Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 222)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
IDOMINIKA YA 27 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu Gitabu c’Umuhanuzi Izaya (5, 1-7)
(Umurima w’Umukama Nyeningabo ni wa muryango w’Israeli)
Hinge ndongorore agahogo ndirimbire umukunzi wanje
Akaririmbo k’urukundo afitiye umuzabibu wiwe.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu
Mu kabande kamera cane.
Nya murima arawurima, awukuramwo amabuye,
awuteramwo umivyaro y’ibiti vyizavyiza vy’imizabibu.
Hagati yawo, ahubaka umunara,
iruhande ahimba urugarama.
Yari yiteze gusoroma imiabibu nyayo,
ariko uwo muzabibu wamye ibiturumbwe.
None bantu b’i Yeruzalemu n’abo muri Yuda,
ducire urubanza twe n’uwo murima wanje !
hari ico nari kugirira umurima wanje,
ntawugiriye ?
Nari niteze ivyamwa vyiza,
none raba haje ibiturumbwe !
Umve rero, murazi
Uko nzogira uwo murima wanje :
nzosambura uruzitiro,
intungwa zize kuharisha,
nsambure uruhome,
abantu bihonyangire.
Nzowugira umusaka,
ntihagire uwuwubagarira canke ngo awurimire,
habe ishamba ry’amatovu n’amahwa ;
ibicu na vyo nzobibuza,
ntibibe bikiharekurira imvura.
Uwo murima w’Umukama, Imana y’ingabo,
ni umuryango wa Israeli ;
ico giterwa yari yitoreye,
ni abantu ba Yuda.
Yari yiteze ubutungane,
None amaraso abarizwa iwabo ;
yari yiteze ukuri,
none birirwa mu marira no mu nduru.
IZABURI 79 (80), 9. 12. 13-14. 15-16. 19-20
Icit : Umuryango wa Israeli ni wo wa murima w’Umukama.
Wa muzabibu wabátura mu Misiri,
ukawubadika mu kwirukana ibihugu ;
amashami yawo agakurira ku kiyaga,
imivyaro yawo ikagarukira ku Rûzi.
Ni kuki warânduye uruzitiro rwawo ?
None abahita bose barawisoromera ;
ingurube zo mw’ishamba zikawutikiza,
na zo inyamaswa zo mu mwonga zikawuvumbura.
Mukama, Mana y’ingabo, n’ugaruke ;
n’urabire mw’ijuru, wihweze ;
n’ugarukire uwo muzabibu
wabaditswe n’ukuboko kwawe kw’ukuryo.
Ntaho tuzosubira kukuvirira,
uzodusubiza amagara, natwe twambaze izina ryawe.
Mukama, Mana y’ingabo, tugarure ;
twerekezeko inyonga zawe,
tuzoca turokoka.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (4, 6-9)
(Ivyo bibe ari vyo mukora.
Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.)
Ncuti zanje,
Ntihagire ico mwinona, ariko muri vyose, nimusabe Umukama, mumutakambire mu gukenguruka, kugira ngo ivyo mumuzamba bimenyekane mu nyonga z’Imana. Ni ho amahoro y’Imana, yo asiga ubwenge bwose, azobazigamira imishaha n’ivyiyumviro muri Kristu Yezu.
Ahasigaye, benewacu, ikintu mukwiye kwitwararika, ni ico cose kirimwo ukuri, ubutungane, ingingo, ubweranda, urukundo n’iteka, ingeso yose imota ubuntu, eka n’ineza yose abantu bashima bagashimagiza. Ivyo nabigishije n’ivyo nabahaye, ivyo mwanyumviseko n’ivyo mwambonyeko, murabe ari vyo mukora. Ni ho Imana Nyenamahoro izohorana namwe.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Jewe nabatoye mbakura mu bandi,
kugira ngo mugende mwongere mwame icamwa, kandi icamwa gihoraho. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (21, 33-43)
(Imizabibu azoyishinga abandi barimyi)
Muri irya misi,
Yezu yabariye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu ati : « Nimwumve uyu mugani. Habaye umugabo yari afise itongo rinini, atera imizabibu, arayizitiran shiramwo ubwato bw’ukugana, yubakamwo inzu y’abarinzi ; araheza ayisigarana abarimyi, aca yigra mu mahanga. Hageze gusoroma, atuma abasuku biwe kuri ba barimyi, ngo bamwakire ivyavuye muri ya mizabibu yiwe. Ariko ba barimyi bafata ba basuku, umwe baramukubita, uwundi barica, uwa gatatu bamutera amabuye. Yongera gutuma abandi barusha aba mbere ubwinshi, babagira kwa kundi. Ubwa nyuma, abarungikira umwana wiwe, yibwira ati : ‘Baza gusonera umwana wanje.’ Babonye umwana wiwe, abarimyi babwirana bati : ‘Ng’uyu samuragwa : ingo tumwice, tumutware iragi.’ Baramufata, bamujana inyuma y’umurima, baramwica. None nyenimizabibu niyaza, azogira ate abo barimyi ? »
Bamwishura bati : « Azokwica nabi abo bagome, imizabibu na yo, azoyishinga abandi barimyi, bazohengera yeze, bamuzanire ivyamuwe. »
Yezu rero ababwira ati : « Ntimurasoma mu Bitabu Vyeranda ngo : ‘Ibuye abubatsi bari bataye, ni ryo ryabaye iremezo ry’inzu ; ng’ico igikorwa c’Umukama kandi ni agatangaza mu maso yacu !’ Ni co gituma ndababariye ko bazobaka Ubwami bw’Imana bakabwihera igihugu kizokwamisha uwo murima. »
Amahirwe y’ukuba uwa-Kristu n’umunyamuryango muri Ekleziya (Ikiyāgo cā 2)
Intumbero y’iki kiyago ni ukugira tugerageze kuzirikana amahirwe dufise y’ukuba turi aba Kristu uko angana, amahirwe dufise y’ukuba tugize hamwe na we umubiri umwe muzima, uwo Pawulo Mweranda yita Umubiri wa Kristu (raba 1 Abanyakorenti 12,27) ni ukuvuga Ekleziya yadusigiye ngo ibandanye iba kw’isi ikimenyetso c’ivyiza vy’Imana.
Ubudasa hagati y’uwemera ico azi na Ntambirakaje
Abashamikiye kuri Kristu, we Muco uva ku Muco, ni ukuvuga Jambo yamaho wa Data, ntibashobora guta umwanya mu kuba ba Ntambirakaje, batwarwa n’ibitagira mvura. Erega n’ayo ni amahirwe adasanzwe. Biragaragara rwose ko abantu biyita ngo ntibemera atari abatagira ico bemera. Ahubwo usanga ari bo bemera kuruta kuko bemera ibisigaye vyose kiretse Imana y’ukuri, mbere kugira berekane ko ukwemera kwabo kudasanzwe, mu vyo bemera baraheba bagashiramwo n’ibintazi. Usanga bemera ivyo bahambije Imana bakayita amazina atari yo, canke bakayitiranya n’ivyo yaremye bakagarukira ngaho. Ni co gituma umuntu aravye neza yosanga abantu bose bafise ico bemera. Igitandukanya abantu rero si ukwemera n’ukutemera kuko abantu bose baremera, ahubwo itandukaniro riri hagati y’ukwemera Imana y’ukuri n’ukwemera ibintazi.
Ukumenya Imana ikwiye kwemerwa iyo ari yo
Uwa Kristu nyawe araronka n’ingabirano y’ukwemanga Imana y’ukuri kandi akagira n’ukwemera kw’intashinguka. Ariko Imana y’uwa Kristu si Imana abantu bashikira kubera ubushakashatsi bwabo, ariko ni Imana Imana nzima kandi y’ukuri, ikunda abantu, igiriranira imigenderanire na bo kandi ikiyerekana nk’umuntu, gushika n’aho ivugwa bwa muntu, nk’aho Bibliya ivuga ivyerekeye ishavu ryayo, amaso yayo, ibirenge vyayo, iminwe yayo, ukuboko kwayo kw’ukuryo gukiza, n’ibindi. Si Imana rero turabira mu vyo yaremye canke mu vyo itumariye gusa ngo duhave tuyishira ku ruhande mu gihe tutakiyikeneye, ariko ni Imana yatwihishuye mw’Ijambo ryayo kugira tuyimenye, tuyambaze tuyizi, ni Imana itaza mu buzima bwacu kutugora, ahubwo iza kubutumbereza neza ibwerekeza kuri yo nyene, yo soko n’iherezo rya vyose.
Uwufata Imana ko iturema igaca irekera ngaho tukimenya, nta ho atandukaniye n’umuhakanyi. Imana yacu si Imana turonderera kure vyanka tukirekera, ni “Imana se w’Umukama wacu Yezu Kristu” (Raba Abanyaroma 15,6; 2 Abanyakorenti 1,3; Abanyefezi 1,3; Abanyakolosi 1,3; 1 Petero 1,3). Ni co gituma inzira irashe dufise yo kuyishikira ari Yezu w’i Nazareti, na we tukaba tumumenyera mu Nkuru nziza yiwe. We nyene yivugiya ati: “Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima. Nta wuja kwa Data atanciyeko. Ko mwamenye, muzomenya na Data.” (Yohani 14,6-7a), ahandi na ho ati : “Dawe yarampaye ibintu vyose kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana ashatse kumuhishurira.” (Matayo 11,27).
Mu kutwihishura mu kinyegezwa c’ukubabara n’ukuzuka vyiwe, Yezu Kristu araha agaciro ibitubabaza mu buzima bwacu, n’urupfu nyene rudasigaye inyuma, akatwereka ko ibidushikira vyose mu buzima vyinjira mu mugambi w’Imana wo kudukiza, tukaboneraho no kumenya ko amaherezo yacu ari ubuhirwe, ko ubuzima bwacu uko bumera kwose budaherera mu gaheza. Uwemera Yezu Kristu, akemera ko yaje kugira tumenye Imana y’ukuri, ntakwiye kumera nka ba bandi bashika aho bibaza ko ibibi bibashikira biterwa n’Imana, mbere ahubwo ko ari yo soko ry’ibibi vyose.
Hari umwanditsi w’umutaliyano wa kera yitwa Verdi, abonye ingene abantu baguma bicana, yageze aho yibaza ati none ko twaremanywe agashusho k’Imana, nkaba mbona abantu baguma bicana, ubwo Imana yo si umwicanyi ? Araheza agaragaza ukwemera kwiwe avuga ati : “Ndemera Imana y’umwicanyi yandemanye agashusho kayo”. Turumva ko ari ukwemera kw’umuhakanyi nyene, kuko agashusho k’Imana ni umuntu akitesha kubera umwidegemvyo yaremanywe awukoresheje nabi. Imana twahishuriwe muri Yezu Kristu, Umucunguzi wacu yapfuye akazuka, ni Imana idushakira ineza, nk’uko Pawulo Mweranda abitomora ati : “Nakare, turazi yuko vyose bibera neza abakunda Imana, abatowe nk’uko ibishaka.” (Abanyaroma 8,28). Na twebwe nyene nitwaba dukunda Imana, vyose bitubera neza n’aho kumbure bitoba bitworohera gushoka tubibona, ivyo tutabona canke tudahamvya na vyo ntibisigura ko bitaba ari vyo nk’uko abigira abahakanyi babiririmba kenshi.
Hari ijambo rigufi Yezu yabwiye abigishwa biwe ariko arabasezera, ariko rikonganiyemwo umwizero wose aba Kristu bafise, na ryo ni iri: “Data arabakunda” (Yohani 16,27).
Uwa Kristu yishimikije iryo jambo, akaribika ahadata mu mutima wiwe, umubabaro wose ashobora kugira, amaganya yose ashobora kumutera agahinda, eka n’urupfu nyene, vyose bica bicika ubusa imbere y’urukundo rw’Imana. Ico ciyumviro Pawulo Mweranda aragishingira intahe muri aya majambo ati : «Ni nde azokwagiriza abatowe n’Imana? Mbega, Imana si yo ibagira intungane? Ni nde azobacira urwo gutsindwa? Mbega, ni Yezu Kristu, kandi ari we yapfuye agaheza akazuka, akaba kandi ari we yicaye iburyo bw’Imana, akongera akatwambariza? Ni nde azodukura ku rukundo rwa Kristu? Mbega, ni amarushwa, canke ni amaganya, canke ni uruhamo, canke ni inzara, canke ni ukubura ico twambara, canke ni amakuba, canke ni inkota? Nk’uko vyanditse ngo: “Twirirwa turicwa batuziza wewe, tugafatwa nk’intama z’imbagwa”. Ariko muri ivyo vyose, turatsinda kubera uwadukunze. Nkako, ndemera ntakekereza ko ata rupfu canke ubuzima, ata bamarayika canke inganji, ata n’ibiriho canke ibizoza, ata bifise ububasha, ata biri mu kirere canke ibwina, ata n’ikiremwa na kimwe kizoshobora kudukura ku rukundo rw’Imana rwamenyeshejwe muri Kristu Yezu Umukama wacu.» (Abanyaroma 8,33-38).
(Bizobandanya)
Amahirwe y’ukuba uwa kristu n’umunyamuryango muri Ekleziya
Intumbero y’iki kiyago ni ukugira tugerageze kuzirikana amahirwe dufise y’ukuba turi aba Kristu uko angana, amahirwe dufise y’ukuba tugize hamwe na we umubiri umwe muzima, uwo Pawulo Mweranda yita Umubiri wa Kristu (raba 1 Abanyakorenti 12,27) ni ukuvuga Ekleziya yadusigiye ngo ibandanye iba kw’isi ikimenyetso c’ivyiza vy’Imana.
Niyaba ari amahirwe kuba umuntu afise ico yemera, ni amahirwe asumbirije kuba umuntu ari umukristu, ari uwa Kristu, ni ukuvuga uwuzi ko ari uwiwe bwite canke akipfuza kurushirizaho kuba uwiwe. Ako ni akabanga kadakwiye kubwirwa imbwa zose. Imbwa zose ni ukuvuga abibeshera ngo ni abahakanyi kandi bazi ko bidashoboka. Uko ni ko Abayahudi bita abapagani batemera Imana imwe nka bo (Raba Matayo 7,6; 15,26). Ni na ko kandi Pawulo Mweranda yita Abayahudi batemeye Yezu, akebura Abanyafilipi kubirinda (Raba Abanyafilipi 3,2). Umurundi we aca avyumva ningoga.
Muti ni kuki tutoterera ibanga ryacu ry’ukuba aba Kristu aho imbwa zibona? Ica mbere ni uko zitoritegera, ahandi na ho ni uko zohava zitiranya n’ukwihenda, akanyamuneza uwa Kristu yamana kava ku kuba azi kandi yishimiye ico ari. Hari n’aho zohava zifata uwa Kristu nk’umunyabwishime mu gihe ariko aremanga ivyiza ntangere Imana yamugiriye.
Hari n’aho mbere uwa Kristu yohava afatwa nk’uwutagira ifatiro kuko bidakunda kumworohera gukurikira umuyaga wose ngo ni ibigezweko nk’uko bikunda guhitana benshi uko imyaka igenda irahita. Uwa Kristu ntibimworohera kuzimirira mu kajagari k’ivyiyumviro vyama ari bishasha ariko bigashira biyonga kuko ubuzima bwiwe bufise umuzi mw’ijuru. Ukuri duhishurirwa n’Umwana w’Imana ntigusaza, kwama ari kunovu, ariko ivyiyumviro vy’abantu biraba agaharawe uyu musi, bwaca ugasanga ni akaboze. Uwa Kristu rero ni uwamaze guhitamwo ikiruta ikindi (raba Luka 10,42), atishinga kuba ntambirakaje.
Ukumenya intumbero irashe y’ubuzima bwacu
Amahirwe ya mbere adasanzwe ku wa Kristu, ni ayo dukura mu ngingo z’ukwemera twarazwe n’Abatumwa b’Umukama. Ukumenya intumbero duha ibintu bisanzwe mu buzima bwacu. Nk’akarorero, iyo aho iwacu mu Burundi hageze ico twita Ubunani, twebwe abemera ni twebwe twenyene tuzi insiguro irashe y’uwo musi mukuru. Si uko umusi mukuru tugira uba uteye igomwe kurusha uw’abatemera, ubudasa ni uko kuri twebwe uba ufise insiguro nyayo kandi isumbirije. Ku bandi ni ugupfa kwimara ipfa ngo umwaka uraheze kandi noneho iyo bukeye umwaka mushasha ugatangura, nta kintu gishasha c’agatangaza umuntu abona, ariko akanyamuneza k’abakristu ko karafise ishingiro rikomeye. Twebwe abemera ntiturazwa ishinga n’uko igiharuro c’imyaka cuzuye, ikituraza ishinga kikadutera n’akanyamuneza ni ukwibuka bimwe bishemeye ikintu nyamukuru mu buzima bwacu: ukwibuka ko, kuva Umwana w’Imana yinjiye muri kamere yacu akigira umuntu nkatwe, imyaka yose dusigaye tuyiharura dufatiye kuri iryo sango. Abantu bose barahimbaza intango y’umwaka, ariko abakristu ni bo nyene ni bo bafise insiguro yumvikana kandi barakwiye kwama bavyibuka.
Eka si ivyo gusa. Umusi w’Imana, benshi bawufata nk’umusi usanzwe w’ukuruhuka, tutiriwe turavuga rero abawuhumanya bakawitiranya n’iyindi misi canke bawurutisha umusi wa gatandatu ngo ni yo Sabato y’ukuri, ariko si bo barundi ntibaba barashikira iteka ry’ukuba aba Kristu, kuko kumbure ntibazi ko ukuzuka kwa Kristu Yezu ku musi ukurikira Isabato ari intambwe mw’icungurwa ryacu kandi ko ata gusubira inyuma nk’ibirenge. Uwa Kristu nyawe we, uwo musi awukesha izuka ry’Umukama wacu, kandi iryo zuka ni ryo rituma tugenda tugororotse kandi dushingura, tugana uwaducunguye kuko aba Kristu ntibameze nk’inzoka iguma yikubiranya, yikomora umurizo nk’uko abafaransa babivuga (le serpent qui se mord la queue). Ubuzima bw’umukristu burafise intumbero bugenda bugana, si ubwo kuguma bwicuza ivya kera, kuko bwamana akanovera kadashobora kwuzura wa musi wo kwibanira n’Imana akaramata udashitse.








