Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 60)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 37, 12-14

(Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima)

Ng’iri ijambo ry’Umukama Imana : Ngiye gufurura imva zanyu, ndabakureyo, ndabasubize mu gihugu canyu c’Israeli. Muzoheza mumenye ko arije Mukama. Nzobaha umutima wanje ngo mube bazima, nongere ndabasubize mu gihugu canyu. Niho muzomenya ko arije Mukama : narabivuze kandi nzobirangura. Ng’iryo iryo Umukama avumereye.

Izaburi 129 (130), 1-2. 3-4b. 4c-6. 7-8

Icit :Urukiza ruva ku Mukama
Benshi bakaba ariho bakirira rwose.

Ndagutakambiye, Mukama, ndi mu nyenga,
Mukama, ndagutabaza, nyumvira :
n’untege amatwi,
igisabisho canje kibashe kugushikira.

Mbega, Mukama, niwaraba akabi kacu,
ni nde azorokoka ?
Ariko ikigongwe kiva iwawe,
nico gituma bakwubaha kandi bakwizera.

Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe, ni ryo nizeye ;
umutima wanje uriteze Umukama,
gusumvya abateramyi biteze umutwenzi.

Israeli na yo niyitege Umukama,
kuko urukiza ruva ku Mukama,
benshi bakaba ariho bakirira rwose ;
ni We azobohora Israeli,
akayikiza ibicumuro vyayo vyose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 8, 8-11

(Umutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye ubagerereyemwo)

Ncuti zanje,
Abaguma bagenzwa n’umubiri ntibashobora kunezereza Imana. Mweho rero, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo. Umuntu atagira umutima wa Kristu, si uw’Imana. Ariko, Kristu niyaba ari muri mwebwe, n’aho umubiri ukwiye gupfa kubera igicumuro, umutima wo ni muzima kubera ubutungane. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye niyaba yabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.

INKURU NZIZA

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

Umukama yavuze ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ;
uwunyemeye ntazokwigera apfa. »

Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.

 Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 1-45

 Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki

 (Jewe ndi izuka n’ubuzima)

Muri irya misi,
Hari umurwayi yitwa Lazaro, w’i Betaniya, ku mutumba wabako Mariya na Marita mwenewabo. (Uwo Mariya, ni umwe yasiga Umukama amavuta amoga, akongera agahanaguza imishatsi ibbirenge vyiwe. Uyo Lazaro yari arwaye, ni musazawe). Bashiki ba Lazaro batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu asubizayo ati : « Iyo ndwara si urujanyi ni uburyo bwo kuninahaza Imana, izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. »

Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi dusubire mu Buyudeha. »

Abigishwa biwe baramwishura bati : « Mukama, ejo bundi, Abayahudi bashatse kukwicisha amabuye, none usubireyo ! » Yezu arababwira ati : « Ntihari amasaha cumi n’abiri ku musi ? Uwugendagenda ku mutaga ntatsitara, kuko abona umuco wo kw’isi ; ariko uwugenda mw’ijoro, aratsitara kuko ata muco abona. » Avuze artyo, arungikanya ati : « Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye ; ngirango ngende kumukangura. » Abigishwa biwe bati : « Mukama, niyaba asinziriye, azokira. » Yezu we yavuga urupfu, bo yamara bakagira ngo ni akaruhuko k’itiro risanzwe. Yezu noneho arabafoborera ati : « Lazaro yapfuye, kandi ndanezerewe kubwanyu ko atariho nari ndi, kugira ngo mushobore kwemera. Hogi rero tuje kumuraba. » Toma, umwe bita Didimo, ngo avyumve, abwira abandi bigishwa ati : « Hogi tujane, tuje kumgwa inyuma ! »

Yezu ngo ashike i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Betaniya yari hafi ya Yeruzalemu, hari nk’istadi cumi na zitanu. Abayahudi benshi bari baje kugandara kwa Marita na Mariya ngo babahoze kubera urupfu rwa musaza wabo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha. » Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima ; uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. » Avuze ivyo, aca agenda guhamagara mwanewabo Mariya, amwongorera ati : « Umwigisha yaje, araguhamagaye. » Ngo avyumve, Mariya arahaguruka ningoga, aratebuka kumusanganira. Yezu ntiyari bwashike mu gisagara, yari akiri aho bahwaniye na Marita. Abayahudi bari kumwe na Mariya mu nzu bamuhoza, bamubonye ahagurutse ningoga, agasohoka, baciye bamukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.

Mariya, ngo ashike aho Yezu ari, amubonye, yikubita hasi ku nyundo ziwe, ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa ! » Yezu abonye Mariya ariragurika, n’Abayahudi bamuherekeje biyuha iryosozi, na we bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » Bamwe muri bo yamara bati : « Uwahumuya uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »

Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu yakoze, baramwemera.

Igisomwa kigufi :

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 11, 3-7. 17. 20-27. 33b-45

Muri irya misi,
Marita na Mariya, ari bo bashiki ba Lazaro, batuma kuri Yezu bati : « Mukama, umwe ukunda ararwaye. » Ngo avyumve, Yezu ati : « Iyo ndwara si urujanyi, ni uburyo bwo kuninahaza Imana ; izotuma Umwana w’Imana aninahazwa. » Yezu yarakunda Marita na mwenewabo Mariya na Lazaro. Aho yumviye ko Lazaro arwaye, aguma aho yari ari imisi ibiri. Araheza abwira abigishwa biwe ati : « Hogi, dusubire mu Buyudeha. »

Yezu ngo ashike, asanga Lazaro amaze imisi ine mu cobo. Aho Marita yumviye ko Yezu ashitse, yaciye aja kumusanganira ; Mariya na we asigara mu nzu yicaye. Marita rero abwira Yezu ati : « Mukama, iyo uba ngaha, musanzanje ntiyari gupfa. Yamara rero n’ubu ndazi ko ico uza gusaba Imana cose ikiguha.» Yezu amubwira ati : « Musazawe azozuka. » Marita aramwishura ati : « Ego ndabizi ko azozuka mw’izuka ry’umusi w’imperuka. » Yezu aramwishura ati : « Jewe ndi izuka n’ubuzima : uwunyemeye n’aho yoba yarapfuye, azoba muzima. Vyongeye, umuntu wese abaho kubwanje akongera akanyemera, ntazokwigera apfa. Uremeye ivyo ? » Amwishura ati : « Ego, Mukama, ndemeye ko uri Kristu Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza kw’isi. »

Na we Yezu bimwanka mu nda. Araheza ababaza ati : « Mwamuhamvye he ? » Bamubwira bati : « Mukama, ingo wirabire. » Yezu ararira. Abayahudi rero bati : « Ehe ukuntu yamukunda ! » BAmwe muri bo yamara bati : « Uwahumuye uwavutse ari impumyi yananiwe n’ukubuza uwo gupfa ! »

Yezu asubira gusimbwa n’umutima, araheza agenda ku cobo : ryari isenga ryugajwe ibuye. Yezu ati : « Kura ibuye. » Marita na we amubwira ati : « Mukama, aramaze kunuka, kuko ahamaze kane. » Yezu amwishura ati : « Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana ? » Barakura rero rya buye. Na we araramuye amaso, avuga ati : « Dawe, ndagushimiye ko wanyumviye. Ndazi ko wama unyumvira ; ariko mvuze ntyo kubera ishengero rinkikije, babonereho kwemera ko ariwe wantumye. » Avuze artyo, ashira ijwi hejuru ati : « Lazaro, sohoka ! » Nya muhisi arasohoka uko yagahambiriwe, impuzu ku maguru no ku maboko, mu maso na ho hafutswe n’ikiremo. Yezu rero ababwira ati : « Muhamburure, mumureke agendagende. » Benshi rero mu Bayahudi bari baje kwa Mariya, babonye ico Yezu agize, baramwemera.

IDOMINIKA Y’7 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi : 19, 1-2. 17-18
(
Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene)

Umukama yabwiye Moshe ati : « Bwira Abanyisraeli bose uti : Nimube beranda, kuko jewe, Umukama Imana yanyu, ndi mweranda. Ntuzokwanke mwenewanyu. Utegerezwa gukebura kavukire, niho utazokwikwegerako igicumuro ciwe. Ntuzokwihore kandi ntuze ugirire inzigo abo musangiye igihugu. Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ni Je Mukama ! »

Izaburi 102 (103), 1-2. 3-4. 8. 10. 12-13

Icit : Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe.

Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Uko ducumura, siko aduhana,
Uko tumutuka, siko adusubiza.

Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
Niko adushira kure y’akabi kacu ;
Nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
Niko Umukama akunda abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 3, 16-23
(Vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana)

Ncuti zanje,
Mbega, ntimuzi yuko muri ingoro y’Imana kandi ko Mutima w’Imana aba muri mwebwe ? Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana izomusambura, kuko ingoro y’Imana ari nyeranda, kandi iyo ngoro ni mwebwe.
Ntihagire n’umwe yihenda : muri mwebwe, nihagira umwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri ; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo : Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo, kandi ngo : Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ataco bimaze.

Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu ; kuko vyose ari ivyanyu, ari Paulo canke Apolo canke Kefas, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza ; vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we urukundo rw’Imana niho ruba rurangukiye.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 38-48

(Nimukunde abansi banyu)

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Ijisho ki rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho ndababwiye kudahangana n’umuhambazi ; nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, muhereze n’irindi. Uwushaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu, muhebane n’igikwemu. Umuntu niyakugobera ngo mujane inzira y’intambwe igihumbi, mukwirikire mugire ibihumbi bibiri. Uwugusavye n’umuhe, uwukuguranye ntumwinyungushure.

Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Uzokunda umugenzi wawe, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti : Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya.

Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe ? Abatozakori bo ntibabigira ? Kandi muramukanije na benewanyu gusa, mwoba mugize iki c’akatabonetse ? Abapagani bo ntibabigira ? Mweho rero, nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda. »

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 15, 15-20

(Nta n’umwe Umukama yarekuriye kuba umuyobe)

Niwabishaka uzorangura amateka y’Imana, kuko ukugumya ibanga ari wewe bivako.
Umukama yaremye umuriro n’amazi, abishira imbere yawe : shira ukuboko aho ushaka.
Imbere y’abantu hari ubuzima n’urupfu, muri ivyo bibiri, batora ico bashimye.
Nkako, ubutungane bw’Umukama ni agatangaza, ntakimunanaira kandi abona vyose. Yamiza ijisho ku bamwubaha, kandi arazi utwo abantu bigira twose. Nta n’umwe yategetse kuba umuyobe, kandi nta n’umwe yarekuriye gucumura.

Izaburi 118 (119), 1-2. 4-5. 17-18, 33-34

Icit : Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.

Hahiriwe abagendera ubutungane,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama ;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.

Ni Wewe washinze amateka yawe,
Kugira ngo bayazigamane ubwira.
Ese mu ngiro yanje
Nokwama nkurikiza ivyo ushaka.

Girira neza umusavyi wawe, niho nzohema,
nkarangura ijambo ryawe.
Mpumura, niho nzobona
Ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.

Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe :
ni yo nshaka kugenderamwo iminsi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 6-10

(Imana yatugeneye ubwenge kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa)

Ncuti zanje,
Niko, ubwo bwenge ni bwo tuvugana mu beranda, yamara si ubwenge bw’iyi si, kandi si ubw’abaganza iyi si barariye guhona. Ubwenge tuyaga ni ubwenge bw’Imana, atawobutahuza, ni ubwenge bw’ikinyegezwa, Imana yatugeneye kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa, ubwenge ata n’umwe mu baganza iyi si yigeze amenya : iyo babumenya, ntibari kubamba ku musaraba Umukama nyen’ubuninahazwa.
Ariko, nk’uko vyanditswe, tumenyesha ico ijisho ritigeze ribona, ico ugutwi kutigeze kwumva, ico umutima utigeze wiyumvira, eka ivyiza vyose Imana yateguriye abayikunda.
Natwe rero, ni twe Imana yabuhishuriye kubwa Mutima ; kukaba nkako, Mutima ategera vyose, n’ibinyegezwa vy’Imana nyene.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mwami w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bw’ijuru.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 17-37

(Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki)

Jeho ndababwiye ibi
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
«Ntimugire ngo nazanywe n’ugukura amateka canke inyigisho z’abahanuzi ; eka sinazanywe n’ukuzimanganya, naje kunogerereza. Kuko ndababwiye ivy’ukuri : Ijuru n’isi bikiriho, nta n’akadome, nta n’akarongo bizova mu mateka, ivyo vyose bitaranguwe.

Uwuzorenga ibwirizwa rimwe ryo muri ayo mategeko kandi akigisha abandi kugira nka we, azogirwa uwanyuma mu Bwami bw’ijuru ; ariko uwuzoyakora akayigisha, uyo azogirwa ukuru mu Bwami bw’ijuru.
Kuko ndabibabwiye : nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.

Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobobazwa ku rubanza ; na we uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare ; amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.

Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe kw’altari, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’altari, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe ningoga n’uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero ; ni ivy’ukuri ndabikubwiye, n’isenge utayishuye ntuzovayo.

Mwarumvise iryavuzwe ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we. None rero, ijisho ryawe ry’iburyo rigutirimukije, rirandure urite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. Na ho iminwe yawe y’iburyo igutirimukije, yice uyite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga.

Iryavuzwe, ni uko uwuzokwirukana umugore wiwe azomuha ikete rimenyesha ko yirukanywe. Jeho ndababwiye nti : Uwo wese yirukana umugore wiwe kiretse niyaba yakoze ibiterasoni, aba amutumye kuba umusambanyi ; kandi uwabira umugore yirukanywe, na we ni umusambanyi.

Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jeho ndababwiye kutarahira namba : habe n’ijuru, kuko ari icicaro c’Imana, habe n’isi, kuko ari urwuririzo rw’ibirenge vyayo, habe na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami mukuru. Nturahire umutwe wawe, kuko ata n’agashatsi kawo wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »

(Igisomwa kigufi ni iki 🙂

Inkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 20-22a. 27-28. 33-34a. 37

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : Nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa ku rubanza.
Mwarumvise iryavuzwe, ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we.
Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jewe ndababwiye kutarahira namba. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »