Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches (Page 61)

Archives de Catégorie: Dimanches

IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 58, 7-10
(Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi)

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
« Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati : “Ndi hano.”

Níwakūrá iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje ico nawe wipfuza, niwamara inyota ivyipfuzo vy’umurushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umukorane wawe wakake nk’izuba ryo ku mutaga. »

Izaburi 111 (112), 4-5. 6-7. 8a. 9

Icit: Mu mwijima, ni Wewe muco w’abantu b’intungane.
Canke: Alleluya.

Mu mwijima, umuco uzoboneshereza umuntu mweranda,
agira impuhwe, ubushikirane n”ubutungane.
Aratabara abarushwa, akagurana bitavuye imutwe,
azira kugunga mu vyo adandaza.

Ntaho azokwigera anyiganga,
bazokwama bamwibuka imyaka n’imyaka.
Ntatinya kumenya ibimubangamira,
umutima wiwe urakomeye, wizigira Imana nsa.

Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba ;
n’abansi nyene ntabibanga
ingene atabara aboro ntawovyīgāna,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 1-5
(Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu yabambwe ku musaraba)

Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agashitsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njiri Nyeranda yanditswe na Matayo : 5, 13-16

(Ni mwebwe muco w’isi)

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Ni mwebwe munyu w’isi. None, umunyu utagisosa, icowusubiza ako kanovera cova hehe ? Ntaco uba ukimaze, usigaye ari uwo gushiburira hanze, abantu bakikandagirira.
Ni mwebwe muco w’isi. Ntawushobora guhisha igisagara cubatswe mw’itāba ry’umusozi. Kandi ntawudomeka itara ngo aryubikeko umubehe ; arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rikaboneshereza abari mu nzu bose. Uko ni ko umuco wanyu wokwibonekeza mu maso y’abantu, maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakaninahaza So wanyu ahangamye mw’ijuru. »

IDOMINIKA YA 4 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Sofoniya : 2, 3; 3, 12-13
(Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa)

Rondere Umukama, mwa bantu batobato mwese bo kw’isi, muhore mmugamburukira amateka yiwe. Reondere ubutungane, mwicishe bugufi ; kumbure muzoba mwikinze ishavu ry’Umukama aho rizokwadukira.
Mu gihugu cawe, nzosigaza abatobato n’abicisha bugufi gusa, kandi agasigarira ka Israeli kazohungira mw’izina ry’Umukama. Bazoheba ubuyobe bwose, bihane ikinyoma cose, abangushi na bo bacibwe. Bazogandagaza ku mitumba, baruhuke atawubariye urwara.

Izaburi 145 (146), 7. 8-9a. 9b-10

Icit :  Hahiriwe abri n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo.
Canke : Alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
Ni We agorora abahetamye,
Ni We akunda abantu b’intungane,
Ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azohora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 1, 26-31

(Abatagira ububasha nib o Imana yitoreye)

Ncuti zanje,
Nimuzirikane ihamagarwa ryanyu uko rimeze : muri mwebwe, abanyabwenge kubw’abantu si bo benshi, abakomeye si bo benshi, abana b’imiryango mikuru si bo benshi. Yamara ibijuju mu maso y’abantu ni vyo Imana yitoreye ngo itetereze incabwenge ; abatagira ububasha ni bo Imana yitoreye ngo itetereze abagendera ku bubasha bwabo ; abatagira akaryango mu bantu n’bakengerwa ni bo Imana yitoreye, n’ibitariho mbere Imana yaravyitoreye ngo igire ubusa ibiriho, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe yihayagiza imbere y’Imana.
Ni Yo ibaha kuba muri Kristu Yezu, ni Yo yamuduhaye ngo atubere ubwenge, ubutungane, ubweranda n’urukiza, kugira ngo, nk’uko vyanditswe, « Uwihayagiza yihayagize mu Mukama. »

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 1-12a
(Hahiriwe abari n’mutima ushima ubworo)

Yezu abonye ishengero rikoranye, aduga ku gasozi ; ngo amare kwicara, abigishwa biwe baramwegera. Araheza atangura kuvuga, abigisha muri aya majambo :

«Hahiriwe abari n’umutima ushima ubworo : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Hahiriwe abitonda : kuko bazotorana isi !
Hahiriwe abari mu marira : kuko bazohozwa !
Hahiriwe abashonje n’abanyotewe ubutungane : kuko bazoshira ipfa !
Hahiriwe abanyakigongwe : kuko na bo bazokigirirwa !
Hahiriwe abari n’umutima mwiza : kuko bazobona Imana !
Hahiriwe abaremesha amahoro : kuko bazokwitwa abana b’Imana !
Hahiriwe abahamwa bahorwa ubutungane : kuko Ubwami bw’ijuru ari ubwabo !
Muzoba muhiriwe nibabatuka, bakabaremera amabi yose kubwanje : muranezerwe muhimbarwe, kuko impera yanyu izoba nini mw’ijuru ! »

IDOMINIKA YA 3 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 8, 23b-9, 3

(Mu Bugalile bw’abanyamahanga, igihugu cariboneye umuco w’agatangaza)

Kera Imana yaratetereje igihugu ca Zabuloni n’ica Neftali; ariko mu nyuma yarateye iteka inzira ikikuza ikiyaga, hakurya ya Yordani, no mu Bugalile bw’abanyamahanga.
Igihugu cahora mu mukorane cariboneye umuco w’agatangaza, umuco warasiye ku bantu bari muri ico gihugu c’umwijima.
Warongereje akanyamuneza kabo, ubasesekariza agahimbare : none bariko barakwigina, banezerewe nk’abariko barimbura, bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi. Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu, ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe, ikibǒko c’uwabatwaza umukazo wagiciye nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.

Izaburi 26 (27), 1. 4. 13-14

Icit: Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.

Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?

Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa :
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
iminsi yose y’ubuzima bwanje,
ngo mpimbarwe n’uko Umukama ari mwiza,
nkaguma mu ngoro yiwe.

Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
Kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti: 1, 10-13. 17
(Nimube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe)

Ndabasavye, benewacu, kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, mube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe ; nimuhuze imitima, muname rimwe. Nkako nyene, abantu b’i Klohe barambwiye ivyanyu : ngo hari imitongano muri mwebwe. Ni ukuvuga ko umwe wese muri mwebwe yitora akavuga ati: « Jewe ndi uwa Paulo », uwundi ati : « Nanje ndi uwa Apollo », uwundi na we ati : « Nanje ndi uwa Kefas », uwundi ngo : « Nanje ndi uwa Kristu ». Mbega, Kristu yaciwemwo ibice ? Mbega, Paulo ni we yabambwe ku musaraba kubwanyu canke mwabatijwe kw’izina rya Paulo ?
Eka, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru Nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Yezu yarigishije Inkuru Nziza y’Ubwami,
akiza ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 4, 12-23

Igisomwa kigufi : 4, 12-17

(Yezu aza kuba i Kafarnaumi, ngo ijambo ry’Umuhanuzi Izaya riranguke)

Yezu amaze kwumva ko Yohani Batista yatawe mw’ibohero, asubira mu Bugalile. Avuye mu gisagara c’i Nazareti, aza kuba i Kafarnaumi, igisagara cegereye ikiyaga ku mbibe za Zabuloni na Neftali, ngo ijambo ry’umuhanuzi Izaya riranguke : « Gihugu ca Zabuloni, nawe gihugu ca Neftali, wewe nzira irora ku kiyaga, hakurya ya Yordani, Bugalile bw’abanyamahanga : igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza warasiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu. »
Kuva ubwo, Yezu atangura kwigisha, avuga ati : « Nimwihanure, kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

(Igisomwa kigufi giherera aha).

Yezu rero aca ku nkombe y’ikiyaga c’i Bugalile abona abavukana babiri, Simoni yataziriye Petero na mwenewabo Andreya, bariko baratera insenga zabo mu kiyaga : na none bari abarovyi. Ababarira ati : «Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Nabo baca baheba insenga zabo, baramukurikira.
Ahavuye, arabandanya abona abandi bavukana babiri, Yakobo mwene Zebede na mwenewabo Yohani, bari mu bwato kumwe na se wabo Zebede, bariko barasana insenga zabo ; araheza arabahamagara. Na bo ubwo nyene baheba insenga zabo na se, baramukurikira.

Yezu yaragendura Ubugalile bwose yigishiriza mu masinagoga, yigisha Inkuru Nziza y’Ubwami, akiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.