Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 70)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Daniyeli (12, 1-3)

Izuka ry’abapfuye

parousie Jewe Daniyeli numvise iri jambo ry’Umukama : « Umusi umwe, Mikayeli, umukuru w’abamarayika, azohaguruka, ni we ahagarikiye igihugu canyu. Hazoba urwimo rutari bwaboneke, kuva aho intara zibereyeho. Ariko ico gihe, igihugu canyu kizorokoka, ni ukuvuga abanditswe bose mu gitabu c’Imana. Benshi mu bazoba basinziriye mu kuzimu bazokwikangura, bamwe bikangurire ubuzima bwamaho, abandi bikangurire kumaramara no guteterwa imyaka n’imyaka. Abitonzi bazosayangana nk’izuba ryo ku mutaga ; abazoba babaye intungane mu makungu bazoca ibibatsi nk’inyenyeri imyaka n’imyaka.»

IZABULI 15 (16) 5-8, 9-10, 11

Icit. : N’unzigame, Mukama,
         kuko ari Wewe mahungiro yanje.

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,
kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa,
kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona ;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete ryandikiwe Abahebereyi (10, 11-14-18)

Yezu Kristu yarahereje inkuka imwe rudende

Mw’isezerano rya kera, umuherezankuka wese yahora aja gusenga mu gisengero ; inkuka atasiba guhereza zama ari za zindi, kandi ntizishobore gukura ibicumuro namba. Ariko Yezu Kristu we, aho amariye guhereza inkuka imwe rudende y’ibicumuro, yaciye avyagira iburyo bw’Imana ubutakihava, arorereye igihe abansi biwe bazoshirwa munsi y’ibirenge vyiwe bamubere intebe.

Erega, iyo nkuka imwe rudende ni yo yatumye abemeye kugabirwa na We ubweranda, bagashikira ubutungane ubutacisubirako. Iyo ikigongwe kibonetse, nta nkuka y’ibicumuro iba igikenewe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.
Nimwame mugavye, musabe imisi yose,
kugira ngo mushobore guseruka imbere y’Umwana w’umuntu.
Aleluya

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 24-32)

Muzobona Umwana w’Umuntu aje mu bicu

jugement-dernierUmusi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe, ati: « Muri nya misi, ayo marushwa mvuze ahavuye, izuba rizodegera, ukwezi ntikuzoba kukibonesha, inyenyeri zizokoragurika, ziva kw’ijuru, ububasha bw’ijuru buzonyiganyiga. Niho rero muzobona Umwana w’umuntu aje mu bicu afise inganji n’ubuninahazwa bwinshi. Azoheza arungike abamarayika biwe gukoranya abatowe mu nkiko zose z’isi, iyo isi n’ijuru biva bikagera hose. Igiti c’umutenahi cobibagereraniriza. Iyo amashami yaco atoshe, amababi akanaga, muca mumenya ko iremba riri hafi. Ni ko kw’uko, ni mwabona ivyo vyose bishitse, muramenya ko Umwana w’umuntu yashitse, ari kw’irembo. . N’ukuri ndabibabariye : uru rwaruka ntiruzohera, ivyo vyose bitaraba. Ijuru n’isi bizoteba bihere, yamara amajambo yanje ntazohera. Ariko umusi wa rwo be n’isaha, nta n’umwe awuzi, nta n’abamarayika bari mw’ijuru, nta na Mwana nyene, Data musa ni we abizi.»

Nothingness is destructive. Emptiness is favorable to a spirit of openness and creativity.

Detachment for a “heart that sees” the neediest.

HomélieToday, the Gospel presents Jesus Christ as the Master, who speaks to us about the detachment which we must live by. In the first place, a detachment of our honor and recognition which, every so often, we are looking for: «Beware of (…) being greeted in the marketplace, and occupy the reserved seats in the synagogues and the first places at feasts» (cf. Mk 12:38-39). In this sense, Jesus prevents us from following the bad example of the scribes. In the second place, detachment of material things. Jesus Christ praises the widow while regretting, at the same time, the deceit of the others: «For all of them gave from their plenty, but she gave [the widow] from her poverty and put in everything she had, her very living» (Mk 12:44). He who does not live the detachment of worldly things does live full of his own ego, and is incapable of loving. In such a state of mind there is no “room” for others: neither compassion nor leniency or understanding towards our neighbor.

“I have nothing…” “The jar…shall not go empty.”

Nothingness and emptiness – is there a difference? To speak of nothing brings to mind a sense of desolation and darkness. Emptiness on the other hand, isn’t so desperate; something empty can be filled: mu tea cup is empty but may be filled. Although we may describe times of our life interchangeably using nothingness or emptiness, they have different meanings for Christians.

Today’s first reading recounts the story of Elijah and the widow of Zarephath. The context is this: the Jewish people stopped worshipping the true God to follow false gods, along with the high-ups of society exploiting the poor. So, the Prophet Elijah informs the king that there will be a drought until they repent. And Elijah flees (suite…)

Hari umurushwa yatabaje, Umukama arumva (Zaburi 33,7). Ijambo rishikirijwe na Nyenubweranda Papa Fransisko ku musi mpuzamakungu wahariwe aboro

Pope Francis Attends His Weekly Audience - June 5, 2013

Pape François (Crédit photo : Franco Origlia/Getty Images)

1. Aya majambo y’umwanditsi w’izaburi abaye ayacu iyo tubona ibihe vy’ububabare n’ugukumirwa benewacu benshi barimwo, aribo dukunda gufatira mw’ijambo rimwe ngo ni « aboro ». Uwuriko arandika aya majambo si uwigirisha, arazi vy’ukuri ico ariko aravuga.
Yarabaye we nyene mu bworo, ariko akabuhinduramwo uruvyino rwo kuninahaza no gukengurukira Imana. Na twebwe duhangana n’ubwoko butandukanye bw’ubworo.
Iyi zaburi iduhaye akaryo keza ko gusubira kuzirikana aboro b’ukuri abo ari bo, tukaba duhamagariwe kuberekeza ko amaso kugira ngo twumve amaborogo yabo, tunahamenyere ivyo bakeneye.

None abo boro bavugwa ni bande?
Ubwa mbere twarumvise ko Umukama yumviriza aboro bamuborogera, kandi ko yakira neza abamuronderako ubuhungiro, ab’umutima waseserejwe n’intuntu, irungu n’ugukumirwa. Umukama arumviriza abo agateka kabo kartyojwe, ariko bakaba bafise inguvu z’ukuraramura amaso hejuru kugira baronke umuco n’ikibaremesha. Arumviriza abacinyizwa n’ubutungane budashingiye ku ngingo, abakandamizwa n’abanyepolitike badahesha icubahiro izina ryabo, abagendana ubwoba ko bohava bahohoterwa, maze bakabona ko Imana ariyo Mukiza wabo.

Icamwa c’ico gisabisho ni umutima w’ukwiheba mu kwizigira Dawe wa twese yumviriza kandi yakira. Ni muri iyo ntumbero y’inkwirikizi zibabaje, dushobora gutegera ivyo Yezu yigishije yerekana abahiriwe, agatangura agira ati : « Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo, kuko ubwami bw’ijuru ari ubwabo. » (Mt 5,3).

Kubera icigwa umuntu akura mu guca muri iyo nzira, (suite…)