IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwâka B)
Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 5 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 31-34)
Nzoshinga isezerano rishasha kandi sinzoba ncibuka igicumuro cabo
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Hagiye kuza imisi nzogiranira isezerano rishasha n’umuryango wa Israeli n’uwa Yuda. Iryo sezerano ntirizosa n’iryo nagize hamwe na ba sokuru babo wa musi nabafata ukuboko kugira ngo ndabakure mu gihugu ca Misiri. Iryo sezerano ryanje ni bo batarikurikije, n’aho ari je mbagaba.
Ng’iri isezerano nzogiriranira n’inzu ya Israeli iyo misi irangiye : – ni iryavumerewe n’Umukama.
Nzobashiramwo itegeko ryanje, ndaryandike mu mutima wabo. Nzoheza rero mbe Imana yabo, na bo babe igihugu canje. Ntibazoba bacirirwa barigishanya babwirana ngo : « Menya ubuhinga bw’Umukama ! » Bazomenya bose kuva ku bato gushika ku bakuru ko ari Umukama yabitangaje : kuko nza kubarekurira ubuyobe bwabo, nongere simbe ncibuka igicumuro cabo.
IZABURI 50 (51), 3-4. 12-13. 14-15
Icit : Duhe, Mukama, umutima mushasha.
Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.
Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Abandi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebereyi (5, 7-9)
Ubugamburutsi bwiwe bwabaye isôko ry’ubukiriro budahera
Kristu, mu gihe yari akiri kw’isi, amaze guhereza ibisabisho n’amarira menshi, ataka atakambira Uwashobora kumukiza urupfu, yarumviwe kubera ubweranda bwiwe. Vyongeye, n’aho yari Umwana w’Imana, kubera ayo makuba, yamenyeyeho kugamburuka. Amaze gushika mu bigero, yarabereye abamwumvira bose isôko ry’ubukiriro budahera.
INKURU NZIZA
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Uwushaka kunkorera n’ankurikire ;
bitayeko, aho ndi ni ho n’uwunkorera azoba. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (13, 20-33)
Urutete rw’ingano rugwa mw’ivu ngo rupfe, ni ho rwera vyinshi
Abari baduze i Yeruzalemu gusenga ku misi mikuru, harimwo Abagereki bamwe. Begera Filipo yari Umunyabetsayida mu Bugalile, bamubwira bati : « Mugenzi, turashobora kubona Yezu ? » Filipo aragenda kubibwira Andreya, hanyuma Andreya na Filipo bagenda kubibwira Yezu. Yezu arabishura ati : « Isaha yageze, aho Umwana w’umuntu aza kuninahazwa. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, na ho iyo rupfuye rwama vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba abutaye, na we uwubwanka kuri iyi si, aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire ; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera, Dawe azomutera iteka. Ubu, umutima wanje urahugumbwa ; mvuge ngw’iki ? Nti : ‘Dawe, nkiza iki gihe’ ; kandi ari co gituma ndagishikiriye ! Dawe, ninahaza izina ryawe ! »
Haza rero ijwi mw’ijuru riti : « Nararininahaje, mbere nzokwongera kurininahaza. » Igihugu cari aho kivyumvise, giti : « Ni umuturagaro ! » Abandi bati : « Ni umumarayika amuyagiye ! » Yezu arabishura ati : « Iryo jwi mwumvise ntiryagenewe jewe, ryagenewe mwebwe. Ubu, iyi si ni ho iciriwe urubanza ; ubu niho umwami w’iyi si aza gutabwa hanze. Nanje ninamara kumanikwa, abantu bose nzobiyegereza.»
Ivyo yabivuga ngo arange uruzomwica.
GUSHEMEZA YOZEFU MWERANDA
Ibi twanditse ngaha twabikuye mu Gitabu c’Abakristu, pp. 148-152.
Yozefu yarabungabunze Umuryango mweranda w’i Nazareti.
Ubu yama ashigikira umuryango w’abantu b’Imana
ari wo Ekleziya.
Ni we kandi Karorero k’abashinzwe ibikorwa,
abigisha kwifatanya na Yezu mu kubirangura.
AMAZINA YA YOZEFU MWERANDA
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.
Mariya Mweranda, dusabire .
Yozefu Mweranda,
Mvukira nyayo ya Dawudi,
Munyangingo mu Basokuru,
Mukunzi w’Umuvyeyi w’Imana,
Murinzi mweranda w’Umubikira,
Murezi w’Umwana w’Imana,
Muzigamyi nyakuri wa Yezu,
Senaka w’Umuryango Mweranda,
Yozefu ntungane ishitse,
Yozefu ntwari ishitse,
Yozefu mugamburutsi wa rwose,
Yozefu rudatana mu ndagano,
Karorero k’abitonda,
Rutinuba ubworo,
Kororero k’abakenuzi,
Rugero rw’ababiranye,
Murinzi w’Ababikira,
Shimikiro ry’abubatse,
Muhoza w’abagowe,
Mizero y’abarwaye,
Muhagarikizi w’abacikana,
Kīza mu mashetani,
Murinzi w’Ekleziya Nyeranda,
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.
V/ Yamugize Umukuru w’Umuryango wiwe.
R/ Amushinga n’ivyiwe vyose.
Dusabe :
Mana, Wewe uyobora bose iyo uzi ugashikana, waratiye Yozefu Mweranda, ngo abe Umukunzi w’Umuvyeyi wawe nyaguhimbazwa ; dutabare rero, turabikuzamvye mudutungeko twe twamutoyeko umurinzi mu rugendo turimwo, ngo atubere umukunzi mw’ijuru. Wewe wama uri Umwami ubu no mu myaka itazoshira. Amen.
IBINDI BISABISHO
Yozefu Mweranda, ni Wewe wabaye Se w’abihebeye Imana, ukabazigama. Ni wewe Imana yizigiye ikubitsa Yezu We Bweranda nyene na Mariya wa Mubikira akura abandi. Ntabara nanje ntakamba: ku bw’izi mbitso nyagukundwa, Yezu na Mariya, dagusavye, unkize umwanda wose, ubwenge bwanje bwoye gushima ibiterasoni. Ngire rero umushaha wirinda, ngenze neza umubiri wanje, name nkorera mu bweranda Yezu na Mariya. Amen.
Turakwirukira mu magorwa yacu, wewe Yozefu mweranda, naho dutabaje Mariya wa munywanyi wawe mweranda, turakwishimiye na wewe, turagusaba. Mwarakundanye na wa Mubikira yasamwe ata gicumuro, we Nyina w’Imana, warakunze n’Umwana Yezu nk’aho womubereye Se, nico gituma tugutakambira: turabe neza twebwe Yezu-Kristu yahawe n amaraso yiwe, wibuke n’ubukuru bwawe, tuburane,duhagarikire mu magorwa yacu. Waratunze Yezu na Mariya, tunga n’umuryango Yezu-Kristu yakunze; dukize, Data w’umukondo, dukize umwanda wose, ububeshi bwose; n’aho uri mw’ijuru, duhangaze mu ntambara, wewe Muvunyi wacu utananirwa, turwanire dushobore gutsinda amashetani y’umwijima. Nk’uko kera wakuye mu rupfu Umwana Yezu, tabara n’ubu Ekleziya nyeranda y’Imana, yoye guhendwa n’umwansi, uyikize ababisha. Dawe, duheke ku mutima imisi yose, tube tukwigana, duhagarikiwe na wewe, dushobore kumara urugendo rwaeu neza, dupfe turi beranda, turonke ubuhirwe budazoshira mw’ijuru. Amen.
Ewe Yozefu, Muvyeyi uninahaye : wewe uzira kwifata runini ukuzura n’ubutungane, watunze umuryango mweranda i Nazareti n’umwuga ubayabaye, warahaye abakristu cane cane abanyamyuga akarorero k’ubweranda mu muruho w’ibikorwa no mu bwuzure bwa mwe na Mariya na Yezu.
Dushigikire mu buruhe bwacu bwa misi yose kugira butubere uburyo nyabwo bwo kuninahaza Umukama wacu, kwerekera ubweranda, kuba kirumana mu ngo no mu gihugu tubamwo.
Duserukire ku Mukama, se muvyeyi twizeye, adufashe natwe dukunde kwifata uko turi n’ukworohera abandi, kubanguka mu bikorwa no kubana neza n’abandi, kwakiriza yompi ibitugora Imana iturungikira itatwanse, kuba muri iyi si indemesha mu kwemera, mu rukundo no mu kwizigira.
Ese twoshobora kwigana Yezu yakorana ububangutsi n’ubwira mw’isaramara yawe, tugashobora kugira ubuzima bwiza kuri iyi si, butegura ubw’agahimbare gahoraho twlzeye kuronka mw’ijuru. Amen.
(Papa Piyo wa XII).
Yezu, Mariya, Yozefu : ndabahaye umushaha wanje, ubwenge bwanje n’amagara yanje. Yezu, Mariya, Yozefu, mumpagarikire wa musi nzoba ngomba gucikana. Yezu, Mariya, Yozefu, munkingire nze mpfane amahoro mu maboko yanyu.








