Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 136)
Archives d’Auteur: Patiri Lambert
IDOMINIKA YA 34 YO MU MWAKA = UMUSI MUKURU WA KRISTU MWAMI
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (5, 1-3)
Basiga Dawudi ngo abe umwami w’Israyeli
Umusi umwe, imiryango yose y’Israeli yaroye i Hebroni kwa Dawudi, imubarira iti : « Raba, twe na wewe dusangiye amaraso ! Na kera nyene, Sauli akiri ku ngoma, ni wewe wajana inteko z’Abanyisraeli ; kandi ni wewe Umukama yabwiye ati : ‘Uzoba umwungere w’Israeli, igihugu canje, kandi uzoba umukuru w’Israeli. » Uko ni ko abashingantahe bose b’Israeli bashengereye umwami i Hebroni ; ni uko rero bagiriranira amasezerano imbere y’Umukama i Hebroni nyene. Baraheza baramusiga amavuta ngo bamwimike ngo abe umwami w’Israeli.
IZABURI 121 (122) 1-2, 4-5
Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza
mu ngoro y’Umukama.
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,
bati : « Tuje mu ngoro y’Umukama ! »
Ubu noneho, turiko turashika
Mu birimba vyawe, Yeruzalemu.
Ni ho ibisata vy’Israeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israeli yashinzwe ibanga
Ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakolosi (1, 12-20)
Imana yadushize mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane
Ncuti zanje,
Nimukengurukire Imana Data,
Yo yaduhaye amagara y’ugusangira mu muco iragi ry’aberanda.
Ni Yo yadukuye mu muzimagiza, idushira mu Bwami bw’Umwana wayo ikunda cane,
We twaronsemwo urukiza n’ikigongwe c’ibicumuro.
Ni We gashusho k’Imana itaboneka,
Ni We yaboneye izuba zina kiremwa cose,
Kuko muri We ari ho vyose vyaremewe,
ivy’ijuru n’ivyo kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka,
yaba Abashingwantebe canke ingabocanke Inkomezi canke Intwaza z’ijuru :
vyose ni We yabiremye kandi
ni We maherezo ya vyose.
Yamye ariho vyose bitarahaba kandi vyose bibeshwaho muri We.
Ni We kandi Mutwe w’Umubiri wiwe ari wo Ekleziya.
Ni We vyose vyamukako, ni We mfura y’abapfuye,
Kugira ngo abe uwa mbere muri vyose,
kuko Imana yashimye ko umusesekara wayo wose
uvyagira muri Kristu,
igashima ko kubwiwe vyose bisubira kwuzura na Yo,
ari ivyo kw’isi, ari ivyo mw’ijuru,
igihe yazana amahoro kubw’amaraso yasheshe ku musaraba.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Iragahezagirwa ingoma ya sokuru wacu Dawudi,
ari yo ngoma y’ibihe bishasha !
N’ahezagirwe uwuje kw’izina ry’Umukama !
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (23, 35-43)
Umwami yihebeye igihugu ciwe
Bamaze kubamba Yezu, igihugu cari aho kirorera, abakuru na bo baramutwengera mw’ijigo, bati : « Yakijije abandi, niyikize we nyene, niyaba ari Kristu w’Imana, Intore yayo ! » Abasirikare baramutwenga na bo nyene, baregera ngo bamuhereze isiki, bamubarira bati : « Niwaba uri umwami w’abayahudi, niwikize wewe nyene!» Hejuru yiwe kandi hari urwandiko ngo : « Uyu ni umwami w’Abayahudi. »
Umwe muri nya babisha bari babambanywe na we aramutuka ati : « Mbega, uri Kristu ? Niwikize wewe nyene, udukize natwe ! » Ariko, uwundi aramwishura amukankamira, ati : « Ntumenya kwubaha Imana, wewe upfuye rumwe na we ! Tweho tuzize ikiri ukuri, tuzize ico twakoze ; ariko uyu we, nta kibi namba yakoze. » Araheza abarira Yezu ati : « Yezu, uranyibuka aho uzogira mu Bwami bwawe ! » Yezu aramwishura ati : « Ndakubariye ivy’ukuri : uyu munsi tuza kuba turi kumwe mw’Iparadizo ! »
Fidèles au Règne de Dieu et à l’histoire, malgré les adversités. Confiance. Persévérance.
Dimanche passé nous avons entendu comment la fidélité de Dieu est de toujours à toujours. Aujourd’hui, la liturgie nous invite à méditer sur la fidélité de l’homme qui, malheureusement, n’est pas constante. En Jésus-Christ, la miséricorde du Père s’est manifestée dans notre histoire, mais sa venue n’a pas représentée la fin de l’histoire. Le chemin de l’homme continue dans l’aujourd’hui, dans lequel nous sommes appelés à choisir entre ce qui est superflu ou à travailler sereinement, avec persévérance en vue du jour du Seigneur dont nous parle la 1ère lecture. Il nous faut donc être responsable puisque Dieu ne restera pas indifférent à l’injustice, les calculs des mauvais seront sans doute démasqués.
L’attente de l’accomplissement
Ce qui compte, c’est la fin vers laquelle tend toute l’histoire et la sagesse consiste dans le fait de savoir tout subordonner et orienter à cette fin. Les interlocuteurs de Jésus (suite…)
Idominika ya 33 yo mu mwaka C. Ijambo ry’Imana.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Malakiya (3, 19-20a)
Umunsi w’Umukama
Ng’uyu umunsi w’Umukama uraje, waka nk’itanure. Abishima n’inkozi z’ikibi bazoba nk’ibishingwe. Uwo munsi wimirije kuza uzobatongora, -uko ni ko Umukama Nyen’ingabo avumereye- nta n’agashitsi canke agashami uzobasigarana. Ariko, mweho abubaha izina ryanje, izuba ry’ubutungane rizobarasirako, rifise urukiza mu mababa yaryo.
IZABURI 97 (98) 5-6, 7-8, 9
Icit : Umukama azoza gucira isi
urubanza ruciye ku butungane.
Ririmbira Umukama mu nanga,
maze ijwi rihwanirane n’iry’inzamba ;
vugiriza impundu Umwami ari We Mukama,
urumbete rusekere, imyironge yitabire.
Ikiyaga n’ibirimwo vyose,
isi n’abayibako bose, nibisamirane !
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo n’itere impundu ! (suite…)






