Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 66)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Idominika ya 29 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (17, 8-13)

(Igisabisho gihozako ca Moshe kiratsinda abansi)

priere-de-moiseMu gihe abanyisraeli bari mu gahinga, Abameleki baraja kubatera i Refidimu. Moshe rero abarira Yoshuwa ati : « Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki ; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. »
Yoshuwa agira nk’uko Moshe yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki ; Moshe na Aroni na Huri baraduga, baja ku mpinga y’uwo musozi. Maze, Moshe iyo amanitse amaboko, Abanyisraeli ni bo batera baja imbere ; ayamanuye na ho, Abamaleki bakaba ari bo batera baja imbere.
Maze, amaboko ya Moshe arateba araruha ; bafata ibuye, bararimufatira aryicarako ; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi : amaboko yiwe (suite…)

Idominika ya 28 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abami (5, 14-17)

Nahamani yemeza icese Umukama

naamanNahamani, umukuru w’intwaramiheto z’umwami wa Siriya, aramanuka kwiyoga agashika indwi muri Yordani, nk’uko umuhanuzi Elize yari yabimutegetse. Umubiri wiwe uca usubira gutotahara, umera nk’uw’umwana w’ikibunduguru.

Niho rero yaca agaruka kwa Elize, ari kumwe n’abagendanyi biwe bose, yinjira iwe amubwira ati : « Noneho ndemeye ko ata yindi Mana iriho, atari Imana y’Israeli ! Enda rero, niwakire ishikanwa ry’umusavyi wawe. » Elize amwishura ati : « Nkurahiye ubuzima bw’Umukama nkorera, nta na kimwe nzokwakira namba. » Nahamani aramwinginga ngo avyakire, ariko uno aguma yanka. Maze Nahamani aramubarira ati : « Ko utavyemeye, ndagusavye unkundire ntware ivu ry’iki gihugu ringana n’iryo amafarasi abiri yoshobora gutwara, kuko kuva ubu ata zindi mana nshaka guhereza amashikanwa atari Umukama Imana y’Israeli. »

IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 3c-4

Icit : Umukama aramenyesha intara z’amahanga
         yuko ari We akiza.

Vyinire Umukama akavyino gashasha, (suite…)

Ku wa 4 Gitugutu : Fransisko Mweranda w’i Asizi, Umuvunyi w’Ubutaliyano. Umusi Mukuru

Igisomwa ca mbere
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (6, 14-18)

franc%cc%a7ois-dassiseNcuti zanje,
Jeho, icompa ntihagire ikindi kininahaza, ndetse umusaraba w’Umukama wacu Yezu Kristu, watumye ivy’isi bimbambirwa nanje nkabibambirwa. Nanone, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, nta kamaro, igishemeye ni ukuba ikiremwa gishasha. Abazokurikira iryo tegeko bose, ndabipfurije amahoro n’ukugirirwa ubuntu, ndavyipfurije kandi Israyeli y’Imana. Kuva ubu ntihagire uwucirirwa arangora, kuko ntwara mu mubiri wanje inkovu za Yezu. Benewacu, nimwamane mu mutima wanyu umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu. Amen!

Izabuli 16 (15)
Icitabirizo 
: Umukama ni we ntoranwa yanje.

Uranzigama Mana, kuko ari wewe mpungirako.
Nabwiye Imana nti: «Uri Umukama wanje,
Umukama ni we cibare natoranye, ni we gikombe canje;
ni wewe ushigikiye umugabane wanje. (suite…)