Tega amatwi, Israyeli : Umukama Imana yacu ni we musa Mukama ; urakunda rero Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’ubwenge bwawe bwose, n’amagara yawe yose. Irya kabiri ni iri : Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Nta rindi bwirizwa risumba ayo. » Lire la suite
Ku wa 2 Munyōnyó: Ukwibuka abakristu bitavye Imana.
Urupfu azorwirukana ubutkigaruka. Umukama azohanagura amarira y’abantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kw’isi yose ; kuko Umukama yabivuze. Kuri uyo munsi, bazovuga bati : « Ng’iyo Imana yacu, twari tuzeyeko urukiza ; Umukama ni We twari twishimiye ; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye. » Lire la suite
Ku wā 1 Munyōnyó: Umusi Mukuru w’Aberanda bose.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (7, 2-4. 9-14)
(Mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose)
Jewe Yohani, mbona uwundi mumarayika aduga ava mu buseruko afise ikimenyetso c’Imana Nzima ; arasemerera abamalayika bane bari barungitswe gusivya isi n’ikiyaga, ati : « Imbere y’uko musibanganya isi, ikiyaga n’ibiti, banza murindire, tubanze gushira ikimenyetso ku ruhanga rw’abasavyi b’Imana yacu. » Nca ndamenya igitigiri c’abashizweko ikimenyetso : ibihumbi ijana na mirongo ine na bine mu miryango yose y’abana b’Israeli.
Ivyo biheze, mbona haserutse isinzi ry’abantu batagira igitigiri bava mu mashinga yose, mu bwoko bwose, mu ntara zose, bavuga indimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Ubwami n’imbere y’Umwagazi, bambaye ikanzu zera, bafise n’ibisanda mu minwe. Bahurikira hamwe bati :« Mana yacu uvyagiye ku ntebe, nawe mwagazi, ganza, sabwa ! »
Abamalayika bose rero bakikije ya ntebe, ba Batama na ba Bazima bane, bakubitira icarimwe ibipfukamiro hasi imbere y’intebe y’Ubwami, barunama ngo basenge Imana, bavuga bati :« Amen ! Imana yacu n’ishemezwe, ikengurukwe, yubahwe, itsinde, yiganze mu myaka n’imyaka ! Amen ! » (suite…)







