Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) (Page 98)
Archives de Catégorie: Parole de Dieu (en Kirundi)
IDOMINIKA YA 33 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Imigani (31, 10-13. 19-20. 30-31)
Umukenyezi yitonda aba ari n’agaciro
Ni nde azoronka umukenyezi atagira akanenge ? Ibimuciye biruta na kure ibiciye intabonwa nziza cane. Umunega wiwe yama amwishimiye, amuzeyeko ivyiza vyinshi. Imisi yose babana, ni we gahimbare kiwe, nta magorwa azomutera. Arajisha, agatāka, eka arabangutse mu bikorwa. Yamana inyuzi mu ntoke, intoke ziwe ziraberereye. Aboro abakiriza yompi, agatabara abakene.
Ugushaza kurahenda, ubutore bw’umubiri na bwo ntaco bumaze ; umukenyezi akwiye gushemezwa, ni urya yubaha Umukama. Muramuronsa igice c’ivyo yakoreye ; ibikorwa vyiwe na vyo bimurange mu marembo y’igisagara.
IZABURI 127 (128), 1-2. 3. 4-5
Icit : Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama.
Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama,
akagendera mu nzira yiwe !
Uzotungwa n’ibikorwa vy’amaboko yawe,
uzohirwa, uzonezerwa !
Umugore wawe azoba nk’ingundu y’ibitoke vyama cane,
ari ikare mu nzu yawe ;
abana bawe bazoba nk’amashami akikije ingundu,
bakikije ameza yawe.
Ng’ivyo ivyiza bizogirirwa umuntu yubaha Umukama.
Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire,
ubone Yeruzalemu iroraniwe
mu misi yose y’ubuzima bwawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyatesalonika (5, 1-6)
Umusi w’Umukama ntububire nk’igisuma
Ncuti zanje,
Ivyerekeye igihe n’isango vy’amaza y’Umukama, ntimukeneye ko ndabibandikira. Namwe nyene murazi neza ko umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma mw’ijoro. Aho bazoba bavuga bati : « Hari amahoro, nta nkomanzi ! », ni ho ya makuba azobarwako giturumbuka, nka kurya imbanyi ifata umukenyezi yibungenze, kandi ntazobasiga.
Ariko, mweho, benewacu, ntimuri mu muzimagiza ngo uwo musi ububire nk’igisuma ; kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umutaga : ntimuri ab’ijoro canke ab’umwijima. None rero, ntidusinzire nka ba bandi, ariko nitwame tugavye kandi nitwigerere.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Umukama yavuze ati : « Nimugume muri jewe, nanje nzoguma muri mwebwe ;
uwuguma muri jewe ni we yama vyinshi. »
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (25, 14-30)
Igisomwa kigufi : 25, 14-15. 19-21
Washirutse ubute mu bitobito ; ingo unezerwe hamwe na shobuja
Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ibizoba mu gihe Umwana w’umuntu azozira, ni nk’ivy’umuntu yagira ngo amare urubanza, agahamagara abasuku biwe akabasigarana ibintu vyiwe. Uwa mbere amuha itarenta zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu imwe ; eka umwe umwe wese ico bikwiranye. Aca aragenda.
Igisomwa kigufi kiba kiragarukiye aha
Umwe yaronse zitanu aragenda, aracuruza yunguka izindi zitanu. N’umwe yaronse zibiri agira kuno nyene, yunguka izindi zibiri. Uwari yaronse imwe na we aragenda, yimba ikinogo, azikamwo itarenta ya shebuja.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Imisi ihaciye, shebuja wa ba basuku aragaruka, abaza umwe umwe ingene yakoresheje ibintu vyiwe. Noneho, uwari yaronse itarenta zitanu araza, amuhereza izindi zitanu, ati : ‘Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zitanu, ng’izi izindi zitanu nungutse.’ Shebuja aramubwira ati : ‘Ni vyiza, uri umusuku w’umutima ; ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo : ingo, unezerwe hamwe na shobuja.’
Igisomwa kigufi giherera aha
Umwe yaronse itarenta zibiri na we araza ati : ‘Muhanyi, wari wansigaranye itarenta zibiri, ng’izi izindi zibiri nungutse.’ Shebuja aramubarira ati : ‘Ni vyiza, uri umusuku w’umutima ; ko washirutse ubute mu bitobito, nzogushinga n’ibiruta ivyo : ingo, unezerwe hamwe na shobuja.’ Umwe yaronse itarenta imwe na we araza ati : ‘Muhanyi, ndazi ko uhambara, ugesa ivyo utabivye, wimbura ivyo utarimye. Nagize ubwoba, mpisha itarenta yawe mu kuzimu : ng’ibi ivyawe.’ Shebuja aramwishura ati : ‘Musuku mubi, wa kinebwe we, wari uzi ko ngesa ivyo ntabivye, nkimbura ivyo ntarimye. Uba washiriye ivyanje abadandaza, ngo ngarutse ndonke ivyanje, ndonkane n’inyungu. Nimumwake itarenta yari yaronse, muyihe uwufise cumi.
Uwutunze bazomwongerereza atunge ibiruta ; na we uwutaco afise, bazomwaka n’ico yagira ngo arafise. Nayo iyo mburakimazi, nimumute hanze mu mwijima, ni ho amarira abarizwa, ni ho bakomaniriza amenyo. »
9 MUNYONYO : IHEZAGIRWA RY’ISENGERO RY’UMUCUNGUZI I ROMA
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (47, 1-2. 8-9. 12)
Nabonye amazi yatemba ava mu ngoro, abo bose ayo mazi ashikiriye baca bakira
Muri irya minsi, Umumalayika yangarukanye ku muryango w’ingoro y’Umukama, nca mbona amazi ariko ariburuka ava munsi y’urwinjiriro rw’ingoro mu buseruko, kuko ingoro yari yerekeye mu buseruko nyene. Ni uko rero, ayo mazi yatemba ava i buryo bw’ingoro kandi yaca mu bumanuko bwa altari. Araheza aranjana, turarengana ikirimba cerekeye mu buraruko dukikuza urugo gushika ku kirimba cerekeye mu buseruko ; na ho nyene, amazi yariko arasohoka ava ku ruhande rw’iburyo.
Araheza ambwira ati : « Ayo mazi ariko aratemba mu buseruko, ngo amanuke mu kiyaga Araba, abone gushika mu kiyaga c’amazi y’umunyu, kugira ngo akize ayo mazi abe meza. Aho urwo ruzi ruzotembera hose, ibiri mu mazi vyose bizobona kuramba n’ukugwira. Ifi nyinshi zizosagarara kuko ayo mazi akiza ivyo vyose yinjiyemwo, ubuzima bugaseruka aho ayo mazi ashitse hose.
Ku nkombe zose z’urwo ruzi, hazomera igiti cose cama ibiribwa ; bizokwama bitotahaye kandi ntaho bizobura ivyamwa. Bizokwama ivyamwa bishasha rimwe mu kwezi, kuko bitungwa n’amazi avuye mu ngoro nyene. Ivyo vyamwa bizoba ivyokurya, amababi yavyo abe umuti wo kuvura. »
IZABURI
Icit : Uruzi rurahimbaye umurwa w’Imana ; ari wo ngoro nyeranda rwose ya Rudasumbwa.
Imana ni Yo mahungiro yacu, ni Yo magara yacu,
Ni Yo mirukiro ya minsi yose mu magorwa ;
N’aho isi yohinduka, n’aho imisozi yosenyukira mu biyaga,
Ntacodutera ubwoba.
Hari uruzi : imigende yarwo irahimbaye umurwa w’Imana,
Ari wo ngoro nyeranda ya Rudasumbwa ;
iri hagati muri wo, ikawuhagarikira,
Imana irawurarira bugaca.
Umukama, Nyen’ingabo, turi kumwe ;
ni We mahungiro yacu, we Mana ya Yakobo !
Gende, mwitegereze ibitangaza Umukama yagize,
ingene yateye amakuba kw’isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (3, 9c-11. 16-17)
Muri ingoro y’Imana
Ncuti zanje,
Muri inyubakwa yubatswe n’Imana.Narakoresheje ya ngabirano nahawe n’Imana, ndataba nk’umwubatsi w’umuhinga. None abandi bariko barabandanya ; mugabo umwe wese niyitegereze ico yubakirako. Nta n’umwe ashobora gushiraho uwundi mugero atari uwuhasanzwe, na wo ni Yezu Kristu.
Mbega, ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mutima w’Imana aba muri mwebwe ? Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana izomusambura ; kuko ingoro y’Imana ari nyeranda, kandi iyo ngoro ni mwebwe.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Natoye iki kibanza ndakigira ceranda,
kugira ngo izina ryanje rivyagiremwo imyaka n’imyaka. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 13-22)
Yezu avuga igisengero c’umubiri wiwe
Pasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu gisengero ababunza inka, intama n’inuma, n’abavunja amafaranga bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikibŏko, arabahinda bose abakura mu gisengero, be n’intama n’ibimasa, amafaranga y’abavunja arayasanzaza, ameza yabo arayacuranguza. Ababunga inuma na bo ababwira ati : « Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro ! »
Abigishwa biwe rero bibuka ko handitswe ngo : « Ukwitwararika ingoro yawe kurambakuye. »
Abayuda rero baramwishura bati : « Ko ubigenjeje gurtyo, ikimenyetso utweretse ni ikihe ? » Yezu abishura ati : « Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu minsi itatu. » Abayuda rero baramwishura bati : « Iki gisengero bakimazeko imyaka mirongo ine n’itandatu bacubaka, nawe ngo wogihagarika mu minsi itatu ! »
We yamara yavuga igisengero c’umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yabivuze ; barahava bemera Ivyanditswe, bemera n’ijambo Yezu yari yavuze.
IDOMINIKA YA 32 YO MU MWAKA (Umwâka A)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (6, 12-16)
Abarondera ubwitonzi baraburonka
Ubwitonzi burasayangana kandi ntibutituka. Ababukunda barabutangarira bitabagoye na gato ; ababurondera baraburonka. Ababurondera burabiyegereza, bukaba ari bwo butangura kubiyereka. Uwutanguranwa n’umutwenzi mu kuburondera arahiriwe, kuko azobusanga kw’irembo. Uwubukurikirana ni incabwenge, kandi uwubuteramira ntazoteba gutunganirwa. Bwo nyene bukwira imirambi burondera ababubereye, bukabiyerekana akamwemwe mu mayira kandi bugategera ivyipfuzo vyabo vyose.
IZABURI 62 (63), 2. 3-4. 5-6. 7-8
Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
Mukama, Mana mfise.
Mukama, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!
Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
Aho ndyamye, ninaba nibuka izina ryawe,
mara ijoro ryose nkwiyumvira,
kuko waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (4, 13-18)
Igisomwa kigufi : 4, 13-14
Abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo
Ntidushaka, benewacu, ko muyoberwa ivyerekeye abahisi bacu ; ntimwicwe n’intuntu nk’abandi batagira ukwizigira. Uko twemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twemera ko abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo.
Igisomwa kigufi giherera aha
Ng’iki rero ico dushaka kubabwira kw’izina ry’Umukama : twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho mu gihe c’amaza y’Umukama, ntituzotanga abazoba basinziriye ; kuko ijwi ry’umumarayika mukuru n’inzamba y’Imana bimaze gutanga ikimenyetso, Umukama We nyene azomanuka ava mw’ijuru, abapfuye muri Kristu batange abandi kuzuka ; hanyuma, twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho, tuzokoranirizwa hamwe na bo, tujanwe mu bicu gusanganira Umukama mu kirere ; hanyuma twamane n’Umukama mu myaka yose. Ni uko rero, nimuhumurizanye muri ayo majambo.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Nimwame mugavye kandi mwiteguye :
kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (25, 1-13)
Ng’uyu umukwe arashitse
Umusi umwe,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani, ati : « Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa cumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwarana n’amavuta ; bano b’incabwenge mu gufata amatara, batwarana n’amavuta mu ducupa. Umugeni atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira. Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo : ‘Ng’uyu umugeni arashitse : ingo mumusanganire.’
Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati : ‘Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.’ Na bo barabishura bati : ‘Twohava tubura twese ; nimugende ku badandaza mwigurire.’
Bagiye rero kuyagura, umugeni arashika, abiteguye binjirana na we mu bugeni baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati : ‘Muhanyi, twugururire.’ Na we arabishura ati : ‘Sindabazi.’
Nimwame maso, kuko mutazi umusi ntimumenye n’isaha. »






