Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Temps du Carême (Page 14)

Archives de Catégorie: Temps du Carême

IDOMINIKA YA 1 YO MU KAREMA (Umwaka A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko 2, 7-9 ; 3, 1-7

Irema n’igicumuro c’abantu ba mbere

Umukama amaze kurema ibiri kw’isi vyose, araheza ahingura umuntu mw’ibumba, hanyuma ahuhira mu mazuru yiwe impemu z’ubuzima, nya muntu aca aba muzima. Umukama Imana atera umurima ahantu hitwa Edeni, mu buseruko bw’izuba, araheza ahashira umuntu yari yahinguye. Umukama Imana arameza kw’isi ubwoko bwose bw’ibiti biryoheye ijisho kandi bifise ivyamwa biryoshe, hagati na hagati hari igiti c’ubuzima n’igiti kimenyesha iciza n’ikibi.

Inzoka ni yo yarusha ubwenge ibikoko vyose vyo mw’ishamba Umukama Imana yari yaremye. Iraheza ibwira umukenyezi iti : « Nankana Imana yagize ngo ntimuze murye ivyamwa vyamuwe ku biti vyose biri mu murima ? » Nya mukenyezi yishura ati : « Turashobora kurya ivyamwa vy’ibiti biri mu murima, mugabo ivyamwa bizova ku giti kiri hagati na hagati y’umurima, (suite…)

IGIHE C’IKAREMA (umwaka A): UMUSI WA GATATU W’IMINYOTA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yoweli : 2, 12-18

Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa

Jeune-prière-AumôneNg’iri iryavumerewe n’Umukama :
Nimungarukeko n’umutima wanyu wose, mu kwisonzesha, mu marira no mu maganya. Nimutabure imitima yanyu aho gutabura ivyambarwa vyanyu ; nimugaruke ku Mukama, Imana yanyu, kuko ikundana, ifise imbabazi, izira gushavura, ikanka akabi. Hari uwobimenya ? Kumbure yohindukira, yigaruye, igasiga umugisha aho iciye : mubone ituro n’inturire y’ugushikanira Umukama Imana yanyu.

Nimuvugirize inzamba muri Siyoni, mutangaze ukwisonzesha, (suite…)

IMINSI ITATU YO GUSHEMEZA PASIKA Y’UMUKAMA : KUWA KANE MWERANDA

Imisa yo ku mugoroba ariyo iy’amabanga y’Ukaristiya

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka 12, 1-8. 11-14

(Amategeko yerekeye imfungurwa ya Pasika)

Muri irya minsi, Umukama yabwiye Moshe na mwenewabo Aroni, bakiri mu gihugu ca Misiri, ati : « Uku kwezi murakugira ukwa mbere mu yandi yose, kuraba arikwo kuzotangura umwaka. Murabwira ishengero ry’Israeli ko ku munsi w’icumi w’uku kwezi umuryango wose, urugo rwose ruzobaga umwagazi. Umuryango uzoba urimwo bake, uzoheza uje hamwe n’ababanyi, umwagazi bawugabangane n’abazoba bari aho bose. Uzoba umwagazi utagira akanenge, w’agasuguru, kamaze umwaka umwe gusa. Muzobaga umwagazi w’intama canke agahúshi k’impene. Muzowuzigama gushika ku musi wa cumi na kane w’uku kwezi. Aho ishengero ryose ry’Israeli rigera, muzowubaga izuba rirenze. Bazofata amaraso y’uwo mwagazi, bayamije ku bishimaryango vy’inzu bazoba bariko barawufunguriramwo. Muri iryo joro, bazofungura inyama zawo, babanje kuzitara, bazikoze imikate itagira umwambiro be n’imboga zirura.

Mu kuzifungura, muzokwifata murtya : muzoba mukenyeye, (suite…)