza Umukama wacu, kwerekera ubweranda, kuba kirumana mu ngo no mu gihugu tubamwo.
Duserukire ku Mukama, se muvyeyi twizeye, adufashe natwe dukunde kwifata uko turi n’ukworohera abandi, kubanguka mu bikorwa no kubana neza n’abandi, kwakiriza yompi ibitugora Imana iturungikira itatwanse, kuba muri iyi si indemesha mu kwemera, mu rukundo no mu kwizigira.
Ese twoshobora kwigana Yezu yakorana ububangutsi n’ubwira mw’isaramara yawe, tugashobora kugira ubuzima bwiza kuri iyi si, butegura ubw’agahimbare gahoraho twlzeye kuronka mw’ijuru. Amen.
(Papa Piyo wa XII).

Yezu, Mariya, Yozefu : ndabahaye umushaha wanje, ubwenge bwanje n’amagara yanje. Yezu, Mariya, Yozefu, mumpagarikire wa musi nzoba ngomba gucikana. Yezu, Mariya, Yozefu, munkingire nze mpfane amahoro mu maboko yanyu.

Tout concourt au bien pour qui garde confiance en Dieu, Lui, le Maître de l’histoire.

1. Quelles que soient les infidélités de l’homme, la miséricorde de Dieu lui est acquise sans défaillance. C’est ainsi que l’auteur de la première lecture interprète l’histoire de l’exil babylonien. L’exil des juifs organisé par Nabucodonosor, en 587 av. J.C., après la destruction du Temple, et le retour de captivité autorisé par l’édit de Cyrus, païen, en 538, sont pour l’auteur du livre des Chroniques l’occasion d’une lecture religieuse de l’histoire. Le Seigneur n’est pas infidèle à son Alliance avec Israël, c’est le peuple qui s’est détourné de lui, qui s’est moqué des prophètes et s’est fourvoyé dans l’idolâtrie. Il s’est acheminé à la catastrophe. Mais Dieu reste fidèle : c’est par un roi païen qu’il accomplira la promesse de Jérémie annonçant que les exilés rentreront dans leur pays et rebâtiront le Temple. Ainsi l’auteur voulait-il maintenir vivante la confiance du peuple dans la fidélité de Dieu à ses promesses messianiques. Aujourd’hui encore des hommes et des femmes qui ne partagent pas notre foi, font avancer la démocratie, la justice et la paix. Ils sont inspirés par Dieu, les reconnaissons-nous ?

2. Dieu a tant aimé le monde qu’il a donné son Fils unique. De nos jours, beaucoup sont tentés par une sorte de pessimisme : «le monde est pourri… il n’y a rien à y faire. Morosité, malaise, dont les justifications ne manquent pas, hélas, pour tout homme lucide : violences, prises d’otage, égoïsmes collectifs et individuels, bassesses de toutes sortes, dépravation morale, perte de la conscience professionnelle, exploitation de l’homme par l’homme, abus des mensonges idéologiques ou publicitaires, matraquages de l’opinion publique et médiatique, désenchantement, etc. Dieu, lui aussi, voit tout cela ! Et pourtant, Il aime ce monde, il ne se résigne pas à son mal, il veut le sauver. Dieu nous prend à contre-pied. Ce monde qui nous paraît parfois si moche, si mal fait, Dieu l’aime. Dieu est passionné par sa Création inachevée, qu’il est en train de conduire jusqu’à la perfection… Le monde n’est pas absurde. Si nous adoptons le égard de Dieu, un «regard d’amour», alors, au lieu de continuer à gémir, nous allons donner notre vie, à notre pour, pour nos frères.

3. Le récit de la rencontre de Jésus avec Nicodème suit immédiatement celui de l’expulsion des vendeurs du Temple, que nous avons médité dimanche dernier. Par cette action prophétique, Jésus s’était opposé ouvertement au parti des grands prêtres et autres notables appartenant au parti des Sadducéens. Ceux-ci gouvernaient le Temple de Jérusalem et la vie religieuse du peuple, mais la légitimité de leur pouvoir était contestée par les Pharisiens. Il n’est dès lors pas impossible que la démarche de Nicodème ait une dimension « politique » : peut-être venait-il suggérer à ce Maître de plus en plus populaire, de se rallier à la cause de son parti dont il semblait épouser les positions. Pour les pharisiens en effet, ce ne sont pas les sacrifices du Temple, mais l’observance de la Loi qui conduit au salut. Voilà pourquoi Nicodème annonce en préambule : « L’acte prophétique que tu as posé dans le Temple, nous a confirmé dans notre opinion : “tu es un maître qui vient de la part de Dieu ». N’est-il pas vrai que nous essayons chaque fois d’engager Dieu pour qu’il soit de notre côté, surtout quand je ne m’entends pas bien avec tel ou tel autre ? Ne cherchons-nous pas surtout à pointer du doigt l’autre, et par-là, éviter de bouger d’un centimètre, pour changer quelque chose en nous ?

4. Ici, Nicodème doit encore découvrir que Jésus n’est pas un commentateur particulièrement inspiré de la Loi ancienne, mais qu’il vient instaurer la Loi nouvelle de l’Esprit. Contrairement aux pharisiens, Notre-Seigneur ne promet pas le salut au prix d’une observance scrupuleuse des préceptes ; mais il invite tous ceux qui croient en lui, à accueillir gratuitement la vie nouvelle qu’il leur offre de la part du Père : « c’est par grâce que vous êtes sauvés, à cause de votre foi. Cela ne vient pas de vous, c’est le don de Dieu », nous dit la 2ème lecture. Car « Dieu a tant aimé le monde, qu’il a envoyé son Fils unique dans le monde, non pas pour juger le monde, mais pour que, par lui, le monde soit sauvé ». En son Fils Jésus-Christ, donc, Dieu a ouvert devant nous une voie nous permettant d’« échapper au jugement » ; à condition bien sûr que nous fixions nos yeux avec amour et reconnaissance sur celui qui accepta d’être « élevé » sur la croix « afin que tout homme qui croit, obtienne par lui la vie éternelle ». Voilà pourquoi l’Eglise nous invite à nous réjouir au cœur même de ce Carême, en ce dimanche dit du « laetare » – d’après la première parole de l’antienne d’ouverture : « Réjouissez-vous avec Jérusalem, exultez à cause d’elle, vous tous qui l’aimez! Avec elle, soyez pleins d’allégresse, vous tous qui portiez son deuil ! Ainsi vous serez nourris et rassasiés de l’abondance de sa joie » (Is 66, 10-11).

5. Il nous faut donc apprendre à vivre dans la mémoire continuelle de Dieu, de ce qu’il a fait pour nous en son Christ. Dieu est Maître de l’histoire : il peut tout faire concourir au bien de ceux qui l’aiment et se confient à lui. Tout comme il s’est servi du roi païen Cyrus pour ramener son peuple sur sa terre afin qu’il lui bâtisse un Temple, ainsi pourra-t-il tirer profit de tous les événements de notre vie, y compris de notre péché, pour nous attirer jusqu’à lui. A travers l’image du Serpent de bronze, l’Evangile de ce jour nous apprend en effet que loin d’être un obstacle à l’action de Dieu, le péché pourrait être l’endroit décisif où le don de Dieu se communique dans toute sa plénitude. A condition que nous acceptions d’exposer notre péché au grand jour de la miséricorde, au lieu de le cacher dans les retranchements de notre conscience enténébrée. C’est en levant les yeux vers le Christ élevé en croix, que nous pouvons voir notre péché dans la lumière de la miséricorde divine et que nous pouvons pressentir le sens du verset de l’Exsultet que nous chanterons dans la nuit pascale : « Heureuse faute qui nous valut un tel Rédempteur ! » – comprenons : heureuse faute qui nous valut la révélation de l’infinie miséricorde de Dieu à notre égard. Comment ne pas nous émerveiller devant un tel Amour, qui dans un seul et même élan, pardonne, recrée et donne part à sa propre vie.

« Seigneur apprends-nous à vivre de la mémoire de tes bienfaits. Puissions-nous ne jamais oublier le don que tu nous fais en ton Fils Jésus-Christ, et laisser la grâce divine dont nous sommes héritiers, produire en abondance son fruit de justice, de paix et de joie : “Je veux que ma langue s’attache à mon palais si je perds ton souvenir, si je n’élève ton Nom au sommet de ma joie” (Ps 136). »

IDOMINIKA YA 4 YO MU KAREMA (Umwâka B)

Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 4 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Ukwibutsa ivyabaye (36, 14-16. 19-23)

Ishavu n’imbabazi Umukama afitiye igihugu ciwe

Ku ngoma y’umwami Sedesiyasi, abakuru bose b’abasaserdoti be n’ishengero ry’abantu bagize ububegito bwinshi, bakaja mu bizira vyose vy’ubuyobe bw’abapagani, bakanduza igisengero ca Yeruzalemu Umukama yari yigiriye ceranda. Umukama Imana ya ba Sokuruza, abatumako intumwa ziwe, akama azindurwa uko bukeye n’ukubatuma, kuko yatewe ikigongwe n’abantu biwe be n’ingoro yiwe. Ariko, bagashinyaguriza izo ntumwa z’Imana, bagakengera amajambo yayo, bagatwenga abahanuzi bayo, gushika aho ishavu ry’Umukama ryaguye ku bantu biwe, ritagishobora kugarurwa. Maze, Abanyababiloni baturira ingoro y’Imana, basenyura n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yeruzalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bahonya n’ivyiza vyaho vyose. Abacitse bagakira inkota, umwami Nabukodonosori abajana i Babiloni, abagira abaja biwe n’ab’abahungu biwe, gushika igihe Abapersi bashikiriye ingoma : kwari ukugira ngo ijambo Umukama yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike : « Igihugu cose kizoba amatongo imyaka mirongo indwi yose, gushika aho kizoba cishuye amasabato yose bari bononye. »

Hanyuma, mu mwaka wa mbere Siro umwami w’Ubupersi agiye ku ngoma, Umukama akabura umutima wiwe, kugira ngo ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Ni uko rero, Siro ashinga iri tangazo mu gihugu ciwe cose, aranaryandika ngo : « Ng’iri irivuzwe na Siro, umwami w’Ubupersi : Umukama Imana Nyenijuru yangabiye ibihugu vyose vyo kw’isi, kandi yanshinze kumwubakira ingoro i Yeruzalemu mu Buyudeha. None umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Umukama Imana yiwe n’abane na we, yongere uwo muntu aduge i Yeruzalemu. »

IZABURI 136 (137), 1-2. 3. 4-5. 6

Icit : Ninaramuka ntakwibutse,
         ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !

Iruhande y’inzuzi za Babiloni twari twicaye,
turira mu kwibuka Yeruzalemu ;
inanga zacu twari twazimanitse
ku biti bitonze kuri izo nzuzi.

Abandi bari baducungiye hano batwinginga
Ngo tubaririmbire uturirimbo turora ku Mana ;
abatugenza nabi badusaba kunezerwa,
bati : « Duterere utuvyino turora kuri Siyoni. »

Mwumva twari gutera utuvyino tw’Umukama,
turi kw’isi itari rwacu !
Ninaramuka ndakwibagiye, Yeruzalemu,
ukuboko kwanje kw’iburyo kuragaca kwuma buhehe !

Ninaramuka ntakwibutse,
kandi ineza ngufitiye ntisumbe izindi,
ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi (2, 4-10)

Inema y’Imana ni yo yadukijije

Ncuti zanje,
Imana ni Nyenikigongwe. Kubera rwa rukundo rwinshi yadukunze, aho twari tukiri abapfu bishwe n’ibicumuro, – muba mukize noneho kubera ubuntu bwayo gusa, – kandi yatuzuranye na we, itwicarika na we mw’ijuru turi muri Kristu Yezu, kugira ngo yerekane mu myaka izoza itunga ry’agahebuza ry’inema yayo mu kutugirira imbabazi muri Kristu Yezu. Koko, ubuntu bwayo ni bwo bwatumye mukira kubera ukwemera ; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana ; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n’umwe yishimagiza. Na none, turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristu Yezu, ngo dukore vya bikorwa vyiza Imana yaduteguriye ngo tubigenderemwo.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege,
uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (3, 14-21)

Imana yaratumye Umwana wayo gukiza isi

Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Moshe yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.

Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi.

Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
Urwo rubanza ni uru : Umuco waraje kw’isi, maze abantu bikundira umuzimagiza ha gukunda Umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Na none, uwukora akabi wese yanka Umuco, kandi ntiyegera Umuco, kugira ngo ibikorwa vyiwe vyoye guseruka ; uwukora ukuri we aregera Umuco, kugira ngo kabe akarangabwami k’uko ibikorwa vyiwe ari ivyakorewe mu Mana. »