Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Articles publiés par Patiri Lambert (Page 199)

Archives d’Auteur: Patiri Lambert

25 NDAMUKIZA : MARIKO MWERANDA, UMWANDITSI W’INKURU NZIZA

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Petero (5, 5b-14)

saint_marc1Ncuti zanje,
Nimwikenyeze mwese ukwifata ruto ngo mukorerane, kuko Imana irwanya abishima igaha ubutore abifata ruto. Nimwicishe bugufi munsi y’ububasha bw’ikiganza c’Imana, kugira ngo ibatere iteka igihe kigeze, muyiture imitwarariko yanyu yose, kuko ibafise ku mutima. Nimwigerere, nimwame mugavye : wa mwansi wanyu ari we shetani yama yiyerereza nk’intambwe iroha, irondera uwo yorotsa. Mumurwanye mugumije umutima mu kwemera, muzi neza yuko benewanyu bose iyo bava bakagera bagowe ayo mugowe. Na yo Imana nyenubutore bwose, Yo yabahamagariye ubuninahazwa bwayo bawaho muri Kristu, mumaze kubabara gatoyi, izoheza ibanogerereze Yo nyene ubwayo, ibasubirize umutima mu nda, ibaremeshe, ibakomeze. N’ihorane ubuninahazwa n’inganji imyaka n’imyaka. Amen.

Utwo tujambo natwandikishije Silivano mwenewacu akwiye kwemerwa uko niyumvira, kugira ngo ndabahanure, nkabigisha ko bwa butore bw’Imana murimwo ari bwo bw’ukuri. Ekleziya y’i Babiloni irabatasha be n’umwananje Mariko. Muramukanye namwe nyene mu kurwana mu nda nk’aberanda.
Muhorane amahoro mwese musanzwe muri Kristu.

IZABURI 88 (89) 2-3, 6-7, 16-17

Icit. : Urukundo rwawe, Mukama,
         ndaruririmba ubudahengeshanya.

Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozomenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : «Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava,
ukudahemuka kwawe na kwo kurashizwe mw’ijuru.

Ijuru riragukengurukira, Mukama kubera ivyiza wakoze,
riraguhaya mw’ikoraniro ry’aberanda kubera ingingo yawe izira guhemuka.
Mu bari mw’ijuru ni nde yokwigereranya n’Umukama,
mu bana b’Imana, ni nde yogira ngo angana n’Umukama?

Barahiriwe abantu bazi gutera impundu Umukama,
abazoza gukubita ibipfukamiro imbere y’inyonga zawe zikayangana ;
izina ryawe ribatera akanyamuneza igihe cose,
ubutungane bwawe bukarushirizaho kubahimbara.

INKURU NZIZA

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yanditswe na Mariko (16, 15-20)

Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe Cumi n’umwe ati : «Kwire isi yose, mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibitangaro bizokorwa n’abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : bazokwirukana amashetani, bavuge izindi ndimi kw’izina ryanje ; bazofata mu minwe, banywe uburozi bwica ntihagire ico bubagira, nibagaranzurira ibiganza ku barwaye, bano bazokira.»

IDOMINIKA YA 4 YA PASIKA :Yezu, Umwungere mwiza. (Umwâka B)

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 8-12)

Nta wundi muntu n’umwe ashobora kudukiza

Muri irya misi, Petero yuzuye Mutima Mweranda avuga ati : « Batware b’igihugu namwe bakurambere, ko uyu musi mutubazagiza kubera iciza twagiriye umuntu w’ikimuga, mukatubaza ico twamukirishije, nimuze mwabimenya mwese n’igihugu c’Israyeli cumve koi co kimuga cakijijwe n’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu Umunyanazareti, umwe mwebwe nyene mwabamba, Imana ikamuzura akava mu bapfuye. Iryo Zina, ni ryo ryakijije uwo muntu ahagaze imbere yanyu. Yezu ni we rya buye, mwebwe abubatsi mwataye, ryabaye ishimikiro ry’imfuruka. Nta handi hari ubukiriro atari muri we, nkako, munsi y’ijuru, nta rindi zina abantu bahawe ryagenewe kudukiza. »

IZABURI 117 (118), 1. 8-9. 21-23. 26. 28cd. 29

Icit. : Ibuye abubatsi bari bataye
         Imana yarigize iry’ishimikiro.

Canke : Alleluya.

Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Hako wishimira abantu,
Worondera amahungiro ku Mukama ;
Hako wishimira beningoma,
Worondera amahungiro ku Mana.

Ndagushemeza kuko wanyumviye,
ukambera Umukiza.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo :
ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.

Aragahezagirwa
Uwuje kw’izina ry’Umukama !
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza :
ngushimagize, Mana yanje !
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2)

Tuzomubona nk’uko ari

Bakunzi banje,
Nimurabe urukundo Data yadukunze uko rungana tukitwa abana b’Imana, kandi turi bo. Igituma isi itatuzi, ni uko na we itamumenye. Bakunzi banje, n’ubu turi abana b’Imana, ariko ico tuzoba ntikiraboneka. Ico tuzi, ni uko aho kizobonekera, tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza :
ndazi intama zanje, na zo ziranzi. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)

Umwungere mwiza yigura intama ziwe

Muri irya misi, Yezu yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona imfyisi ije, akazita aho, agahunga, nya mfyisi na yo ikazitwara kandi ikazishwiragiza. Ubwo rero, ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru rugo, na zo nyene mbwirizwa kuzizana zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nze ndabusubireko. Nta wubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ububasha bwo kubutanga n’ubwo kubusubirako. Ni ryo bwirizwa nahawe na Data. »

Seigneur, « Tu es là au cœur de nos vies, dans nos tourments, dans nos joies… »

Dimanche3paquesLa liturgie de la Parole de ce jour remet en ordre nos pensées, en faisant des comptes avec une série de conséquences erronées qui découlent de la résurrection du Christ. A ceux qui penseraient que Jésus est ressuscité et que donc, tout leur est permis, l’apôtre Jean, dans la deuxième lecture, nous avertit que connaître Jésus ressuscité va de pair avec l’accomplissement de ses commandements. A celui qui tenterait d’oublier que la résurrection advient par et après la croix, ce qui signifie une série d’événements dont nous sommes responsables en tant que pécheurs, Pierre nous rappelle l’importance de reconnaître nos péchés et, en même temps, la bonne nouvelle que Dieu est toujours prêt à nous pardonner si nous nous tournons vers lui. Et enfin, à celui qui croirait que Jésus est seulement un fantasme, Luc nous propose l’image d’un Maitre dont l’œuvre a des effets bien visibles devant ses disciples. Pourtant, ceux-ci, « dans leur joie, ils n’osaient pas y croire et restaient saisis d’étonnement ». Ils n’ont pas cette paix intérieure parce qu’ils restent paralysés par leur histoire récente, qu’ils ne parviennent plus à s’orienter. La paix du Christ les appelle à franchir un autre pas et dépasser ces tragiques événements. Oui Seigneur, « tu es là, au cœur de nos vies,… dans nos tourments, …dans nos cœurs tout remplis d’orages, remplis de joie,… ».

Que d’événements dramatiques se sont passés, pour ces pauvres hommes, depuis trois jours ! Le dernier repas de Jésus, jeudi dernier… l’arrestation au Jardin de Gethsémani… leur fuite à tous… le reniement de Pierre… le jugement infamant comme hérétique et blasphémateur… la mort sur la croix aux portes de la ville… la pendaison suicidaire de l’un de leurs amis, Judas. Le groupe de douze est devenu onze, par l’abandon et la mort de l’un d’eux ! C’est dans ce contexte qu’arrive, déconcertante, inattendue, la «résurrection.»

Il leur dit : «La paix soit avec vous.» C’est le «bonjour» habituel des juifs : «Shalom !»… «La paix ! Cette fois on ne peut pas s’empêcher de penser que, ce soir-là, le souhait traditionnel a dû prendre une signification toute particulière : c’est au creux de leur désespoir que Tu viens leur dire : «Ne craignez pas»… «Soyez en paix»… Avant sa mort, jeudi dernier, selon saint Jean, Jésus avait promis qu’ils retrouveraient leur paix après un temps de douloureuse perturbation : «Je vous laisse la paix, je vous donne ma paix…» (Jean 14, 27). «Vous allez être dispersés, chacun allant de son côté, et vous me laisserez seul… Je vous ai dit cela pour qu’en moi vous ayez la paix… Soyez pleins d’assurance, j’ai vaincu le monde… » (Jean 16, 32-33). Aujourd’hui, au soir de Pâques, la promesse s’accomplit.

Ce qui établit le témoignage pascal des disciples sur des bases solides, c’est une double expérience : celle de la parole et celle du repas. En s’ajoutant à sa manifestation visible, la parole du Ressuscité ouvre aux disciples le sens les Écritures. Ce n’est pas l’œil qui est décisif, c’est l’oreille, autrement dit l’écho que la parole de Dieu éveille en l’homme. Dans l’évangile d’aujourd’hui, l’argument scripturaire se conjugue avec repas au poisson, qui évoque sans doute le rite eucharistique. Un va-et-vient s’instaure ainsi entre l’écoute de la parole et l’action des croyants, à la fois célébration et pratique quotidienne. Dans l’épître, saint Jean formule ainsi cette polarité : «En celui qui garde fidèlement sa parole, « amour de Dieu atteint la perfection. »

L’obstacle à notre pleine participation à la résurrection, l’empêchement qui nous vaut un long d’éducation, est en effet notre péché. Saint Pierre le dit clairement à ses auditeurs : « Lui, le Saint, le Juste, vous l’aviez rejeté » ; « Lui, le chef des vivants, vous l’avez tué ». Ce n’est pas un réquisitoire, mais un appel à la conversion. Cet appel, lancé devant tout le peuple, n’est pas à destination seule des notables juifs qui questionnent Pierre. Saint Jean nous interpelle d’ailleurs lui aussi : « Mes petits enfants, je vous écris pour que vous évitiez le péché ».

Cet appel est vif, mais il est plein d’espérance, car, explique saint Jean, « nous avons un défenseur devant le Père : Jésus-Christ, le Juste ». Il est en effet « la victime offerte pour nos péchés, et non seulement les nôtres, mais ceux du monde entier ». Le choix de se convertir, de s’engager librement et résolument pour le Christ est donc rendu possible par la victoire de Jésus sur le mal et la mort. En cela son humanité est importante. L’homme, débiteur de Dieu a maintes fois tenté de s’affranchir de sa dette et de se rapprocher de Dieu par des sacrifices multiples et toutes ces tentatives se trouvent désormais leur accomplissement en Jésus-Christ. Il est, lui, l’agneau de Dieu. Or, parce que nous avons péché contre Dieu et parce que Jésus est vraiment homme, l’agneau pascal, au fond, c’est nous-mêmes. Par son sacrifice Jésus-Christ nous rend capables de plaire à Dieu, de revenir à lui. Voilà pourquoi il est important pour Jésus ressuscité de faire reconnaître ses mains et ses pieds et de manger avec ses disciples.

Voilà aussi la démarche dans laquelle saint Pierre est entrée en prenant la parole devant tout le peuple. Lui aussi a eu sa conversion, et Jésus lui a redonné la paix intérieure, bien qu’il soit pécheur, lui aussi. A présent, il enseigne avec assurance. Pierre les instruit donc du sens de l’histoire. Pas seulement de son contenu, mais aussi de sa direction. Car dans ces événements sombres, « Dieu accomplissait sa Parole ». Personne n’avait imaginé ce qui se produirait, mais à la lumière de la résurrection, il est possible de relire tout cela et de comprendre.

La résurrection met donc en lumière cet itinéraire et change notre idée de la conversion. Se convertir n’est pas seulement changer de vie pour la rendre conforme aux préceptes divins, c’est d’abord un acte volontaire d’adhésion au Christ, un choix délibéré de ne regarder que lui, le modèle de notre humanité. Nous avons à le faire aujourd’hui encore, pour que la grâce de la résurrection prenne son ampleur en nous. Oui le Seigneur est « là, au cœur de nos vies,… dans nos tourments, …dans nos cœurs tout remplis d’orages, remplis de joie,… », c’est lui qui nous redonne sa paix et son assurance pour que nous puissions témoigner de lui.

Combien de fois dans ma vie, Seigneur, suis-je scandalisé par les souffrances, par les difficultés, par les échecs et les chutes de ma vie. Combien de fois ai-je eu du mal à comprendre et à accepter ce qui m’arrive. Parfois je deviens tellement obnubilé par la croix dans ma vie, que je perds la joie, la confiance et deviens paralysé. Je suis tenté de perdre la foi. Seigneur, viens me visiter dans ce temps de prière pour me faire comprendre le sens de mes épreuves, à la lumière de ta Croix et de ta Résurrection. Tu es là. Tu es bien vivant. Bien qu’étant ressuscité, tu n’as pas perdu ton humanité. Tu es vrai Dieu et vrai homme et tu comprends ma peine et ma faiblesse. Viens me redonner la joie de ta présence et l’intelligence de la foi, pour voir que si tu me donnes une part à ta Passion, c’est bien pour, un jour, ressusciter avec toi, et revivre en toi. Renouvelle ma joie et ma foi, pour que je puisse, comme les disciples, reprendre le chemin de ma vie en vrai témoin de ton pardon, de la conversion et de la joie de ta Résurrection.