Évangéliser les aréopages contemporains

Le Blog et l’Admin.

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 15, 15-20

(Nta n’umwe Umukama yarekuriye kuba umuyobe)

Niwabishaka uzorangura amateka y’Imana, kuko ukugumya ibanga ari wewe bivako.
Umukama yaremye umuriro n’amazi, abishira imbere yawe : shira ukuboko aho ushaka.
Imbere y’abantu hari ubuzima n’urupfu, muri ivyo bibiri, batora ico bashimye.
Nkako, ubutungane bw’Umukama ni agatangaza, ntakimunanaira kandi abona vyose. Yamiza ijisho ku bamwubaha, kandi arazi utwo abantu bigira twose. Nta n’umwe yategetse kuba umuyobe, kandi nta n’umwe yarekuriye gucumura.

Izaburi 118 (119), 1-2. 4-5. 17-18, 33-34

Icit : Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.

Hahiriwe abagendera ubutungane,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama ;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.

Ni Wewe washinze amateka yawe,
Kugira ngo bayazigamane ubwira.
Ese mu ngiro yanje
Nokwama nkurikiza ivyo ushaka.

Girira neza umusavyi wawe, niho nzohema,
nkarangura ijambo ryawe.
Mpumura, niho nzobona
Ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.

Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe :
ni yo nshaka kugenderamwo iminsi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 6-10

(Imana yatugeneye ubwenge kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa)

Ncuti zanje,
Niko, ubwo bwenge ni bwo tuvugana mu beranda, yamara si ubwenge bw’iyi si, kandi si ubw’abaganza iyi si barariye guhona. Ubwenge tuyaga ni ubwenge bw’Imana, atawobutahuza, ni ubwenge bw’ikinyegezwa, Imana yatugeneye kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa, ubwenge ata n’umwe mu baganza iyi si yigeze amenya : iyo babumenya, ntibari kubamba ku musaraba Umukama nyen’ubuninahazwa.
Ariko, nk’uko vyanditswe, tumenyesha ico ijisho ritigeze ribona, ico ugutwi kutigeze kwumva, ico umutima utigeze wiyumvira, eka ivyiza vyose Imana yateguriye abayikunda.
Natwe rero, ni twe Imana yabuhishuriye kubwa Mutima ; kukaba nkako, Mutima ategera vyose, n’ibinyegezwa vy’Imana nyene.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mwami w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bw’ijuru.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 17-37

(Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki)

Jeho ndababwiye ibi
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
«Ntimugire ngo nazanywe n’ugukura amateka canke inyigisho z’abahanuzi ; eka sinazanywe n’ukuzimanganya, naje kunogerereza. Kuko ndababwiye ivy’ukuri : Ijuru n’isi bikiriho, nta n’akadome, nta n’akarongo bizova mu mateka, ivyo vyose bitaranguwe.

Uwuzorenga ibwirizwa rimwe ryo muri ayo mategeko kandi akigisha abandi kugira nka we, azogirwa uwanyuma mu Bwami bw’ijuru ; ariko uwuzoyakora akayigisha, uyo azogirwa ukuru mu Bwami bw’ijuru.
Kuko ndabibabwiye : nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.

Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobobazwa ku rubanza ; na we uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare ; amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.

Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe kw’altari, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’altari, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe ningoga n’uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero ; ni ivy’ukuri ndabikubwiye, n’isenge utayishuye ntuzovayo.

Mwarumvise iryavuzwe ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we. None rero, ijisho ryawe ry’iburyo rigutirimukije, rirandure urite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. Na ho iminwe yawe y’iburyo igutirimukije, yice uyite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga.

Iryavuzwe, ni uko uwuzokwirukana umugore wiwe azomuha ikete rimenyesha ko yirukanywe. Jeho ndababwiye nti : Uwo wese yirukana umugore wiwe kiretse niyaba yakoze ibiterasoni, aba amutumye kuba umusambanyi ; kandi uwabira umugore yirukanywe, na we ni umusambanyi.

Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jeho ndababwiye kutarahira namba : habe n’ijuru, kuko ari icicaro c’Imana, habe n’isi, kuko ari urwuririzo rw’ibirenge vyayo, habe na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami mukuru. Nturahire umutwe wawe, kuko ata n’agashatsi kawo wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »

(Igisomwa kigufi ni iki 🙂

Inkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 20-22a. 27-28. 33-34a. 37

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : Nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa ku rubanza.
Mwarumvise iryavuzwe, ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we.
Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jewe ndababwiye kutarahira namba. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »

Par le Christ, ta lumière se lèvera dans les ténèbres, ton obscurité sera comme la lumière de midi.

Les paroles du Christ  que nous méditons aujourd’hui font suite à l’évangile des béatitudes. L’évangile de Matthieu ne dit pas : SOYEZ, mais VOUS ÊTES ! Sel et lumière, nous le sommes par notre baptême. Mais le sel peut s’affadir ; il arrive aussi que certains cachent la lumière sous le boisseau. Jésus demande à ses disciples de partager ce qu’ils ont reçu : l’espérance qui donne la saveur à la vie qui ne manque pas de contrariétés, et la lumière de la foi (comme titre la dernière encyclique LUMEN FIDEI du Pape François) si précieuse pour ceux qui traverse la nuit de l’épreuve et de l’impasse.

Cela a été la tentation du peuple juif qui, revenu de l’exil, a l’impression d’être dans un impasse et de ne pas pouvoir retrouver sa splendeur d’antan. Il avait la promesse que Dieu ne se détournerait plus de lui, mais il semble appeler en vain dans la nuit. Pourquoi ? Il me semble, chers amis, que cette situation ne soit pas différente de la nôtre. Combien de fois avons-nous affronté des situations d’impasse, en appelant au secours en vain ? Que nous manque-t-il ? Sans doute, il nous manque une certaine ouverture à l’autre, surtout celui qui a besoin de notre aide, de notre sourire, de notre parole de réconfort,… Comment voulons-nous que Dieu soit de notre côté quand Lui-même fait cause commune avec le pauvre, avec l’affligé ? Il ne peut qu’être COHERANT avec Lui-même, ou mieux, nous devons être cohérents avec notre mission en tant que membre du même peuple de Dieu, appelé au bonheur.Ce sont donc des paroles de vie qui nous ouvrent au bonheur de la possession de la vie éternelle. D’une certaine manière, elles sont une invitation à choisir la vie, à dire « oui » à la vie de Dieu. Comment ? En accueillant la vérité de ce que nous sommes.

Car, en effet, dans ces paroles de Jésus, c’est bien de notre identité de chrétiens dont il est question : « Vous êtes le sel de la terre… Vous êtes la lumière du monde ». Remarquons que Jésus précise que nous ne sommes pas simplement « sel » et « lumière » mais « le » sel de « la terre » et « la » lumière « du monde ». 
« Du monde » : Ces paroles sont aussi celles d’un envoi en mission. N’oublions pas les pressentes invitations à la mission que ne cesse de nous répéter le Pape François : sortez, même si cela doit vous coûter, même si vous devriez affronter des accidents,…

Etre et agir chrétien se retrouvent ainsi liés, le second ne se révélant tel que dans la mesure où il découle du premier.
Par l’emploi des articles définis, ces paroles nous révèlent encore que cette mission de «saler» et d’«illuminer» le monde nous est propre et que personne ne l’accomplira à notre place. Elles nous invitent donc à être responsables de ce que nous sommes en tant que chrétiens.

Revenons sur l’image du sel. Le sel est utilisé pour conserver et maintenir saine la nourriture. Quelle est la nourriture des hommes si ce n’est la présence du Christ dans ses sacrements, sa Parole et dans l’action aimante et miséricordieuse de son Esprit ? C’est donc à nous qu’il revient de garder vive la conscience de la présence du Christ-Sauveur au milieu des hommes, particulièrement dans la célébration de l’Eucharistie, mémorial de sa mort et de sa résurrection glorieuse et dans l’annonce de la puissance de salut qui réside dans son Evangile.
 Le sel est aussi ce qui relève le goût et la saveur des aliments. Ainsi, le chrétien est appelé à améliorer la « saveur » de l’histoire des hommes, des hommes qui mènent une vie aux allures insipides : grisailles quotidiennes, gestes répétés et stéréotypés du travailleur à la chaine, visages blafards sous les lumières artificielles au néon pour chercher de « cacher » la pâleur de nos visages,… La vie vraiment a-t-elle encore du goût ? et pourquoi parle-t-on de « qualité de vie » sans arrêt ? Peut-être qu’on l’a perdu !!!  Il faut aider le monde à retrouver le sens et la saveur de la vie. Cela, il le réalise tout particulièrement en vivant des trois vertus théologales qu’il a reçu le jour de son baptême. Ce qui nous vient de Dieu nous rend toujours plus homme, car toujours plus à son image et à sa ressemblance. Par la foi, l’espérance et la charité, nous sommes donc invités à illuminer et humaniser un monde qui vit dans la nuit de la défiance, du désespoir et de l’indifférence.

La première lecture nous fait le lien entre le sel et la lumière : « Si tu fais disparaître de ton pays le joug, le geste de menace, la parole malfaisante, si tu donnes de bon cœur à celui qui a faim, et si tu combles les désirs du malheureux, ta lumière se lèvera dans les ténèbres et ton obscurité sera comme la lumière de midi. »

Tenez. La vraie lumière ne vient pas des lampes, de l’électricité, du soleil,…, mas c’est quelque chose d’existentiel. A la création, souvenez vous que Dieu crée la lumière (Que la lumière soit : Gn 1,3) avant de créer les astres : e soleil, la lune et les étoiles (Gn 1,14-19). En effet, « Dieu est AMOUR, Dieu est LUMIERE, Dieu notre Père », chantons-nous. Le lien est ainsi fait entre le « sel » et la « lumière ». L’invitation que le Christ nous adresse à faire resplendir la « lumière » aux yeux de tous signifie que toute notre vie devrait être le reflet de la flamme de l’Esprit Saint dont nous avons reçu la marque au baptême et qui désormais habite en nos cœurs (cf. 2 Co 1, 22). 
Cette flamme, lorsqu’elle est vivante, se manifeste à travers les œuvres de charité comme nous l’avons déjà souligné, mais aussi à travers la proclamation de l’Evangile, de la Bonne Nouvelle du salut offert à tous en Jésus-Christ mort et ressuscité. L’annonce et le témoignage de l’Évangile sont le premier service que les chrétiens doivent rendre à chaque personne et au genre humain tout entier.
Ce service de l’annonce de l’Evangile sera fécond, il sera vraiment « service de charité », s’il ne repose pas sur nos propres forces mais si « c’est l’Esprit et sa puissance » qui se manifestent à travers lui (cf. 2ème lecture).
Une flamme naturelle, aussi faible soit-elle, soulève toujours le lourd manteau de la nuit. Combien plus une flamme, nourrie de la grâce même de la vérité et de la charité divine, de « la puissance de Dieu », ne dissipera-t-elle pas les ténèbres du mensonge qui donne l’illusion de pouvoir vivre sans Dieu et de la mort qui s’ensuit !

«Caritas Christi urget nos – l’amour du Christ nous presse » (2 Co 5, 14). Tout au long de l’histoire de l’Église, des fidèles ont témoigné de cela en lançant des initiatives et des œuvres en tout genre pour annoncer l’Évangile au monde entier et dans tous les secteurs de la société. C’est là une invitation pérenne pour chaque génération chrétienne afin qu’elle mette en œuvre avec générosité le mandat du Christ.

«Seigneur Esprit-Saint, apprends-nous comment professer notre foi, faire don de notre amour et communiquer notre espérance. Fais de nous le peuple des Béatitudes pour que nous soyons le sel de cette terre et la lumière de ce monde qui a tant besoin de ta grâce qui sauve et introduit dans la vie éternelle.»


IDOMINIKA YA 5 YO MU MWAKA (A)

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 58, 7-10
(Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umtwenzi)

Ng’iri iryavumerewe n’Umukama :
« Sangira ivyokurya vyawe n’uwushonje, abagowe babuze aho baba ubinjize mu nzu yawe, niwabona uwuri gusa umwambike, ntiwirengagize umuntu nkawe.
Niho umuco wawe uzotamanzura nk’umutwenzi, igikomere cawe kigakira ningoga, ubutungane bwawe bukakuja imbere, na bwo ubuninahazwa bw’Umukama bugushorere. Niho uzohamagara Umukama akakwitaba, ukamuborogera akakwitaba ati : “Ndi hano.”

Níwakūrá iwawe umuzigo uguturubika be n’amajambo y’ububisha, niwaha uwushonje ico nawe wipfuza, niwamara inyota ivyipfuzo vy’umurushwa, umuco wawe uzoseruka mu mwijima, umukorane wawe wakake nk’izuba ryo ku mutaga. »

Izaburi 111 (112), 4-5. 6-7. 8a. 9

Icit: Mu mwijima, ni Wewe muco w’abantu b’intungane.
Canke: Alleluya.

Mu mwijima, umuco uzoboneshereza umuntu mweranda,
agira impuhwe, ubushikirane n”ubutungane.
Aratabara abarushwa, akagurana bitavuye imutwe,
azira kugunga mu vyo adandaza.

Ntaho azokwigera anyiganga,
bazokwama bamwibuka imyaka n’imyaka.
Ntatinya kumenya ibimubangamira,
umutima wiwe urakomeye, wizigira Imana nsa.

Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba ;
n’abansi nyene ntabibanga
ingene atabara aboro ntawovyīgāna,
ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,
ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 1-5
(Narabamenyesheje amabanga ya Yezu Kristu yabambwe ku musaraba)

Nanje mu kuza iwanyu, benewacu, sinaje kubamenyesha ingingo y’Imana mu mvugo zihinguye no mu bwenge buhejeje. Nta kindi nashatse kumenya muri mwebwe, atari Yezu Kristu, kandi Yezu Kristu yabambwe ku musaraba. Jewe nyene nashitse iwanyu mfise intege nke, ndi n’ubwoba n’agashitsi kenshi, kandi imvugo yanje n’inyigisho yanje ntivyari bihagaze ku majambo atomoye y’ubwenge, ariko ico vyerekana ni Mutima n’ubukomezi bwiwe, kugira ngo ukwemera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ariko gushimikire ku bukomezi bw’Imana.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira azoronka umuco w’ubuzima. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njiri Nyeranda yanditswe na Matayo : 5, 13-16

(Ni mwebwe muco w’isi)

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Ni mwebwe munyu w’isi. None, umunyu utagisosa, icowusubiza ako kanovera cova hehe ? Ntaco uba ukimaze, usigaye ari uwo gushiburira hanze, abantu bakikandagirira.
Ni mwebwe muco w’isi. Ntawushobora guhisha igisagara cubatswe mw’itāba ry’umusozi. Kandi ntawudomeka itara ngo aryubikeko umubehe ; arishira nyabuna ahakirurutse, niho riheza rikaboneshereza abari mu nzu bose. Uko ni ko umuco wanyu wokwibonekeza mu maso y’abantu, maze babonye ibikorwa vyanyu vyiza, bakaninahaza So wanyu ahangamye mw’ijuru. »

Sinogenda ntashimye

Ndarengutse, ntuma

UMVIRIZA. RIRIMBA

Prier l’Office divin