Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 70)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

Ku wa 24 Myandagaro: Bartolomeo Mweranda, Umutumwa. (Umusi Mukuru).

IGISOMWA CA MBERE.
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani. (21, 9b-14)

Saint BarthelemyHanyuma haza umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise vya bikombe indwi vyuzuye amashano y’imperuka, aranganiriza ambwira ati: «Ingo ino nkwereke umugeni, wa mugore w’Umwagazi.» Araheza mu vyiyumviro aranjana ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda ca Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru kwa Mana. Carakayangana n’ubuninahazwa bw’Imana. Umwakaka waco wasa n’uw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere, nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, cari gifise inzugi icumi na zibiri, iruhande y’izo nzugi hakaba abamarayika icumi na babiri n’amazina yanditseko ari yo mazina icumi n’abiri y’imiryango y’Israyeli. Mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu.  Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri no kuri ya mashimikiro icumi n’abiri hariko amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi

IZABULI 144 (145), 10-12,12-13ab;17-18

Icitabirizo
Aberanda bawe Mukama, ni bayage ubuninahazwa bw’inganji yawe

Ivyo waremye vyose, Mukama, bizogushimagiza,
abayoboke bawe na bo bazoguhezagira.
Bazorata iteka ry’ubwami bwawe,
bayage ububasha bwawe.

Kugira ngo bamenyeshe abana b’abantu ibikorwa vyawe vy’agatangaza,
n’iteka rininahaye ry’ubwami bwawe.
Ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava,
inganji yawe izoganza uko imvyaro zizogenda zirakurikirana.

Umukama ni intungane mu nzira ziwe zose,
akoresha ubuntu mu bikorwa vyiwe vyose.
Umukama yama hafi y’abamutabaza bose,
abamutabaza bose mu kuri

INKURU NZIZA

Alleluya, Alleluya
Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!
Alleluya.

Inkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1,45-51)

Muri irya misi, Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Uwo Musa yanditse avuga mw’Itegeko, n’Abahanuzi nyene bakamuvuga, twamubonye. Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.»  Natanayeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uwu Umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubaza ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu amwishura ati: «Aho wari munsi y’umutenahi, Filipo ataranaguhamagara, nakubonye.» Natanayeli aca amubwira ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu asubizayo, amubwira ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: “Nakubonye munsi y’umutenahi!” Hinge uzobona ibiruta ivyo.»  Arongera amubwira ati: «Ni ukuri, ni ukuri ndabibabwiye, muzobona ijuru ryuguruwe n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»

Idominika ya 21 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 66, 18-21
Imana ni Umukama w’ibihugu vyose

chemin-croixNg’iri iriyazwe n’Umukama :
« Nzokoranya abantu bava mu ntara zose bakavuga indimi zose ; bazoheza babone ubuninahazwa bwanje. Nzoshira ikimenyetso muri bo, kandi bamwe bamwe bo mu bavuye muri bo nzobarungika mu ntara za kure no mu mazinga ya kure nyene, aho batarumva ivyo bayaga kuri jewe kandi aho batarabona ubuninahazwa bwanje. Izo ntumwa z’igihugu canje zizomenyesha ubuninahazwa banje muri ivyo bihugu. Maze muri za ntara za kure bazogarukana benewanyu bose, babere Umukama ishikanwa rizima, bazoza bagendera ku mafarasi, ku bitwazi, ku nderuzo no ku ngamiya, bashike ku musozi wanje mweranda, i Yeruzalemu, bamere nk’abana b’Israeli bahora bahereza amashikanwa mu nzavya nyeranda (suite…)

Idominika ya 20 yo mu mwaka. (Umwaka C)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya : 38, 4-6. 8-10
Umuhanuzi azira ico yatumwe

Jérémie, ProphèteMu gihe Yeremiya yari mu mvuto, abashingantahe babwiye umwami bati : « Uyo muntu akwiye gupfa, kuko yavunye inkokora intwaramiheto zasigaye mu gisagara, eka n’igihugu cose, mu kuvuga ben’ayo majambo. Oya namba, uyo muntu ntashakira ineza igihugu, ashaka ko gitikira. » Umwami Sedesiyasi arabishura ati :« Ng’uyo mwamwifatiye, umwami nta bubasha afise kubarusha ! » Baca bafata Yeremiya, bamuta mu kinogo bimvye ku kirimba c’umuganwa Malkiyahu. Bămukororeyeyo bamuboshe. Muri ico kinogo, nta mazi yarimwo, atari ikivurungu c’ivyondo ; Yeremiya agikorokeramwo. Intwazangabo y’ingoro y’umwami, umwe ava muri Etiyopiya yitwa Ebedumeleki, aragenda kubarira umwami, ati : « Mwami wanje nyen’ingoma, ivyo abo bantu bagiriye umuhanuzi Yeremiya ni bibi cane ! » Bamutereye mu kinogo, kandi ari mu kwicwa n’inzara!» Maze, umwami abarira Umunyetiyopiya Ebedumeleki, ati : « Tora hano abagabo batatu, (suite…)