Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 97)

Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Nimuharurire Umukama inzira

Humurize, humurize igihugu canje,
Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu.
Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye,
Igicumuro canyu carishuwe.
Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. »
Ijwi risemerera riti :
« Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga,
muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi.
Umubande wose ufurirwe,
umusozi n’umutumba wose uringanizwe,
ahari imanga hose hongere hasaswe,
na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe.
Ni ho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwibonekeza,
kandi nta wuzosigara atabubonye,
kuko Umukama yarivumereye. »

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,
duga ku musozi muremure.
Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza,
shira ijwi hejuru cane.
Tereza akamo, ntutinye.
Ubwire ibisagara vya Yuda uti :
« Ng’iyo Imana yanyu !
Ng’uyo Umukama Imana, azozanana n’ububasha,
ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose.
Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose
Kandi inkurikizi yiwe yitangiye imbere.
Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere,
azoterura imyagazi mu maboko,
ayitware ku gikiriza,
intama zonsa na zo azozibungabunga. »

IZABURI 84 (85), 9ab-10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe.

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri ry’Umutumwa Petero (3, 8-14)

Nimutegure inzira y’Umukama

Bakunzi banje,
Hari ikintu mudashobora kwibagira : ni uko mu maso y’Umukama umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, imyaka igihumbi ikamera nk’umusi umwe. Umukama ntatevya isezerano ryiwe, nk’uko bamwe biyumvira yuko aritevya ; ariko arazi kubiyumanganya, ntashaka ko hagira n’umwe atikira, ashaka ko bose bohava bisubirako. Mugabo, umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma, aho ikirere kizosanzara casirana, ibisate vyaco bigashongeshwa n’umuriro, isi na yo n’ibikorwa biri muri yo bigacika igitongorero.

None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, namwe mutegerezwa kwigenza rweranda mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana no mu bisabisho, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’Umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro. Nka ko, ivyo turindiriye nk’uko Umukama yabituraganiye, ni rya juru rishasha na ya si nshasha bivyagiyemwo ubutungane.

Ni uko rero, bakunzi banje, umwanya mukibirindiriye, nimushishikare rwose kugira ngo abasange muri mu mahoro, mutagira agahonzi n’amahinyu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
ni ho umuntu wese azobona urukiza rw’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 1-8)

Nimuringanize inzira z’Umukama

Intanguro y’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
Nk’uko vyanditswe n’umuhanuzi Izaya ngo : « Raba ndungitse intumwa yanje imbere yawe, ngo ategure inzira yawe. Ijwi ry’uwuhogora mu gahinga riti : ‘Tegure inzira y’Umukama, ringanize inzira ziwe.’ »

Na we Yohani Batista yari mu gahinga, amanyesha ibatisimu y’ukwisubirako ngo ibicumuro birekurwe. Yirukirwa n’igihugu cose c’Ubuyudeha n’ababa i Yeruzalemu bose, bakemera ibicumuro vyabo kandi bakabatizwa na we mu mazi ya Yordani.

Yohani yari yambaye impuzu y’ubwoya bw’ingamiya, maze akayikenyeza umukanda w’urusâto, yari atunzwe n’ukurya inzige kumwe n’ubuki bwo mw’ishamba.

Kandi yigisha ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imizana y’inkweto ziwe. Jewe, nababatije mu mazi gusa, ariko We, azobabatiza muri Mutima Mweranda.»

IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (63, 16b-17. 19b ; 64, 2b-7)

Hamagara Umukama amanuke aze kudukiza

Mukama, ni Wewe uri Dawe,
umucunguzi wacu, ni ryo zina ryawe kuva na kera hose.
Ewe Mukama, ni iki kigutuma uduhisha inzira zawe,
ugakomantaza imitima yacu ntitukwubahe ?
Garukira abasavyi bawe
N’imiryango y’iragi ryawe.
Icompa ugastura ijuru ukamanuka,
imisozi igahinda agashitsi imbere yawe !

Waramanutse,
imisozi na yo igahinda agashitsi imbere yawe.
Kuva kera hose ntaho abantu bigeze bumva,
ntaho amatwi yigeze yumva,
ntaho amaso yigeze abona
iyindi mana igira ico imariye abayizeye
atari Wewe.
Uhora usanganira abakorana akanyamuneza ivy’ubutungane,
n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka.
Ariko waragize ishavu kuko twacumuye,
Tukaguhemukira kuva kera.
Mugabo rero, tuzobona gukira.
Twese twarabaye nk’abahumanye,
Ubutungane bwacu bwose bukamera nk’impuzu yatyoye ;
Twese twarakambiranye nk’ikibabi,
Ibicumuro vyacu bikadutwara nk’umuyaga.

Nta n’umwe yambaza izina ryawe,
Nta waruka akwihekako ;
Kuko waduhishije inyonga zawe,
Ukadutana ibicumuro vyacu.
Ariko noneho, Mukama, uri Dawe ;
turi ibumba, nawe uri umubumvyi ;
twese turi igikorwa iminwe yawe yikoreye.

IZABURI 79 (80), 2ac. 3b. 15-16. 18-19

Icit : Tugarure, Mukama, tugaranzurireko inyonga zawe,
         Tuzoca turokoka.

Wewe Mwungere w’Israeli, ntega ugutwi,
Wewe Mwungere utuyobora, niwimenyeshe ;
Vyura ubugabo bwawe,
Uze kuturokora.

Mukama, Mana y’ijuru n’isi, n’ugaruke :
N’urabire mw’ijuru, wihweze :
N’ugarukire uwo muzabibu
Wabaditse n’ukuryo kwawe guhambaye.

Tunga umuntu wishiriye iburyo,
Umwana w’umuntu agukeshako ubukomezi bwiwe ;
Ntaho tuzosubira kukuvirira :
Dusubize amagara, tubone kwambaza izina ryawe!

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 3-9)

Turiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu

Ncuti zanje,
Turabipfurije inema n’amahoro akomoka ku Mana, Dawe wa twese, no ku Mukama wacu Yezu Kristu. Simpengeshanya gukengurukira Imana ku bwanyu kubera inema y’Imana mwagabiwe muri Kristu Yezu, kuko muri We mwabaye abatunzi muri vyose, mu matungo yose y’ijambo n’ay’ubumenyi, ku ngero intahe mushingira Kristu ishemeye muri mwebwe.

Ni co gituma ata ngabirano n’imwe mubuze, mu gihe mwiteze ukumenyekana kw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni We kandi azoguma abakomeza gushika ku mpera, kugira ngo ntihagire ico bazobagiriza ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu.
Imana ni Rudatanamundagano, Yo yabahamagariye kwunga ubumwe n’Umwana wayo Yezu Kristu, Umukama wacu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,
Uheze udutabaze urukiza rwawe.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu NkAVENTuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (13, 33-37)

Murabe maso kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira

Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Nimugabe, mube maso, kuko mutazi aho uwo musi uzoshikira. Ni nk’umuntu yamaze urubanza : mu kuva i muhira, agashikiriza vyose abantu biwe, agasiga asinze umwe umwe igikorwa ciwe, uwugarira na we akamwihanikiriza ashimitse ngo abe maso. Murabe maso rero kuko mutazi aho nyenurugo azotahukira, ko ari ku mugoroba canke mu gicugu canke mu nkokó canke mu gitondo. Yohava abashikira giturumbuka agasanga musinziriye. Ivyo ndababariye, ndabibwiye bose : Murabe maso ! »

Idominika ya 34 yo mu mwaka = UMUSI MUKURU WA KRISTU UMWAMI

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri (34, 11-12. 15-17)

Imana, Umwami n’Umwungere wa Israeli, ni We Mucamanza

Ng’iri iryo Umukama Imana avumereye :
Noneho, jewe ubwanje ndigiriye kurondera intama zanje, ndazibungabunge. Nk’uko umwungere abungabunga ubusho bw’intama ziwe zashwiragiye, ni ko nzobungabunga intama zanje, ndazikure aho hose zashwiragiriye ku musi w’igipfungu. Ni jewe nyene ubwanje nzoragira intama zanje, ni jewe nzozicura : – uko ni ko Umukama Imana avuze.-
Nzorondera iyatakaye, ngarukane iyazimiye ; nzokanda iyakomeretse, mvure iyirwaye ; iyivyibushe igakomera na yo nzoyihozako ijisho, ndayiragire mu butungane.
Namwe, busho bwanje, – uko ni ko Umukama Imana avuze, – menye ko ngiye guca urubanza, nsobanure intama n’izindi, ntandukanye impfizi z’intama n’amasuguru y’impene.

IZABURI 22 (23), 1-2a. 2b-3. 5-6

Icit : Umukama ni We mwungere wanje,
         Ntaco nokena.

Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;
ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.

Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.

Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
waransize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.

Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (15, 20-26. 28)

Azoheza ashikanire ubwami Imana Se, kugira ngo Imana ihangame muri vyose

Ncuti zanje,
Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ari we abatangurira. Ko urupfu rwazanywe n’umuntu umwe, n’izuka ry’abapfu rizanwa n’umuntu umwe. Nk’uko abantu bose bapfa muri Adamu, ni ko abantu bose bazozuka muri Kristu. Mugabo, umwe umwe wese azoronka ikibanza bikwiranye : Kristu azoja imbere abatangurire, hanyuma abazoba bamwemeye bamukurikire igihe azogaruka. Hanyuma vyose bizorangira, aho azoshikiriza Se wiwe ya ngoma yamuha, mugabo abanje gutsinda Inganji zose, Ubukuru n’Ububasha. Kuko birakwiye ko ahangama ku ngoma gushika umusi azoba yatsinze abansi biwe bose. Umwansi yanesheje ubwa nyuma, ni urupfu. Ibintu vyose nivyamara kumwegukira, Umwana w’Imana azoheza yishikane ku wamuhaye inganji y’ibintu vyose, kugira ngo Imana ihangame muri vyose.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawidi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (25, 31-46)

Azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe, aheze abasobanure

Muri irya misi,
Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Aho Umwana w’Umuntu azogarukira mu buninahazwa bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe bose, azovyagira ku ntebe y’ubuninahazwa bwiwe. Abantu bose bazokoranira imbere yiwe, aheze abasobanure nk’uko umwungere asobanura intama n’amahushi : intama azoziherereza iburyo, na yo amahushi ibubamfu.

JugementUmwami azobarira abari iburyo bwiwe ati : ‘Nimuze, batoni ba Data, muronke ubwami yabateguriye isi itararemwa. Narashonje murangaburira ; naranyotewe murampa utwo nywa ; nari akavantara murantora ; nagenda gusa muranyambika ; nari ndwaye murandaba ; ndi mw’ibohero murandamutsa.’

Aberanda na bo bazomwishura bati : ‘Mukama, twakubonye ryari ushonje tukakugaburira, unyotewe tukaguha ico unywa ? Twakubonye ryari uri akavantara ngo tugutore, ugenda gusa tukakwambika ? Twakubonye ryari urwaye canke uri mu ngoyi tukakuraba ?’
Umwami na we azobishura ati : ‘Ni ukuri ndabibabwiye : ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo batobato mu bo tuvukana, ni je mwakigiriye.’

Azobarira abari ibubamfu na bo ati : ‘Nimumvireho mwa bivume mwe, mugende mu muriro udahera wateguriwe Shetani n’abamarayika bayo. Narashonje ntimwangaburira ; naranyotewe munyima utwo nywa ; nari akavantara ntimwantora ; nari gusa ntimwanyambika ; nararwaye, nja mw’ibohero, ntimwandaba.

Na bo bazomwishura bati : ‘Mukama, twakubonye ryari ushonje, unyotewe, uri akavantara, uri gusa, urwaye, uri mw’ibohero, turaheza ntitwagutabara ?’ Azobishura rero ati : ‘Ni ukuri ndabibabwiye : ico cose mwanse kugirira umwe umwe muri abo batobato, ni je mwanse kukigirira.’
Bano rero bazotabwa mu mahano adahera, aberanda na bo binjire mu buzima budahera. »