Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 69)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
Idominika ya 25 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi (8, 4-7)
(Itunga ribi nta co rimarira umutima)
Nimwumve iri jambo, mwebwe mukandagira aboro, mugashaka kumara abatobato mu ntara, kuko muhora muvuga muti : « Mbega, imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishorera amahonda ? Mbega, isabato izorengana ryari, ngo tubone kwishorera ingano ? Tuzoheza tugabanye ingero, twongereze ibiguzi, duhindure iminzane. Umurushwa tuzomugura makeyi, umworo na we inkweto gusa : eka n’ibikumbi vy’ingano nyene tuzobishora ! » Umukama arahiye kw’izina rya Israeli, ati : « Ni ukuri nkazokwigera nibagira inabi n’imwe bakoze ! »
IZABURI 112 (113), 1-2. 5-6. 7-8
Icit : Uragashemezwa, Mukama,
Wewe wama ubogora abakene.
Canke : Aleluya.
Bantu b’Umukama, nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama !
Izina ry’Umukama ni rininahazwe
Ubu no mu myaka yose.
Mbega, uwongana n’Umukama Imana yacu yova hehe,
ko mbona yurira kuvyagira mu ngoro yiwe,
akururuka kuraba
ibiri mw’ijuru no kw’isi ?
Umukama akura ku musenyi abatagira amagara,
umukene na we akamukura mu mwavu ;
kugira ngo amwicarike hamwe n’abakuru,
hamwe n’abakuru b’igihugu ciwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Timote (2, 1-8)
(Imana ishaka ko abantu bose bakira)
Mukunzi wanje,
Ico nipfuza imbere ya vyose ni uko boringaniza ivy’ugusenga, ivy’ukwambaza, ivy’ugutakamba n’ivy’ugukenguruka, ngo basabire abantu bose, abami n’abafise ubukuru bose, kugira ngo tubone kurambana iteka n’itekane, mu bukristu no mu bupfasoni.
Ico ni co gisabisho c’ukuri kandi gihimbaye mu nyonga z’Imana Mukiza wacu, Yo ishaka ko abantu bose bokira bakamenya ukuri. Koko, Imana ni imwe kandi umukandizi w’Imana n’abantu ni umwe nyene, akaba umuntu Kristu Yezu, yitanzeko incungu ya bose. Ubutigu bumaze kugera, yarabaye icabona arashingira intahe ukuri. Nashinzwe kumubera umutumwa-mvuze ukuri, simbesha- mu kwigisha intara z’abapagani inzira y’ukwemera n’iy’ukuri. Ndashaka rero ko hose abantu bosenga bagakíriza ibiganza bîtōnze, ata shavu n’ivyiyumviro bibi.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera mwebwe,
kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 1-13)
Igisomwa kigufi : 16, 10-13
(Nta wushobora gukorera Imana n’ifaranga)
Umunsi umwe, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yari afise umubwiriza ; uno rero baramumuregako ngw’aramusesagurira ibintu. Shebuja rero aramuhamagaza, amubaza ati : ‘Mbega, ivyo nkwumvako ni ibiki ? Nyereka rero ingene wandinganirije ibintu, kuko kuva uyu munsi utagisubira gutegeka mu vyanje !’
Uno mubwiriza na we yiyumvira ati : ‘Mbe bane nza kubigenza gute, ko databuja ankuye ku co nahora nkora ? Nje kurima, numva ata magara ; gushera na ho, vyontera isoni ! Ariko ndabonye noneho ingene nza kubigenza, kugira ngo umunsi navuye mu gikorwa canje ndonke abazonsembereza.’
Ahamagara rero umwe umwe mu bari bafitiye umwenda shebuja, abaza uwa mbere ati : ‘Databuja umufitiye umwenda ungana iki ?’ Aramwishura ati : ‘Impange ijana z’amavuta.’ Uno mubwiriza na we ati : ‘Fata ikete ryawe, icara, wandike ningoga mirongo itanu.’ Abaza uwundi ati : ‘Weho umufitiye ibingana iki ?’ Na we ati : ‘Ibikemanyi ijana vy’ingano.’ Nya mubwiriza amusubiza ati : ‘Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.’
Shebuja rero atangazwa n’ubwenge uno mubwiriza w’igisuma yagize ; kuko abakurikirana ivy’isi basumvya mu vyabo abakurikirana umuco. Nanje rero ndababwiye nti : Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umunsi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira.
(Igisomwa kigufi gitangurira ngaha)
Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama mu bigoye ; uwurimena mu bitagoye, ntazoreka kurimena mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi, ni nde azobashinga itunga nyakuri ? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite ? Ntawushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe uwundi na we akamunebagura. Ni ho rero mutoshobora gukorera Imana n’ifaranga. »
Idominika ya 24 yo mu mwaka. (Umwaka C)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (32, 7-11. 13-14)
Moshe asabira ikigongwe abanyisraeli batagamburukiye Imana
Moshe yari akiri ku musozi wa Sinai. Umukama araheza aramubwira ati : « Hogi, manuka ningoga, kuko igihugu cawe wakuye mu Misri cashaye. Ntibarushe bihagararako, inzira nabategereje gukurikiza bayitaye. Bacurishije mu vyuma ishuri y’inzahabu, none ni yo bapfukamira, ni yo bahereza imperezwa, bavuga ngo : Ehe raba Israeli, Imana yawe yagukuye mu Misri ! »
Umukama arongera abwira Moshe ati : « Ndabona ko ico gihugu ari intagondwa. Ubu rero ndeka, ishavu ryanje ryisuke, ndabatikize n’agasya k’akarenge. Ariko wewe, nzokugira igihugu kininiya. »
Moshe rero aragerageza gucuvya ishavu ry’Imana, avuga ati : « Ni kuki ga Mukama, utaye ishavu ku gihugu cawe wakuye mu Misri ku bubasha bw’ukuboko kwawe n’ibiganza vyawe ? N’usubize agatima kuri Ibrahimu, Izahaki na Israeli, abasuku bawe, wemereye icese ko bazorondoka, (suite…)
Indwi ya 22 yo mu mwaka. Ku wa 6 (Années paires)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (4, 9-15)
Ncuti zanje
Nk’uko ndavyiyumvira, twebwe abatumwa, Imana yatwerekanye nk’abari inyuma ya bose, nk’abaciriwe urwo gupfa, kuko twabaye nk’agahabwa kw’isi, mu maso y’Abamarayika no mu y’abantu, tuba nk’abasazi ku bwa Kristu, namwe mwibera incabwenge muri Kristu ; turi ba ntamagara,mukibera abakomeye ; muri abanyacubahiro, tukaba inkengerwa. Gushika n’ubu, twishwe n’inzara n’inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura ikiragamo, dukoresha amaboko yacu mu bikorwa bituruhisha cane. Baradutuka tugahezagira ; baraduhama tukumirako, baratwambika ibara tukabahoza ; twabaye nk’umwavu w’isi, icatawe na bose gushika n’ubu.
Sinshaka kubatetereza mu kubandikira ivyo, nshaka riho kubahanura nk’abana banje nkunda. Erega, n’aho mwoba mufise muri Kristu abigisha ibihumbi cumi, ntimufise ba so benshi, kuko ari jewe nabibarutse ku bw’Inkuru nziza muri Kristu Yezu.
IZABURI 144 (145) 17-18, 19-20, 21
Icit.: Umukama yama hafi y’abamusaba.
Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyikumira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.
Umukama agirira neza abamwubaha bose,
arabatega amatwi kandi akabakiza ;
Umukama arazigama abamukunda bose,
ariko ababisha azobahonya bose.
Akanwa kanje nikayage Umukama,
abantu bose nibahezagire izina ryiwe,
imisi yose ubudahengeshanya.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Ndangira inzira yawe, Mukama,
undǒngōre mu nzira igororotse.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Lu
ka (6, 1-5)
Umusi umwe, hari kw’isabato, Yezu yaciye mu mirima y’ingano, abigishwa biwe na bo bafata imishishi barayivungura, maze barayihembuza. Bamwe mu Bafarizayo barababwira bati : « Ni kuki mukora ikizira ku musi w’isabato ? » Na we Yezu arabishura ati : « Ntimwigeze musoma ivyo Dawudi yakoze igihe yari ashonje, we n’abo bari kumwe, ingene yinjiye mu ngoro y’Imana, akabira imikate y’imperezwa, yamara abaherezankuka ari bo basa bashobora kuyirya ? » Araheza arababwira ati : « Umwana w’umuntu aragaba n’isabato nyene. »
