Évangéliser les aréopages contemporains

Le Blog et l’Admin.

IDOMINIKA YA 30 YO MU MWAKA (Umwâka B)

Umuherezankuka mukuru yama atorwa mu bantu, ibanga ryiwe ni ukubaserukira ku Mana; ategerezwa guhereza amashikanwa n’ingorore kubera ibicumuro vyabo. Arashobora noneho guterwa imbabazi n’abacumura kubera ubwenge buke bwabo canke kuko bazimiye, kuko na we nyene ari ntamagara; ndetse bimutuma ategerezwa kwitangira we nyene inkuka y’ibicumuro vyiwe nk’uko abigirira igihugu. Lire la suite

Ubukuru nyabwo bushingiye kw’iteka turonderera abo dushinzwe gutunganiriza, bugakomezwa n’inema y’Imana

Ukwibuka Incungu z’Ukwikukira n’Intwaro Rusangi mu Burundi
Umuganwa Ludoviko Rwagasore na Prezida Melchior NDADAYE

Ibisomwa Vyeranda : Izaya 53,10-11 ; Abahebreyi 4,14-16 ; Mariko 10, 35-45

HomélieBen’icubahiro Barundi, Barundikazi mwese,
Turakoranye kuri uyu munsi, ngo dushimire Imana yatugize intara yayo yitwa Uburundi. Turakoranye ngo twibuke ko dufise iyo tuva n’iyo tuja, tubifashijwemwo n’abatugiye imbere bakazirikana iteka ryacu nk’Abarundi, bakarigwanira, mbere bakanabizira, haraheze imyaka haraheze imyaka itari mike. Twibuka aho Umuganwa Ludoviko Rwagasore yagandagurwa, hari mu 1961. Tumwibuka kuko yabaye incungu y’Uburundi mu kwikukira kw’igihugu. Twibuka kandi Umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, Incungu y’intwaro iva ku benegihugu biciye mw’ihiganwa n’amatora (démocratie), yagandaguwe mu 1993. Kumwe n’abo rero, twibuke n’abandi Barundi bafatanije n’izo ntwari mu guhananira iteka ry’Uburundi n’Abarundi. Nk’abemera, turahiriwe ko bihuriranye n’Umusi w’Imana, gutyo ngo dufashijwe n’iryo twigishwa n’Imana, ngo uyu musi ugire ico utwigishije haba mu buzima bwacu canke mu buzima bw’igihugu cacu. Twisunge rero Ijambo ry’Imana tumaze gushikirizwa muri ibi bisomwa vyeranda.

Ukwitangira abandi (le martyre), ni isôko ry’imihezagiro
Bavukanyi, ng’ico iciyumviro uwanditse ibi twumvise mu gisomwa ca mbere yashitseko, ariko azirikana amagorwa igihugu ciwe caciyemwo kiri mu buja, agaheza akabishikiriza avyerekeza ku musuku w’Imana yemeye amagorwa ngo abiwe bahatorere akajisho. Gutyo muri we no mu bo abwira, hakomera iciyumviro ko amagorwa, ugutotezwa mbere n’ukwicwa birimwo, bishobora gutuma abantu bakubitiza agtima mpembero, bakarahira kurengerwa n’inabi bakorerwa, gutyo bakitanga ngo ibintu bihinduke, agateka n’akaranga kabo bigarukirwe.

Ni navyo tuzirikana mu gisomwa ca kabiri aho dutegera y’uko (suite…)

De la prière adulte comme une vie de relation avec Dieu au vrai leadership selon le Christ. Servir, donner sa vie pour les autres.

Dans une famille, on célébrait l’anniversaire du mariage. Le mari travaillait dans une autre ville. Tous se mirent à préparer, chacun selon ce qu’il était capable. Quand le mari arriva le soir, tout le monde se dirigea à sa rencontre. Le cadet de la famille, à peine 3 ans, chansonna deux paragraphes qu’il avait appris par cœur. Le père le prit dans ses bras et lui donna des bonbons à sucer. Vint la fille qui avait 5 ans. Elle déclama un très beau poème à son Père. Emu, il l’embrassa et lui tendit juste un livret de poésies. Coïncidence ! Et ce fut le tour de la fille aînée (9 ans). Sans rien dire, elle présenta un bouquet de fleurs avec une belle carte postale qu’elle-même avait préparée. Le Père l’embrassa et lui présenta ses compliments pour tout ce temps qu’elle avait pris en pensant à la fête. En dernier lieu, c’était le tour de l’épouse. Elle resta devant son mari et les deux se regardèrent, les yeux dans les yeux, sans dire un mot. Toute leur vie, leur histoire ensemble, tout parlait, de façon éloquente. En effet, ce n’était pas le moment de parler, d’embellir (peut-être) leurs moments difficiles ou de chanter leur succès.
Il en va de même quant à l’âge de notre prière. Elle ne peut pas seulement être paroles, paroles, Lire la suite

Sinogenda ntashimye

Ndarengutse, ntuma

UMVIRIZA. RIRIMBA

Prier l’Office divin